IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwoba bushaka ukuri canke ni ukwisamaza ku rupfu rwa (...)

Ubutungane bwoba bushaka ukuri canke ni ukwisamaza ku rupfu rwa Manirumva

samedi 5 Ndamukiza 2014

Mu mashirahamwe ariko aharanira kumenya ubutungane ku rupfu rwa Manirumva Ernest bamenyesha ko ivyashikirijwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ari ugushaka gusamaza abantu, kugira abagirizwa urupfu rwa Manirumva ntibaze bamenyekane.

Pacifique Nininahazwe, arongoye rimwe mu mashirahamwe yiyemeje gukurikirana kumenya ukuri rupfu rwa Manirumva, ashikiriza ko ritabaye irya mbere ubutungane bushaka kwisamaza, kuko mu kwezi Nyakanga 2011 bwatumyeko abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kugira babagireko amatohoza, bikaba vyaboneka ko bariko barondera abo bovyegekako birengagije ibihangange bidakorwako vyavuzwe mu matohoza yakozwe n’abahinga bo muri FBI batumweko na Reta y’Uburundi.

JPEG - 36 ko
Pacifique Nininahazwe

Nk’uko Pacifique Nininahazwe abishikiriza, namba vy’ukuri umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika afise amakuru ko Rufyiri yoba ari mubagandaguye Manirumva, nibamukoreko ibipimo vya ADN, ariko babikore no ku bandi bategetsi bo mw’igendereza n’igiporisi bavuzwe aribo umukuru w’ibiro bikuru vy’igendereza Général Adolphe Nshimirimana, uwari icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi Général Ndirakobuca Gervais, batazira "Ndakugarika", hamwe n’uwari arongoye igiporisi mu karere k’uburengero David Nikiza, nk’uko vyasabwe n’umurwi w’amatohoza.

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yavuze ko Gabriel Rufyiri yoba ari mubagandaguye Manirumva mu gihe amashirahamwe yaheruka kwandikira umukuru w’igisagara ca Bujumbura bamumenyesha ko batunganije urugendo rw’amahoro rwokozwe ku genekerezo rya 9 Ndamukiza 2014, bibuka imyaka itanu izoba iheze Ernest Manirumva, icegera c’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME agandagurwa. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaciye yankira ayo mashirahamwe gutunganya urwo rugendo, n’ikiganiro ku rupfu rwa Manirumva cociye ku nsamirizi zine gica kirahagarikwa. Pacifique Nininahazwe abona ko ari ugushaka ko ukuri kutamenyekana ku bagandaguye Manirumva Ernest, n’imvo zabibatumye.

Ernest Manirumva yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kuwa 8 Ndamukiza 2009, rishira iryo kuwa 9 Ndamukiza 2009. Ikiziga ciwe catowe ku rugo iwe ku Mutanga. Imbere y’uko agandagurwa, Ernest Manirumva yariko akora amatohoza ku nkoho zagurwa ariko ntizishike mu gihugu. Izo nkoho zaburirwa irengero zagurwa n’ubushikiranganji bw’umutekano bwari burongowe na Alain Guillaume Bunyoni.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibareke kwitezutunyoni bibazako basumvya FBI kugira itohoza??nibamaramarire kumusozi abamwishe barazwi nabonyene bavugwa kandi na pancrase cimpaye nziyarabavuze simbona ivyo ubutungane bwiyobagiza.

  • aba dd vyabapfanye kweli, none ko wumva ari rupfiri yamwishe kuki banka ko bakora urworugendo? kugira mama wanje uyo tufyiri ashengezwe, mbe ubu hoho bamukunze cane kugira bamukingire ntamenyekane? ukwo nukwibesha sha muzohinyuka tu umengo nabana baba adolescent batazi ivyo barimwo umengo nibi voiyou botiyumvira ikikintu nicaba gutya ingaruka izoba iyahe? birababaje kugira abategetse nkamwe

  • Amatohoza amaze gukorwa kuri Ndadaye arihe ko mushira ub wo buzuru hejuru?Buyoya,Bikomagu ,Busokoza mwibaza ko tutaziko aribo bamwishe?tutibagiye Sinduhije!!!!nimureke basha kudukora munkovu

  • Injavyi ziramenyana uwurero Pacifique Nininahazwe abonye injavyi mugenziwe habayibimwagira amaso amubanye umunani! Ariko kuvugako umu General ariwe yafashe inkota namahiri akajakubundabunda kwica ivyomwarabishigikiye mberemuraboha nomubihugu bitaribike kugezanaho bamwemuraboba General ibihugu bimwe bivugako bihagaritse ingendo zabamwemwaboba General guhonyoza ikirenge murivyo, izonzigo mufise bitebebitebuke mugihekindatevye mugiyekumaramara mu Burundi nomumakungu yose. Amatwi ansumira nuko ibihugu bikomakomeye bisanivyamanze kubonako atawokomeza kwizera ibivuzwe namwemwayo mashirahamwe yomuburundi avugako adaharanira ivyicaro muri reta, kubwivyorero bamwemurabo ndabahaye imyaka idashika itatu abobose biyita ngobari mumashirahamwe adaharanira ivyicaro muri reta bazobabamaze kumaramazwa, ivyobigiyegukorwa kurwego mpuzamakungu muntumbero yuko mwenayo mashirahamwe amazekubonekanako amazeguteza imvururu mubihugu bitaribike kw’Isi arinavyo ayomashirahamwe yomuburundi yakifuje gukora kuva mumwaka 2010 kuvamwuwomwaka bihaye intumbero yuko umuntuwese azoza araza mu Burundi yabumurwizatunga, yabuwuserukira igihuguciwe, yabuwuvuye murayomashirahamwe mpuzamakungu, nabandi kwarukuvugako ikigihugu mugihe kikirongowe nabakirongoye uyumusi ,kandi kikaba kigifise aba general abanaba bahereye kuri Adolphe Nshimirimana nabandi ariko biganjemwo abahutu arinavyo bamwe nabandi bavyibazamwo vyishi! Ivyovyose barabikoze ninavyovyavuyemwo guhagarika Adolphe Nshimirimana kudashobora guhonyoza ikirengenge muri America iyorero niyontsinzi namajambere yayomashirahamwe avurwa ngahamuburundi ngwadaharanira ivyicaro muri reta, Rekandababwire ngahakw’Isi ntakintu kirwanywa nkirwara yitwa SIDA (AIDS) ariko kubera ubusambanyi bukomeza buterimbere iyo SIDA ntizigera ihagarara gukwirakwira, Nayobashirahamwerero kubera yinyegeje inyuma yotwiyita abagiraneza bakunda abarundi kandimuvyukuri bifitiye iyindintumbero ayomashirahamwe yihishinyuma. Nivyonababwiye bamwenabandi baguduye bigiyegutuma bamwe murabo bahagarariye ayobashirahamwe mu Burundi bagiye kumaramazwa ryaka. Ndababwire ibintubibiri bibandamiye igihugu ni: IBITURIRE, NAYOMAJAMBO YAYOMASHIRAHAMWE YABA PACIFIQUE NA VITAL ,RUFYIRI, AMASHIRAHAMWE SIYOMABI AHUBWO ABAYASERUKIRA NIBOBAFISE IMITIMAMIBI SINZIKWARUBWARA BUKIBARIMWO ARIKOSUBWARA NINZIGO BAFITIYE UBUBUTEGETSI UWUSANZWENAWE ATIYUMVAMWO UBUTEGETSI NTAKWIYE GUHAGARARIRA AMASHIRAHAMWE NKAYO.

  • Dadaye we yari agahere ? abanshingamateka nabashikiranganji biwe bari uduhere ? ahah abantu bapfuye bishwe nabo tuzi bangana iki? uriya yarishwe apfa nkabandi bose ... abo uvuze nahoboba aribo bamwishe bazohanwa hataguriye kubi she ndadaye rwagasore abatumye indege guhumbahumba abantu intega namarangara .....

  • Bury. Cndd haraho yibaz. Ko. Un jour ibibariko barakora,guhohotera no kwica abantu bunyamaswa,ubusuma,nivyiyumviro vyubugugu...ko buca babibazwa kimwe kimwe cose ukwaco nuwakigize.twosaba amashirarahwe yigenga abandanye yandika ivyigeranyo vyamabi cndd irimwo irakora ubusuma,ubwicaanyi nibindi..kugira ahobukera abarundi bazomenye abahekuye uburundi nabarunBury. Cndd haraho yibaz. Ko. Un jour ibibariko barakora,guhohotera no kwica abantu bunyamaswa,ubusuma,nivyiyumviro vyubugugu...ko buca babibazwa kimwe kimwe cose ukwaco nuwakigize.twosaba amashirarahwe yigenga abandanye yandika ivyigeranyo vyamabi cndd irimwo irakora ubusuma,ubwicaanyi nibindi..kugira ahobukera abarundi bazomenye abahekuye uburundi nabarunBury. Cndd haraho yibaz. Ko. Un jour ibibariko barakora,guhohotera no kwica abantu bunyamaswa,ubusuma,nivyiyumviro vyubugugu...ko buca babibazwa kimwe kimwe cose ukwaco nuwakigize.twosaba amashirarahwe yigenga abandanye yandika ivyigeranyo vyamabi cndd irimwo irakora ubusuma,ubwicaanyi nibindi..kugira ahobukera abarundi bazomenye abahekuye uburundi nabarunBury. Cndd haraho yibaz. Ko. Un jour ibibariko barakora,guhohotera no kwica abantu bunyamaswa,ubusuma,nivyiyumviro vyubugugu...ko buca babibazwa kimwe kimwe cose ukwaco nuwakigize.twosaba amashirarahwe yigenga abandanye yandika ivyigeranyo vyamabi cndd irimwo irakora ubusuma,ubwicaanyi nibindi..kugira ahobukera abarundi bazomenye abahekuye uburundi nabarundi

  • Uwo muntu yiyita nukuri,enga afisukuri kwishi!ati na ndadye baramwishe nnabamwishe barazwi ati rero nntacobuza umuntu nka ernest yicwa kuko arumuntu nkabandi!iyomvugo yawe nivyiyumviro vyawe...sinokubwir nabi...gusa abamwishe nuko ejo buca tubamenya nihaza ubucamanza nyakuri noneho barazwi abo ba general bawe na dossiers zose bagirizwa...ntanuwuzocaruka muri cndd kuva hejuru gushika hasi bose turbazi yaba hari igihano cokwicwa direct nirwo rubanza twobaciriye muga ntaco....nibbe bararya umuhero burakeye.

  • UWO MUNTU YIYITA MAMA AFISE IVYIYUMVIRO BITONZE KURI DD GUSA >MURAGOWE ABATABONA KO HARI MAUVAISE GOUVERNANCE MURI RUSANGI ,,NONE MWEHO NTA NKURIKIZI MUBONA!!!ABA DD UMENGO MWARIYE UMUTI ..NONE MANIRUMVA YIRIYAHUYE !!!ABO NYENE GENERAUX ANALPHABETES NIBO BAMWISHE KUKO BANKA KO NKURUNZ AHINYUKA HIIIIIIII NAKO ADPLPHE YIFITIYE IVURIRO NTA HANZE AKENEYE KWIVUZAYO WEWE WIYITA MAMA!!!!WOSANGA UFISE MWO INCUTI!!!!IVUINANYERIRO ARAVUZA NA ZIRYA NZIRAKARENGANE!!!! AHA TURAZINANYE !!!.NONE ADOLPHE KO ATIVUZA HANZE..AHO MBWIRA UWO YIYITA MAMA.NTA CIYUMVIRO ..ARIKO NA RADJABU YARATURUYE NAWE RINDIRA

  • Nguyo pacific nawe aratanguye,umenga abobagabo barabobwa kumunwa,batariko baravugira kuma Radio ntibunva amahoro.unomusi wunvise vital,bukeye naho ukunva Rufyiri,bwaca kandi ukunva uyo pacific,jewe haraho nibaza ko bariye umunwa w,inyonvi.agatondo,umugoroba baguma bavuza induru,none gayemwe iherezo ryabo rizoba irihe?.kwigira incabwenge itariyo birababaje,harigihe mwibaza ko mufisubwenge mwenyene,ewe pacific uko wasa kumubiri iyaba ariko wasa mumutima,nomuvyiyunviro,barayamaze bati ukumuntu asa kukibiribiri bitandukanye kure nuko asa mumutima.murihenda ivyo mugira vyose turabibona.ntamutaru muzodusimbana.

  • Uyumugore witwa Mama azigushishoza rwose!!! Ntamu Gen wafata ibisu namahiri ngwajyekwicya ndabarahiye!

  • nihatari mama yangu ngo aba general bafashe umuntu bamutema amapanga ... uwo yoba ari general wahe ? aho uyu mu pasfique yakavugiye ko atarawuramukorako cakora muburundi ivyo ukwishira nukwizana birenzeko !!!!!

  • WEWE WIYITA@ MAMA@, URATEYE ISONI KANDI SAKIRIMI KIBI YATANZE UMUROZI GUPFA!AHO IVYO UVUZE WUMVA BIFISE UMUTWE N’AMAGURU?BIRABONEKA NYENE KO URI IKIJUJU KANDI NO MW’ISHURE BIRABONEKA KO UTAMENYA KUKO WAMA URWA HORS SUJET!

  • Mbe igihe cose ko mwiriza ngo Ndadaye barishwe,igisoda niabahutu,ubutungane abahutu,igipolisi ntanuwota umwanya akivuga,abatora amategeko banyakubahwa abahonorable mwitoreye ni abahutu abatutsi nabo basangiye ububwa na nduwasatani,none murizwa niki???Buyoya yurira indage iminsi yose,Busokoza yabaye deputé na vice president arimwe mumushizeho!None ivyabahutu jewe vyanyobeye!Ubu umuhutu yishwe na CNDD FDD umungo birarekuwe ,umenga we nta nyina,nta mwana ntamwene wabo bafise!Pacifique niwe wenyene yubahuka akabavugira none mwabaye ntahofatwa???Ntimuzi ico murondera!Umunsi mwatoye ababarongora atamazuru muravye hari naho muzosanga aribo babatunganiriza!Jewe mvunga nti CVR muguma murindiriza mufise ibitigiri muri assemblée mwoshaka mwoyishiraho abahutu mugaheba bakagandara bazi ivyababeyeko,abatutsi nabo nyene bakabaza avyabo !

  • Ndavye ivyo vyose muvuga ntakintagaza kuk hari abavuga ko barwanya akarenganyo mu misi iheze ariko ubu aribo basasira indava ikibi!Raba banturenganywe, amaraso yasesetse ngo bariko bararwanya akarenganyo,... ngo genocide intellectuel, none sindi mwibarabara,abantu ntibirirwa barapfa n’ayandi mabi twarabitoreye?Turiko turabahinyura abo bose bavuga!Pacfique twomutora ngo aturongore ndazi ivyo avuga vyoba biheze!Uwushaka ampinyuze.

  • @ Maso uwogutuma kuzana ibijuju vyabarundi bagasanga washizemwo najewe Mama bokwita umurwayi wingwara yomumutwe.

  • @Mama abandika kuri ino site bose niwe wambere uri ikijuju kuk ivyo wandika ntamuntu aciye ubwenge yovyandika.Mukuvuga ucira inkonda!Naho wohindura izina gute ntawokuyoberwa!Umugabo muzima afise ivyiyumviro vy’umwana!!

  • PACIFIQUE WEWE WARI INCABWENGE MUGABO NTUZI UKO UKORESHA UBWENGE BWAWE.

    GABANYA AMACAKUBIRI Y’UBWOKO UKORE MUNTUMBERO YO GUTEZA IMBERE UBURUNDI ABANTU BESHI BAZOKWIZERA.

    NDABIKUBWIYE KANDI NDAZI KO NTARI UWAMBERE NDAKWIBIYE AKABANGA.

    KORA NK’UWIZE URENGERE UBWOKO UZORABE KO UTAZOSHIKA KURI VYISHI.

    ITANDUKANYE N’BA PAYSANS BATWARWA NA EMOTION UGASANGA BAVUGA IBITUBAKA .

    TU ES ENCORE JEUNE , TEGURA KAZOZA KEZA UREKE AYOMACAKUBIRI

  • Abatutsi ubu rero mwahagurukiye icarimwe ngo musubire kumara abahutu?
    1963 1965 1972 1988 1993-2003 ahohose naho abahutu bishwe nkibimonyo bazira ubwoko bwabo
    None ko mwabamaze muzokwica bande?
    Mbega wewe igihe wari umu sans echec uribuka igitigiri c’abahutu wishe?
    amaraso y’abantu aratera umukoshi ngoho uzokwibaza ngo ni ubuhizi kumbure ari ugusara.
    "ABOBISHE BAZOBAHUMIRA UBU IBINTU BIGIYE GUHINDUKA. ABAGORE BABACA AMABERE , BAKABAZIBAGURA YEMWE IMIGANO, IBISOGI BIKANDARA, MWUNVE YEMWE AMABI Y’ANA SANS ECHEC"

  • @ Maso,rekandagusubiriremwo, wewe bagutumwe ibijuju ukazana jewe bovugako wacanganyukiwe, ikindi.
    kw’Isinzima haje abantu bagasoma ivyowandika kubijanye nu Burundi maze kwizina ryawebagashiraho akamenyetso gasubirira izinaryawe kwizinaryanje naho gurtyo, mazebagakosora bagatanga amanota batazibene kuvyandi ndakubwiyeko vyogufashakwibuka ijambo ryitwango: hakwishima woshimwanabandi canke ukimaramarira.

  • Muratubwirira Pacifique ahende abatamuzi nayo tweho twarikumwe mw’ishure turamuzi.Burya umu sans échec de carrière arafise ivy’ahanura abantu?Amaraso y’abahutu yatuririye mu mapine bangana iki?C’est encore trop tôt pour oublier.Ko ari intwari yakoze iki igihe bafata Ndadaye n’abamufasha?Abamukoresha ni bamuhembe afungure ibisigaye areke gukora abantu mu nkovu car il n’est pas si intègre que ça.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.