IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwatumiwe mu bindi biganiro i Bruxelles

Uburundi bwatumiwe mu bindi biganiro i Bruxelles

jeudi 22 Gitugutu 2015, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ritegekanya kuri uwu wa mbere kurungikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA urwandiko rumutumirira kuzokwitaba ibiganiro bizobera mu gisagara ca Bruxelles, ku magenekerezo azomenyeshwa hanyuma.

Ubwo butumire bugiye kurungikirwa umukuru w’igihugu bumutumira mu biganiro ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou ivuga ibivanye n’ugufashanya hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’ibihugu vyo mu karere ka ACP (Afrique, Caraïbes et Pacifique). Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA azoba afise iminsi mirongo itatu y’ukwishura namba azokwitaba ivyo biganiro canke atazovyitaba.

Nk’uko ayo makuru yemezwa na Federica Mogherini arongoye imigenderanire y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya abivuga, ikete ry’ubutumire bw’ukwitaba ibiganiro rizorungikirwa umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa mbere, umunsi w’ivyo biganiro ukazomenyeshwa inyuma y’inama izoba kuri uwo munsi wa mbere nyene igenekerezo rya 26 Gitugutu 2015. Reta y’Uburundi, muri iryo kete, ikazomenyeshwa ku mugaragaro ko yananiwe gushira mu ngiro ivyo yiyemeje, bisanzwe biri mu ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou, bijanye n’intwaro rusangi hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

JPEG - 101.4 ko
Federica Mogherini arongoye imigenderanire n’intwaro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya

Mu gihe Reta y’Uburundi itokwishura iryo kete mu minsi itarenga mirongo itatu, amasezerano y’ugufashwa kw’Uburundi azoca ahagarikwa yose burundu. Reta ifashe ingingo naho y’ukwishura iryo kete, ikemera ibiganiro, impande zompi (ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya na Reta y’Uburundi) zizoba zifise ameze ane (iminsi 120) kugira bumvikane ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ngorane burimwo, n’imfashanyo zice zisubire gutangwa. Aho mukibuka ko ibihugu nk’Ububirigi, Ubudagi, Ubuhorande vyamaze guhagarika imfashanyo vyatanga ku Burundi, mu ntumbero yo kugondoza Reta ko yokwubahiriza amasezerano ayihuza n’ivyo bihugu 28 bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya.


IGIHE

Messages

  • hahahaha abazungu vyabananiye kumutembagaza kubutegetsi none bafashe amayeri kumufatira iwabo kugira igihungu bagitange

  • Reka reka .Reka reka ako gasomborotso..President Pierre Nkurunziza ntagisubira gufata indege.None azoshika i Bruxelles gute?Baramusanga i Ngozi
    C est la seule facon de dialoguer avec lui

  • Baratize guhagarika imfashanyo iyo abategetsi bahaze bibagira yuko abaturange aribo nyirivyose uwo mukozi wa Peter Nkurikiye na Nyamitwe ni faranga zituma bavuga nibazibura tibazongera kuvuga ivyo Peter yabategetse

  • MUTAMA MUKUGENDA KWITABIVYOBIGANIRO UZOGENDE WAPANZABANA BABIZEGWA KUKO INTUNVA NTAHO ZIRAJA,HANYUMA ABIRIGWA BARAVUGA NGO RETA YANKURUNZIZA NGONTIYEMEWE KOBAMUTUMIYE BATATUMIYE NYANGOMA?RAMBA MUTAMA UWUZOJAHEJURU TUMUMESE

  • MURAMBABARIRA NGOMBA GUHITISHA ITANGAZO HARUMURUNDI ABA CANADA YAFASHE IJAMBO RYAVUZWE NUMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA YU BURUNDI YITWA NYABEDA PASCAL RIRIMURURIMI RWI CONGEREZA ACAFATA NAMAJAMBO YAVUZWE NUMUKINYI UMWE MUBAKINYI BIKIGANIRO CITWA NINDE BI BURUNDI, NONEHO AKAREKURA IJAMBO RYARIKO RIRAVURWA NAWAMUKURU WABASHINGAMATEKA AGACISHAMWO AGAHAGARIKA AKAREKURIRAMWO WAMUKINYI WA NINDE YARENGEYE KUMAJAMBO YAVUVUZE NAMWENYENE MURAZI ABANTU BABABARIKOBARAKIRAKINA. ICAMBABAJE NUKO MUMAJAMBO UMUKURU WINABA SHINGAMATEKA YAVUZE UYUMUNTU NDABABWIYE YAHENGEREYE HAVUZWE IBIKORWA VYARANGUWE NA PRESIDENT PIERRE NKURUNZIZA ACA ARAHAGARIKA ACACISHAMWO IJAMBO WAMUKINYI YAVUZE RYITWANGO’ IRYAMBWA! MUNCAMAKE NDASHAKA KUVUGANGO HARIHO AHONASOMYE HABUZA KWIMURA IBINTU VYUTUNDIMUNTU UKABIKORESHA MUGURTYOZA CANKE MUGUCONGANISHA,GUKOKEZA NIBINDI. UBURERO NDASAVYE NIMBABOTWEMERERA ABAKINYI BA NINDE BADUHE URURUBANZA CANKE DUFASHANYE TURENGUKISHE IMBERE YUBUTUNGANE UYUMUNTU YABIKOZE KUKOTWAHEJEJE KUMUMENYA UWARIWE. ARIKO ABAKINYI BANINDE BATATWEMEREYE CANKE NAMBABABONA ATACOBITWAYE NTANAKIMWE TWOBIKORAKO. NDASHAKA KUBABWIRAKO UWOMUNTU YABIRENGANISHIJE KURURI FACEBOOK.

  • Murabanza mwishure iryo twabandikiye ryo kurungika mu Burundi inkozi z $ ikibi 12 zahungiye muri belgique

  • NIVYIZAKUJAYOARIKONFISAMAKENGA

  • NIVYIZAKUJAYOARIKONFISAMAKENGA

  • Nkurumbi twotombora akanka kwitaba ivyo biganiro agafatirwa ingingo burundu hanyuma tukaronka ingene tumutoza iminwe.

  • nivyiza ubwo batanguye kwemanga ko Peter ari president wemewe muburundi, nibindi bazo vyemera. wait and see.

  • UH EEEEH ASHA IBISAKA VY’IMBWA NKA NKURUNZIZA NA ALAIN NYAMITWE N’ABAJA BA PETER ASHA UBU TUGOMBA DUPIME UBUG.ABO PETER NTANKEKA MURI CNARED IRYA NGOMA YIVYE BENE BURUNDI NTITUGENDA TUTAYIMWATSE NTAHO AZOGENDA ARONSE AYIVUGIRIZA CNARED OYEEEE

  • AKO NYAKUBAHWA NIWIBUKE ABAWE.

  • AKO NYAKUBAHWA NTIWIBUKE ABAWE?EGA IVYOBIHANO BADUFATIRA NTIBIZIJANA.INGARUKA TUZOZIBONA.IBUKA BIMWE BAFATA KURI NYAKUBAHWA BUYOYA.NUKURI NIWO WASI YARASHIKIRIWE

  • Ntaco Nikazima Bahaye Bemerako Ariperezida Noneko Batabwiye Yambwa! Nyangoma Aserukire Uburundi?Nahoyogenda Bihenze Nkakwakundi Yoca Abackira? Reta Nireme Turi Abasenzi!!

  • Mbega komboña yagizubwoba nabado ingoma yinyibano iragoye kuvuza peee

  • Mutama.Niwitaba Ibiganiro Uzugend Wapanze Akarere Kuko, Ba Niyombare Baracariho Mu Burundi.Hera Ubu Ubitegura.

  • Ha!!Mutama uriyumvira neza kuko ivyo bintu numva bigoye.wawundi ngo imbwa bayihendesha igufa,ntibakugire nk imbwa kuko ww urumugabo kandi ndazi uringabo.urabe neza ntibaguhendesh imfashanyo burya wosanga bafise imigambi yabo.1.wosanga bashaka kugufatirayo ngo bakurementanirize ibitaja ntibize.2,wosanga arintegura cteguye ngo bakwakire ubuzima mukirere kubera ndavye muri kahise kuburundi ntaciza cabazungu kuko vyaragaragaye ko bagize uruhara mwigandagugwa rya Rwagasore.mutama nimba munyumva,ndagusavye uje mucumba camasengesho usenge kandi winginge Imana yo mwijuru iguhishurire icinyegeje inyuma yibi bintu mbona nkumutego uhambaye.ntuzire imfashanyo kuko imfashanyo nyamukuru zitanga Uwurengey isi nijuru ariwe mana mushobora vyos yamyeho kandi azamaho ibih bidashira.Mutama ndababwire ikintu kimw nahishuriw cukuri:Igihugu cuburundi naco cimirije kuba ica rutura inyuma yibi bibazo.kuko nivyo vyaburaya biri kwisi yumuremyi nkiyi natwe turiko kandi ntivyari kuba ivyarutura iyo Imana itabisinyira ntatw tuzoshikirwa.

  • Hanoharihabantu bagitekereza ku Burundi bugikoronejwe nububiligi bumvise ivyu Bubirigi buvuze bacababona mengo nicakiboko bagombagukubita abarundi sikobimeze this is 2015 it’s not 60s. Umva harizina ryigihugu cu Bubiligi, hakongera hakabizina ryigihugu cu Burundi ivyigihugukimwe murivyo kubagikize ikindi kikabagikenye ivyontitwobipfa nabene ivyobihugu ntibanganya ubushobozi kubabatanganya ubushobozi ntivyotuma habaho abacabagendera kugakanu abandi ngumwe abariwe avuga ngoryijane uyundi avuze ntiyumvirwe. Umvarero mwabanyaburayamwe kubijanye nayomasezerano Cotonou twebwe duhagaze neza ntanakimwe twononye ivyonavyo mwobamwibazako haricotwononye mwazize kutamenya kuko abavyononye mwaciyemusimba mubabundako mubagira incuti zomunzu mbemurazikw’aimana yocizankubu yosanga arimwebwe mwononye ayomasezeranoyi Cotonou? Rekandababaze, nkumubirigi honyene yiketweko abakosa akacaza mu Burundi mwebwe mubimenye kwariburundi mwovyifatamwo gute? Ndabasubiriremwo gira icomugize abobantu munyegeje bakoze ibinyuranije namasezerano yi Cotonou mubarungikire ubutungane bwuburundi mbere munasabe ikigongwe uburundi nabarundi .

  • "UMANIKA AGATU WICAYE MUKUKAMANURA UGAHAGURUKA" TUREMEYE DUCIBWE?

  • uko biri kwose niyitabe ubwo butumire nabe nkurunziza nkuko abavyeyi bari mwise nayo abo bosha ,barota guta igihugu mu manga bitembagarane Imana yari yabumuhaye niyo izomwongera n’iyindi mandat ariko arek gutukisha izina muhutu mu karere no mu makungu ,ego Urwanda vyarabay ariko i Burundi nabwo ntitwoshima ko bwoherekeza ,Rema,ugend kdi uzogaruka amahoro ariko ntute igihugu mu kaga kuko Imana ntizokureka uganz hari amarira y’impfuvyi n’abapfakazi

  • Non Yoreka Kwitaba Ivyobiganiro Azoba Azi Ico Yiyotsa Amakungu Muzoba Mubibona Muraca Mufata Ingingo Zishoboka

  • Non Yoreka Kwitaba Ivyobiganiro Azoba Azi Ico Yiyotsa Amakungu Muzoba Mubibona Muraca Mufata Ingingo Zishoboka

  • Erega abaganira si babi. Ababi ni abafatira ingingo canke ibihano abandi batabanje kubumviriza. Nayo kwitaba si ngombwa ngo Prezida abe ariwe agenda, arafise abashikiranganji kandi arashobora kugena n’abandi bamuserukira mu manama. Ntampari rero zikenewe hagati y’abadika kuri runo rubuga. Mwibuke ko mwese muri bene Burundi, ikibi canke iciza kije mu gihugu kibashikako mwese.

  • Yihende agende. Igiti ntigukora mujisho kabiri. Brussels si Arusha!!!

  • TURAGOWE BADUSHAKIRA IKI TWITOREYE UWO DUSHA ADUTWARA 5YEARS
    Ariko abanyafrika naho mutwanka murabona akabonero
    BUT GOD ALMIGHT IS WITH US.HE REALY HEAR OUR CRY. BLESS HIS MIGHTY NAME IN JESUS CHRIST I PRAY AMEN

    AIMEE
    BURUNDIA STUDENT IN SOUTH AFRICA

  • Ni ukuri kw’IMANA ivyo bintu ni vyiza, gusa dusabe Imana ibituberemwo kugira ngo Uburindi n’abaarundi barronke amahoro. Imana ni vyose.

  • Ubwo azotinya gusohoka gushika ryari, no muri douche urupfu rwahamusanga. ahubwo nagume mu burundi kuko gusohoka yaca yihungira atabajijwe ivyo yakoze. abazungu bakamukingira ikibaba. ubwo bwoba bufite ishingiro !!!!

  •  falcon
    Uragatorwa munigo kijuju,burya naho bobimufatira mwomara imyaka ataco muramugira,ama negociations yoyo wewe n’abo i wanyu ntiboba bakiriho,mbe ko mwihutisha ibiganiro ata na cinq ans zirahera ngo tubaze twumvirane,itonde ico twikorera bandes de couillons

     @cedric
    ingoma iri mu minwe ya bene burundi,wewe n’utundi duhutu tutagira umimitwe ntaco mushoboye,gupima amazi na bunga,reka gutera ubwoba ivyo ntibigikora mu bahutu,ni ivya kera

    Ivyo biganiro azobijamwo kandi azobivamwo ,ntimwihende ngo ba niyombare mbe boca baza gutwara nde?na cnared nico kimwe ntawe bazotwara ba murota neza,ubu twarakenyeye dusigaje na twe kwamana umuheto hafi nkuko bwejeri yabivuze ahanura abatutsi b’abisirael baba mu burundi.

  • Ariko sinanka abasenga ariko ba muraba n amstegeko.kuko abazungu baraba amategeko gusa!!! Natwe rero nidusenge canke tureke ico sico kibazo .kibazo ni ukudakurikiza amategeko yanditse twemeye !!!!

  • Ashiii !!! Ubwo Azitaba Ubwo Butumire Ga Yemwe?Ibiganiro Niwomuti Wingorane Zir Mugihugu

  • Ashiii !!! Ubwo Azitaba Ubwo Butumire Ga Yemwe?Ibiganiro Niwomuti Wingorane Zir Mugihugu

  • Nta kintu na kimwe azoba. Bibiliya iravuga ngo iyo uhaye umukene uba uguranye Imana. Nta muperezida yigeze yitaho abana b’abakene, abarwayi n’abasaza nka Peter. Uravye amashule, amavuriro, imigambi y’iterambere myinshi amaze kwegereza abakene b’abanyarutoke, Nyangoma na Sinduhije ntavyo bigeze batwereka. Tuvugishije ukuri, kuva kuri Micombero gushika kuri Ndayizeye, mwari bwabone Uburundi busa n’ubwo kuri Pierre Nkuru nziza? UWO N’IMANA YAMUDUHAYE, N’AGENDE, AZOTAHA KUMWE NYENE YAGANUKA AVA i DAR ES SALAAM. Abo bamugwanya, bo ntibashobora gutumbera mu gihugu ngobatahe mu Burundi ku mugaragaro kuko bafise ubwoba bw’ibikorwa bibi bakoze. Kandi naho boza, bakareka ako kaguma kabo nabo nyene ntaco boba. Pierre Nkuru nziza Oyee

  • None kashize ingani tugire Psdt atarenga imbibe. Jewe ndamwemera mugabo n’uko yafashwe n’umutima w’ubugunge kandi niwo wamukuyeko iteka. Niyemere avugane n’abandi. Jewe nd’Umugumyabanga mugabo si numva ingene abatuboneye izuba mu mugambwe nawe arimwo yobomora ngo agume mu mahoro. Mbe umugambwe agira awuhe bande? Ubwo aribuka abamwakiye igihe ahunga avuye campus Kiriri agaca i Sororezo ku Kamazu akimukira mu Coga abamwakiye abaribo? Aribuka imisi yamaze i Buyengero musi y’umusozi Mutambu? Abo bose bamugaburira n’’ingabo bari kumwe arabangaje koko? agira afate koko ibere yonse acacure koko? niyikebuke haracari kare umugabo yogwa hama akavyuka aganire inzara afise n’iyo abandi bafise kandi ivyo kurya biriho habuze imitima myiza n’abariye indege ntibarayimara canke bamwe barapfuye bikazorya abandi.Kananira abagabo ntiyimye naho yoguma mu Burundi atinya pusch ntaco yotumarira twamutoye ngo arinde urukamvye si ugusyegenyera aho yicaye nk’agasurira. Vugana n’abandi ikiyago ni ciza

  • Ntakuntu Denise yokwerekwa peter akaja mubiganiro tukaronka agahengwe. Canke nyamitwe ntaco yovuga?? Peter ntaco agishoboye vyose baramutamika akanura amaso gusa!!!!

  • NKURUNZIZA NTIYOKWEMERA AHINTAHE ISHIZE UBURUNDI BUKOGORORA YOHEBA ICOKIRINGOGITEYE INGORANE YOBIKI??

  • Falcon,bite? Fidelité avuga aya muhe nk’uwugira apfe. Amacakubiri aramwishe. Yibuke neza ko i Rwanda abafise ivyiyumviro nk’ivya Fidelité vyo kumara abatutsi ariko vyarabataye ku w’amazi,bapfuye bayerera nka kayini abandi bariko barafatwa iyo binyegeje bagacibwa imanza za génocide. Menya ko Imana ikunda inkehwa. Iyo Mana nyene bama babeshera ngo barasenga kandi ngo niyo cabona cabo igiye kubamaramaza. Ahasigaye, Ko Imana iri ku ruhande rwacu ni nde azoturwanya ngo adushobore?

  • nimusenge imana gusa ibindi mubireke!!!
    Imana niyo yobarwanirira,Imana niyo itora umuyobozi ukwiye.

  • Ico kirofa fidelite carataye umutwe kubera urwanko rwakiremereye. None wewe ubona umuntu ufise ivyiyumviro nk ivyiyo shetani fidelite hari ubuzima afise ni igikenya kirirwa kiramoka amajambo amuvamo ni uburozi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.