IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ubuserukizi bw’Uburundi mu Budagi bwemeza ko imigumuko iri mu makomine atanu (...)

Ubuserukizi bw’Uburundi mu Budagi bwemeza ko imigumuko iri mu makomine atanu gusa

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubudagi buvuga ko amakomine atanu gusa ku yangana 129 agize igihugu, ko ariyo ari mu myiyerekano.

Kw’itangazo ryasohotse kuri uyu wa 29 Ndamukiza, rivuga ko ayo makomine atanu nyene ari nayo yaranzwemwo ihonyabwoko mu mwaka w’1993, inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, yari yitorewe kugira arongore Uburundi. Ubuserukizi bw’Uburundi mu Budagi, bukavuga ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo zikiwye z’ugukingira umutekano w’abanyagihugu, kandi ko igihugu cose gitekanye, hagumutse izo komine zitanu gusa. Ubwo buserukizi bwemeza ko umutekano mu gihugu wifashe neza, abari mu myiyerekano, ari abagumuwe na bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe na Reta, bamye batera igihugu ku va mu mwaka w’2010.

Nayo igihugu, akavuga ko kitazigera cihanganira umunyamahanga wese azoshaka kwivanga mu bibazo biraba abarundi, ubwabo. Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu c’Ubudagi, bukaba bushikirije ivyo, mu gihe abateguye imyiyerekano, bagiriza abariko baravangura amakomine ari mu myiyerekano, nka komine za ya Nyakabiga, Musaga, Ngagara, Cibitoke mu gushaka kugarukana ingorane z’amoko. Bakavuga ko n’izindi komine zose nka Kanyosha, Kamenge, Bwiza eka n’izindi zitandukanye zo hagati mu gihugu zagize imyiyerekano yo kwereka abarundi n’amakungu aho bahagaze ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Yaba Agaton Rwasa arongoye umugambwe FNL wigenga, Leonce Ngendakumana arongoye FRODEBU, abahoze barongoye Uburundi Domisiyano Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya, bose bakaba basaba abashaka kuzana itandukaniro ry’amakomine canke ubwoko ko aribwo buriko bwiyamiriza ico kiringo kubihagarika. Bati : ‘’Abari mu myiyerekano ni Abahutu, Abatutsi, abato n’abakuze, kandi bose barwanira ikintu kimwe, amasezerano y’i Arusha’’.

Tukabamenyesha ko bari mu myiyerekano, babandanya basaba amakungu ko yokurikirana ahubwo ikibazo c’abaporisi barasa abari mu myiyerekano bahagarikiwe na bamwe mu babatwara, hamwe n’abandi bakurwa mu mazu mw’ijoro, eka n’Interahamwe zivugwa ko zinjiye mu Burundi.

Aristide Nizigire

Messages

  • Muranyumvira ababantu ukuntu bongeye gukoresha ijambo rivugango har’Interahamwe zivurwa!? Ivyobihuhavyanyu bitebebitebuke tuzokwicara tubabaze neza icabatuma mubikoresha.

  • mbe sha nuwera wahora he? hiiiiiiii ha nibaza ko ivyo murementanya vyose abari mumigumukosubwoko bumwe yoooh murapfuye nabi mwarabukoresheje bikwiye ubu ntavyo mugishobora hahaaaaaa

  • NTABAHUTU BARI MWIBARABARA NABATUTSIGUSA KANDI BOSE BAVUYE MUMYIYEREKANO BARAHEMBWA ABITANZ KURUSHBNDI BAHEMBWA 10000-5000FB NIBINTU TWABONYE TURI BJMBRA TWARABABONA KAND TURABIZI NTBWO ARIGIHUHA BAMW BAVUY KUNTEG KRNDO GTGA MWARO NAHANDÃŽBAVA MUMAKAMBI ATANDUKANYE MUTOHOZ MUBAZ AHUBWO TWEBW ABANYAGIHUG DUSBA LTA Y,BRNDÃŽ NMAKNGU KO YOHAN ABOBAMENJA BAHENDESHABANT’UBUFARANGA BSHAK GUSBÃŽZA IGIHUG MMANGA BAHANWEBIKWIYE MBRE NUKOBIDAKUNDA BARIBAKWIYEGUKUGWA KRUTONDE RWABAZITOZA KUKONKABO BTANGIY’UBU HARAKANTU AHOBUKERABARONSE INZGO DUSAB UMTKANO MUBRUND NOKWSI YOSE MRAKOZE BAHANWEBIKIE NKOKWMVA AMASHIRAHMW AHRONI AGATEK KAZN MUNT AKRSHAMUMUGUMUK ABANA BIMYAKA15 NBANYEPRTKEBAMWBANWE NAKAMARAMAZA BITY IVYATI SIVYO KVGA AHUBWO N’AKUMIRO (ABONIBAMWE BASHKA DMKRAS?) NIYOBASHAKA? EMW TURAB NEZA AMAHOROTWARONS BIGOY NTADUCE MUMYANYA Y’INTOK

  • INAMA NAGIRA ABARUNDI NI UKO BAKWUBAKA IGIHUGU CYABO NAHO KWIRIRWA MU MIHANDA, NTANYUNGU IRIMO URETSE KWISENYERA IGIHUGU. AHUBWO NIBAREKE NKURUNZIZA YIYAMAMAZE YITORERWE N’ABATURAGE, ABATABISHAKA NABO BAZATANGE UMUKANDIDA WABO NAHIGANWA NA NKURUNZIZA AKAMUTSI AZITEGEKERE. NAHO AMATIKU GUSA SIBYO....

  • Shaaa pascal nsanze uri kiwerewewe pee. Ubwo ww uwokubaza aho ayo mahera bayatangura woyerekana, canke nugupfa kuvuga. Unomunsi nitwebwe ejo ni ww kuko namwe abahutu ntimukundana mukunda inda gusaaaa

  • Ahubwo izo nterahamwe ico peter nuruhande rumwe rwumugambwe wabo wabemereye twarabimenye!!!!!!!!

  • MBE opposition mugire mou muhigane na peter mugomba gutwara muciye mukato ,murazi KO mudakunzwe na coup itabananiye none kabuzubwenge ahunze si umututsi kdi umukino n,uwa bene wabo muve mu mamatiku petet yitwarire MBE imyaka 490harimwo mandatory zingahe?about biyita KO baywaye na ntiba yartwaye kweri! Na coup y,amabuye ni yinumire perezida ni Peter wadusubije mu vyacu nyuma yimyaka40 tudakandagira mu gihugu cacu.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.