Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi burakwiye kuringaniza imigambi yo kurwanya impanuka zijanye (...)
Uburundi burakwiye kuringaniza imigambi yo kurwanya impanuka zijanye n’ihindagurika ry’ibihe
jeudi 21 Myandagaro 2014
Mu gihe ubushuhe bwagumye bwibonekeza ko buguma buduga, indwara ya malaria ikaguma iba nyishi, ubushakashatsi bw’amagara y’abantu bwerekana ko gushika mu 2050, malaria izoba nyishi mu ntara zo hagati, n’izo mu buseruko bw’igihugu.
Iryo hindagurika ry’ibihe rizotera intambamyi no ku bindi bice vy’ubuzima bw’igihugu nko mu burimyi n’ubworozi, mu gihe abanyagihugu batokwigishwa bikwiye ku vyerekeye ihindagurika ry’ibihe, n’inyifato bogira kuko iyo izuba n’agatasi vyahindutse, bituma umwimbu ugenda nabi inzara igaca iba nyishi mu gihugu.
Iyo ngorane y’ihindagurika ry’ibihe mu Burundi ntiyasize inyuma igisata c’amasoko ntangaguvu aho vyibonekeje cane akaba ari mu 2009 aho uruzuba rwabaye rwinshi kuva muri Nzero, ingomero zitanga umuyagankuba ntizaba zigitanga uwo zahora zitanga. No muri uwu mwaka nyene wa 2014, bikaba vyibonekeza aho amazi yagabanutse cane, umuyaga nawo ntuheze ngo ube ugitangwa ku rugero rukwiye.
Ivyirwa vyagizwe birerekana ko mu Burundi ingorane nyamukuru zijanye n’ihindagurika ry’ibihe rihagaze kandi ku myuzurira, bikibutsa iyatikije inganda yabaye mu kwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka turimwo, n’uruzuba ruguma rwibonekeza. Ntawosiga inyuma isenyagurika ry’imisozi ry’ibonekeza mu ntara zimwe zimwe z’igihugu.
Mu Burundi rero harakwiye kwongerezwa inguvu mu bushakashatsi bw’ihindagurika ry’ibihe, n’ivyirwa bigirwa bigashirwa ahabona, hakaboneka n’uburyo bwo gutanga amakuru ku vyerekeye ihindagurika ry’ibihe.
Anitha Bizimana