Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Ubucuti bwa Kidum na Sat B bugeze kure bwatanguye gute?
Ubucuti bwa Kidum na Sat B bugeze kure bwatanguye gute?
mardi 16 Kigarama 2014
Inyuma y’iminsi itari mike Sat B ari kumwe na Kidum mu gihe ca Kenya, ubucuti bwabo bugeze kure. Kidum aramaze kwemera ko Sat b ari umuririmvyi akomeye cane, akamusaba gushishikara.

Bivugwa ko Sat B yoba yamenyanye na Kidum igihe haba umunsi mukuru wa Amstel i Bujumbura ahitwa cercle hellenique. Intango ya vyose, Kidum yoba yaramukije Fariouz aho yari yicaranye na Sat B, Kidum aramutsa Sat B nk’uwutamuzi, koko bishoboka ko yoba atari amuzi. Sat B aca ava hasi umubwira ati : "Mzee Kidum, ni jewe Sat B uhora wumva, none ko umenga unshira kure yawe kandi ndi umwana akeneye uwumufata ukuboko". Bivugwa ko Kidum yaciye atangara cane yumvise ari Sat B yahora yumva, araheza umubwira ati : " Urandondera tuvugane kandi umbabarire sinari ndakuzi."
Sat B abifashijwemwo na Ikoh Multiservice, nta minsi yaheze aca asanga Kidum mu gihugu ca Kenya, maze barakora indirimbo. None aho bigeze, Kidum yatangaje ati : "Sat b satura amabafle ni umu star kandi afise umwete mwinshi. Nakomere ku muheto". Hari umukunzi wa Kidum yaciye amwishura ati : "Ariko jewe nemera wewe Kibido, you are the best...", Kidum nawe amwishura ati : "Sinzokwamaho hano kwisi. Ntegerezwa kuguma ntegura abazonsubirira. Nico gituma aho nciye hose nguma nkorana n’aba jeunes."
N’uko rero gukorana kwa Kidum na Sat b bigiye gukomera cane kuko biboneka ko asigaye amufata nk’umwana ariko ararera kandi amwitayeho. Mu gihe ku magenekerezo ya 19 na 20 hari ibiteramo vy’agakura aho Sat B na Kidum bazoririmba, aho baciye bakorana ico bita "publicité" y’igiteramo. Muri iyo Publicité, Kidum avuga mu gifaransa, Sat B nawe akamusubiramwo mu Kirundi, batwenga cane.

Raba aha munsi uko Kidum na Sat B bakoze publicité y’ibiteramo vya Ikoh Multiservice
Cherif Nkeshimana
Messages
16 Kigarama 2014, 16:31, par BIZI
ABARIRIVYI BOSE BOKUVIKANA NIVYO BIRANGA ABA(STAR ONE LOVE)NIMWIKEBUKE RERO MWEBWE NTARINZE KUVUGA .THANGS
16 Kigarama 2014, 22:52, par So
Ndagukunda cane wewe ki KIDUMU nubwonabandi batavyanditse ngaha nsanzweziko ntabasumvya kugukunda arikonakomeje kugerageza Ngo ndabasumvye kugukunda arikovyarase tugumaturikurugerorumwe, ariko nawe uradukundavyukuri! Twebwe abomu Kinama, abomu Burundi, abomuri EAC, Africa nahandi. Niwirambire
7 Ntwarante 2016, 21:27, par niyitanga benjami
sat b kidumu nimukomere zeko kand ndabakunda kbsa
nubundi aba star nabakundana thank you very much kidumu vs sat b.
12 Nzero 2017, 12:26, par elvis
none ubusatura ari ? amezegute?ntandirimbo yoba arimugusoho?
24 Mukakaro 2017, 18:49, par Hervé bigirimana
NISAWA NATER’IMBER!