IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bugira kane kw’isi yose mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi

Uburundi bugira kane kw’isi yose mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi

dimanche 24 Ntwarante 2013

I Karusi aho hariko hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, muri komine Bugenyuzi ku genekerezo rya 22 Ntwarante, umupfasoni w’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Denise Nkurunziza yarashimiye abarundi bitanga batiziganya mu rugamba rwo kwubahiriza agateka k’umukenyezi.

« Uburundi bugira kane kw’isi yose mu bihugu vyerekanye ukwitanga mu kurwanira iyubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi, inyuma ya Leta zunze ubumwe za Amerika,Ukraine na Australiya.Ico kikaba ari ikimenyetso gikomeye cerekana ko amakungu akurikiranira hafi ibikorerwa mu Burundi » Ivyo ni ivyashikirijwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu.

Kubwa Johannes Wedening, aserukira Unicef mu Burundi, kw’izina ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amenyesha abarundi n’amakungu ko Leta y’Uburundi yahagurukiye gutuza amabi akorerwa abakenyezi, kandi ko Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije mu gukingira abakenyezi.

Umushikiranganji w’ugufatana mu nda n’agateka ka zina muntu,Clotilde Niragira nawe nyene yari muri ivyo birori, yamenyesheje ko iryo genekerezo rya 22 Ntwarante ryashimwe kuko rihurirana n’ishirwaho ry’ihuriro ry’abakenyezi ku rwego rw’igihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.