Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buri mu bihugu bibiri bifise amadeni make mu muryango wa Afrika (...)
Uburundi buri mu bihugu bibiri bifise amadeni make mu muryango wa Afrika y’ubuseruko
mercredi 10 Myandagaro 2016, par
Icegeranyo c’ishirahamwe riharanira iterambere mpuzamakungu (Society for International Development) co mu mwaka w’2016, cerekana ko amadeni ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’ubuseruko bifise ashobora gushira Akarere mu kaga kajanye n’ibibazo vy’ubutunzi.
Ico cegeranyo cerekana ko ayo madeni ashobora gutera akaga gakomeye, kuko amadeni y’ibihugu vya Kenya, Tanzania na Uganda ageze ku rwego ruteye ubwoba, nk’uko iryo shirahamwe ribivuga.
Kenya yari ifise amadeni angana n’imiriyaridi 14.5 z’amadorare ya Amerika mu mwaka 2014, Tanzania nayo iheranye ayangana n’imiriyaridi 12.5 z’amadorare, nayo Uganda ifise amadeni y’imiriyaridi 6.8.

Icegeranyo ca Banki nkuru y’igihugu ca Tanzania igaragaza ko amadeni Reta y’ico gihugu ifise yageze ku miriyaridi 18.2 z’amadorare muri uwu mwaka, mu gihe aya Kenya yose yageze ku miriyaridi 32 z’amadorare mu mwaka w’2016.
Ico cegeranyo c’ishirahamwe riharanira iterambere mpuzamakungu (Society for International Development) kigaragaza ko ukwiyongera kw’amadeni mu muryango wa Afrika y’ubuseruko kuri hasi mu Burundi no mu Rwanda, mu myaka mike iheze. Muri ivyo bihugu bibiri, igihugu kimwe cose gifise amadeni ari hasi y’imiriyaridi zibiri.
IGIHE
Messages
10 Myandagaro 2016, 14:23, par nkdn
uburundi ngo bashaka kubukura muryango wumva haramadeni meshi bufise urwanda nirureke kutwishiramwo tuzobaho
10 Myandagaro 2016, 14:25, par nkdn
uburundi ngo bashaka kubukura muryango wumva haramadeni meshi bufise urwanda nirureke kutwishiramwo tuzobaho
10 Myandagaro 2016, 15:17, par Hicuburundi
None hari utabizi ko twishuriwe n’Urwanda ?ugira harico leta y’u Burundi yishoboreye, Imana ihezagire u Rwanda
10 Myandagaro 2016, 15:34, par Bimana
Komera gihugu canj.simbimanga.
10 Myandagaro 2016, 15:43, par PEACE
AHO NISAWA!!!!
10 Myandagaro 2016, 15:43, par PEACE
AHO NISAWA!!!!
10 Myandagaro 2016, 15:52, par toma
Izo imiliyalidi za $ muvuga jewe ni yunvirako muriko murabesha , abamenyesha makururu bi gihe ntimutahura nez agaciro ki $ Nico gituma mugumà mwandik amamiliyaridi ya $
10 Myandagaro 2016, 16:30, par kweli
Uburundi bizishura ryari amafranga Urwanda rwabagurije binjira muri East African Community? Uretse kudutuka ngaho nimutwishure.
10 Myandagaro 2016, 16:32, par copy
ntimwitiranye kugira amadeni make no guterimbere!
10 Myandagaro 2016, 17:09, par Kanyosha
Ugereranyije kubutunzi ibihugu vya Kenya,Tanzania,Auganda bifise, mugihevyogira amadeni angana na miriyaridi 50 kuriburigihugu murivyobihugubitatu , vyobabinganya guhangayika nu Rwanda nu Burundi mugihe vyobabifise ideni ringana na miriyaridi imwegusa.
Kuko ugaburiye umunyagihugu wewe ivyodeni ucusanga umuriyaridi umwe kubanyarwanda canke kubarundi usanga umunyagihugu wurwanda canke wuburundi yosabwa kuriha ama $ arenga ibihumbi 100 kurarya Kenya,Tanzania,na Auganda batoye haraho wosanga burimunyagihugu wabo yosabwa gutanga $ zirimusi yibihumbi 100
Biriyabihugu muvuze ngobifise amadeni yumurengera bifize ahobikura nayotwebwe nku Rwanda
10 Myandagaro 2016, 18:02, par 79474150
martin ntirandekura
10 Myandagaro 2016, 19:07, par Jackson Tiger Abdallahman
Ese Byagenze Guteko Uburundi Bujyira Imyenda Micye Kandi Bavugako Bucyenye? Bwabundi Rero Ndabonyeko Ahifaranga Rihishe Ritavuga. Abarundi Ndabakuriye Ingofero Bazi Guteka Imitwe Pe!!!
10 Myandagaro 2016, 19:58, par toma
Ayo mahera muvuga ko Kenya iheranye , uburundi buyarose nkinfashanyo , umurundi wese yoronka 3200$ bisigura 5280000fbu kururi ton ya BRB , bisigura rero kwivyo mwandits aribinyoma , ntahobitaniye nivyo mwanditse kubijanye n’a parking yamakamyo yigitega. twara bakebuye muca murahindura , ubuho ho mwabujijwe niki gukosora kuriyi nkuru?
10 Myandagaro 2016, 22:54, par Deo ndi-km
Umugabo afata imyenda iyo afise imigambi !!!!!?
Uwudafise umugambi yo fata umwenda wiki ?? Kunanirwa kuriha niyo ngorane!!!
11 Myandagaro 2016, 04:39, par .
Yomwavuga amadeni uburundi hamwe nurwanda bifise nihomwarikuba mutanze inkuruyose nayo aho tuvyita kwifatira mugahanga ivyobihugu mwabuze ibitigiri vyamadeni bifise. Ikindi iyoyaba amadeni urwanda rufise arikuburundi mumwamwaciye muyashira ahabona ariko kubera ikikinyamakuru gihabwa canke kigendera kumategeko yomurwanda uyumwanditsi bamutegetse ngo uvuge murirusangi ngo uburundi nirwanda bifise ideni ririmusi ya miriyaridi 2 ndababwizukuri murayobashize kubirundi nurwanda uburundi bwobabufisemwo nka 1/6
11 Myandagaro 2016, 07:29, par Manirakiza Eslon
Ahubwo Uburundi Nibugabanye Kuriha Kuko Ntamugabo Atagira Ideni
Bareke Ayatotuma Badufatira Ibihano
11 Myandagaro 2016, 09:23, par musa
Nibazako abavyanditse babitohoje none KO mubihakana mubarusha gushishoza.NibuRwanda rwaratuguranye tuzabishura ntamugabutagirideni.
11 Myandagaro 2016, 10:37, par kamire
Gushaka n’ibikorwa nivyo vynyene bikenewe,, nihabaho gukora ntamadeni azosubira kubaho.
11 Myandagaro 2016, 20:29, par fdn
kweli urabaza neza u burundi ayo mahra urwanda rwahay ubrundi bwarayasubij
11 Myandagaro 2016, 20:29, par fdn
kweli urabaza neza u burundi ayo mahra urwanda rwahay ubrundi bwarayasubij
11 Myandagaro 2016, 21:20, par Niyongabo Jackson
aaa!!! kumbe niryo deni ryonyene dufise reka nk’abarundi bakunda igihugu dukorane umwete twishure iryo deni.
14 Myandagaro 2016, 07:45, par turaje
Ni mwishure ideni mufitiye u Rwanda kandi niba mwarayabuze muvuge babongere ayandi ntangorane u Rwanda rufise gose
18 Myandagaro 2016, 15:42, par BAVUGANUKURI Jacquison
erega abafise amadeni nuko bazi kuyakoresha,kiretse u rwanda rufise uburyo bukwiye.u burundi bwobwo ntamugambi wo kuyakoresha atarukwiba bashoboye.ni ba ruratotoye nyene.batotora abavyeyi nivyabo.
24 Myandagaro 2016, 11:47, par Désiré
Nipfuje naje jugira ico nshikirije.
N’ivyukuri ko amadeni y’Uburundi ari make cane mbere gushika kurugero rwo
musi ya milliards 2 za dollards USA.
Ibiharuro vy’ukuri cane gose.
4 Nyakanga 2016, 16:33, par Roberto
Uburundi Bwariyambitse Agashambara,mugihe Benshi Batabikeka,nivyiza Pe.
21 Munyonyo 2016, 16:50, par niyonzima
ayoni nimake tuzoyichura
1er Ruheshi 2017, 22:03, par FIACRE
Abarundi twakiz, turitunzany aryo kugend dutotora.