IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubudagi bwiyemeje gushigikira Uburundi mu gutegura amatora meza

Ubudagi bwiyemeje gushigikira Uburundi mu gutegura amatora meza

mardi 27 Rusama 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Bazombanza Prosper yakiriye intumwa zidasanzwe zivuye mu gihugu c’Ubudagi, bakaba bari barongowe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wo mu Budagi.

Peter Friedrich, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu Budagi, yakiriwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, kuri uyu kabiri, igenekerezo rya 27 Rusama 2014. Akaba yari kumwe na Bruns Brommer, aserukira Ubudagi mu Burundi, Gisela Anna Splett, umunyamabanga wa Reta y’Ubudagi, Simone Hockele Haffner, umuyobozi w’igisata, n’abashingamateka Anduas Gluck na Retra Heike Haffner.

Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akamenyesha ko intumbero nyamukuru y’urugendo rw’izo ntumwa zidasanzwe, kwari ukugira bavugane ingene ivyo gufashanya hagati y’ Uburundi n’Ubudagi bimeze. Mu bisata igihugu c’Ubudagi gisanzwe gifashamwo Uburundi, na cane cane mu mugambi w’ikimpumbi ca kabiri co kurwanya ubukene (CSLP2), hamwe no mu bindi basata nko mu vyerekeye kwigisha ibijanye n’imyuga.

Prosper Bazombaza amenyesha ivyo gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubudagi vyifashe neza muri muri rusangi. Igihugu c’Ubudagi kikaba ciyemereye ko kigiye kubandanya gifashanya n’Uburundi, kurushirizaho kububa hafi na cane cane gushigikira Uburundi mu gihe ca matora y’imirije mu mwaka w’ 2015, mu ntumbero yo gutegura amatora meza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.