IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Uburyo butuma umuntu agira umubiri mwiza

Uburyo butuma umuntu agira umubiri mwiza

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Ntivyoroshe kuvuga ko umuntu yogira umubiri mwiza mu gihe yaraye ijoro ryose adasinziriye. Kubura itiro bituma umubir i usa nk’uwurushe. Umera nk’uwuzazaniwe utibagiye amaso aca ahindura ibara agasa nk’ayatukura ,akaca amera nk’ayatagikanura neza. Hariho impanuro zisanzwe umuntu ashobora gukurikiza kugira umubiri use neza kandi umere nk’uwukeye.

Nta muntu atipfuza kugira umubiri usa neza. Eka na bamwe bikorera imyavu canke abakarani nabo nyene bararondera kugira umubiri mwiza n’ubwo baba batwawe n’ibikorwa vyinshi bikabatuma bataronka n’akanya ko kwitaho imibiri yabo mu kuyiruhurira canke mukuyiruhurira.

Umurongo ngurukanabumenyenyi www. utile.fr uradufasha mu mpanuro z’ukugene umuntu yoshobora kugira umubiri mwiza.
N’ubwo umuntu yoba yaraye adasinziriye, ni ivyankenerwa kwoga mu maso agaca yisiga n’amavuta yahagenewe kugira agire mu maso heza hakeye kandi amaraso ashore gutembera. Ayo mavuta yagenewe kwoza neza mu maso mukuyisiga ni vyiza gushimika mu maso na hafi y’umunwa.

Ubundi buryo nabwo umuntu yokoresha kugira agire umubiri mwiza mu maso, arashobora gukoresha agatambara yakojeje mu cayi gikanye akagashira ku maso nk’iminota mike ugaca ukurako. Birafasha gose mu gihe umuntu yaraye adasinziriye.
Kunywa ikirahuri c’amazi imbere y’ugufungura imfungurwa zo mu gitondo bizotuma amaraso yo mu mubiri atembera neza no gutuma ibihimba vyo mu mubiri bikora neza.

Guhema canke gusohoraimpwemu bukebuke bituma vyongereza uruja n’uruza rw’impwemu , bigatuma umubiri uhema neza ari naho umubiri uca usa neza.
Kunywa amazi y’indimu mu gihe ugira ufungure mu gitondo. Bikura imicafu yose yari yinyengeje mu mubiri.

Kwinonora imitsi nk’iminota mirongo itatu ku munsi ku munsi bifise ingaruka nziza ku mubiri kuko bituma naho nyene amaraso atembera neza mu mubiri.
Impanuro nyamukuru bahamagarira abantu gukurikiza ni iy’ukwihereza imfungurwa zoroshe aho naho umuntu agahitamwo izirimwo ivyoza umubiri na cane nk’imboga n’ivyamwa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.