IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubwicanyi mu Ngagara : Abanyagihugu baravuga uko vyagenze

Ubwicanyi mu Ngagara : Abanyagihugu baravuga uko vyagenze

mercredi 14 Gitugutu 2015, par egide

Abantu bagera kw’icenda nibo bamaze kumenyekana ko bishwe bagandaguwe mu Ngagara, mu gihe mu giporisi bavuga ko bariko barakurikirana inkozi z’ikibi zari zihejeje kunyuruza abaporisi batatu, umwe akicwa arashwe, uwundi agakomereka.

Nk’uko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo mu Ngagara karitiye ya gatatu, ahabereye ubwicanyi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, vyose vyatanguye hagati y’isaha icumi n’isaha cumi n’imwe, bitewe n’abana bariko barakina baca bicwa n’abaporisi. Abanyagihugu boba baciye bafatwa n’agashavu, barivuna mu gutera gerenade mu baporisi. Haciye haza abaporisi bo muri API binjira muri karitiye ya gatatu ya Ngagara, bakadodora babwira abanyagihugu ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka. Abo baporisi baciye batera ku rugo rwa Christophe NKEZABAHIZI, umumeenyeshamakuru wa RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi).

JPEG - 19.4 ko
Christophe NKEZABAHIZI yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi)

Ababanyi b’umuhisi Christophe NKEZABAHIZI bamenyesha ko yumvise akamo k’abaporisi kavuga ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka, aca aja hanze. Abaporisi bamubwiye uduze amaboko, baca baramurasa, co kimwe n’umugore wiwe hamwe n’abana babiri. Muri urwo rugo bakaba bahishe abantu batanu, harimwo n’uwundi mwana yariko yigana n’umukobwa wa Christophe NKEZABAHIZI.

Mu giporisi barabihakana

OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abapfuye bahitanwe n’amasasu y’abaporisi bariko bakurikirana abo yise Inkozi z’ikibi zariko zirarasa.
Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asigura ko intango ya vyose ari abaporisi batatu bari baciye aho mu Ngagara, ku kabarabara bita BUYE, baca baranyuruzwa, babiri barabohwa mu nyuma bararaswa hakoreshejwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Umwe muri abo baporisi babiri yaciye apfa, uwundi arakomereka cane.
OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abaporisi baje gutabara bagenzi babo baciye barasana n’abo bantu, abo nabo batera binjira mu banyagihugu kubinyegezamwo kugira babagire inkinzo zabo. Muri ukwo kurasana, OP1 NKURIKIYE avuga ko abantu bagera kw’icenda bitavye Imana, ibiziga indwi bikaba vyabonetse ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, ibindi bibiri biboneka mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ku kibazo c’uko muri abo bantu icenda bagandaguwe, bane bose ari abo mu nzu imwe mu muryango umwe w’umumenyeshamakuru wa RTNB Christophe NKEZABAHIZI, OP1 Pierre NKURIKIYE asigura ko bashobora kuba bahitanwe n’amasasu igihe igiporisi cariko kirasana n’abantu bitwaje ibirwanisho, ariko abanyagihugu bakavuga ko abishwe barashwe n’abaporisi bo mu rwego API rucungera inzego. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

Ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’amezi abiri kugira umutekano ube wagarutse muma karitiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura amaze igihe arangwamwo umutekano muke. Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko iryo hangiro ry’umukuru w’igihugu rimaze gushikwako ku bice birenga 90 kw’ijana. Ariko rero n’aho ubushikiranganji w’umutekano bumenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi, habandanya kwimvikana amasasu muma karitiye y’uburaruko n’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ibiziga navyo bikaba bikabandanya gutorwa.


IGIHE

Messages

  • Nkurikiye akwiye kuvaho ntazi kuvuga. Avuga amahopa gusa inzamba.com

  • jye ndabona bujumbura arukuyivamwo tukijira ruguru kuko habavye kabisa uwariwe wese yakurasa, none hageze aho kuboha aba police!! nihatari!!

  • jye ndabona bujumbura arukuyivamwo tukijira ruguru kuko habavye kabisa uwariwe wese yakurasa, none hageze aho kuboha aba police!! nihatari!!

  • Jewe ndabaza? Abanyagihugu nkabo batemera kuvugisha umuti bababazi ingaruka bizobateza? Kuntegeza ikaramumpuzu murazi icobisigura? Abobose bapfuye bazize ubwobubegitobwanyu.

  • None Amahoro Wumvariho?Abantu Baguma Bicwa Imisi Yose Yemwe Turagowe Uworonka Iyaja Yogenda Ndabonako Inyuma Atariheza Kandi Abobose Bicabantu Imana Ntisinziriye Irababona Kuko Bazoheza Nabi!!

  • imaniriho amahoro azoboneka barundi muze musingira igihugu cacu imanizobikora man

  • Murab Neza Uyo Muryango Bari Bawushats Kuwuhonya.Uyo Mugsra Ngo Ni Bunyoni Umutkno Awubona He?Inzo Nko Adolf Yatanz Zizomara Beshi Basi.

  • ABARUNDI TURARUSHE MBEGA ITWARO!!! UWORONKA UBUSHOZI BWOGUHUNGA YOHUNGA

  • uko bishiste mingagara etat major bigiye guhera

  • hama rwabafatira ibihano igipolis ngo ni babi,rabe namw .burundi weeeee.

  • Non Gayemwe Ubu Bwicany Buzogera Heh Hagati Yabavukana Mwabaporis Mwe ntimubona Ko Muriko Murahendwa Mwice Abanyagihugu Ako Kazi Kohera Uzoc Uja He Kandi Wirirwa Uratugandagura??Mushaka Kubaho Mwenyene?

  • Eh igi Police kiri kubimenya kubarwanya, na abacengezi gugira ngo bastinsurwe mu Rwanda nuko byagenze kuko barasaga bari mubaturage!! Mujye mubakurikirana aho bahungira hose!

  • Muzogeza ryari kuvugisha ukuri igihe cose muzogirira nabi abajejwe umutekano muzoza murabona inkurikizi zavyo mukwiye kudomako urutoke uwowese yipfuza kugirira nabi abandi mbega mwibazako hobera intambara murico gisagara hagapfa abogusa? uratubaza ingene vyatugendeye canke muze muraraba aho murwanda canke congo mwiyumvire abanyagihugu bahasize ubuzima uko bangana ababika ibirwanisho babahenda sibo bapfuye ubwambere?inyungu barose sugupfa amarira nimiborogo namwe ni mubandaye muzobibona nahano muri amerika wihenze ukanyegeza inkozi zikibi canke ukaba ahoziri ntakabuza baje kuzirondera uraharwa ivyo muvugako reta iri guko nabi jewe siko mbibona abakora nabi nimwebwe mubona inkozi zikibi nti muzidomeko urutoke zitarakora ibara abobose bapfuye kubwanyu.

  • Uwo muryago wa Pierre barashe Imana izobaze amaraso yabo NKURUMBI, azopfa yisasiye benshi, ayo mashetani yiwe akoresha namurekure vuba ave kwisi twamuhaze.

  • Nahabyarimana murwanda yarapfuye interahamwe bapfuye bangara rindira nabandibagiye kumera nkabo Nkurikiye ntagiturire Imana irya abo mwica mwe na nkurumbi urwabo ruraheze ariko urwanyu rurabarindiriye ariko Nizere kuringumba ukaba naho urikurabyara ngira nawe hazogera igihe uzobona kwivyo wakoze bitari bihimbaye bandanya munigagura

  • Umuvugizi wa polisi niyumvira kar umukehabwenge,ubwo hari uwutazi amabi akorwa n’igiporisi?ahubwo hafatiw ibihano abataribo arko akari inyuma karahinda.

  • none ga ivyo vyaje bivahe? Mugihe muvuga ko umutekano ari wosi?

  • Imana niyo izi uko izobigenza Imitima yanyu nigume mukibanza

  • Imana Iti"ivyo NaMurabikora Nkihorera Mukibazako Mpwanye Namwe Gose Ariko Nzobahana Mbishire Mu Maso Yanyu Uko Bikurikirana."abo Bose Bagandagura Abantu Abaribo Bose Imana Iraje Ikure Izo Mfyisi Mu Ntama.Tugeze Kure Pe!

  • Ngagara ituwe nabanyarwanda bomuri 59. kwica abapolisi ntagitangaza kirimo. barimo gukurikiza amabwiriza ya RWISASIRAMIRAMBO_KAGAME ibyiza ni ukubateramo amabombe bakajya mumakambi nibongera guhungabanya umutekano

  • igihebarasamukamenge 93 mwavu gago abariyobosenigozi zikibi namwenu ko nimwebwenyene abo nyene bafuye hasigayetuzegupiya

  • turagowe.uwo mugabo nawe nkurikiye mubuzima bwiwe ntazigera avuga ukuri na rimwe!niwe atuma igiporisi kiguma kimara abantu kuko aguma agishigikira mu bwicanyi bakora.turasavye bamukure ahandiho sinziko tuzoguma tucita police de proximité

  • Ewe Petero Nkurunziza Wakomantajumutima Nka Farao Mufadikanij Nakagwi Kinkoz Zibibi Bica Aburongoy, Nonubunah Kohadutse Nabo Muri Api Mukaba Mutanguye Kwikora Munda Mukwica Abakoz Bany, Igisigay Nuko Muzotumurana Mwebwe Nyene Ibara Ribe Ryaduts Ndavuga Simvura.

  • mana garukira uburundi!! kwica umunt utari bumurye vyofash ik? abarundi mana garukira uburundi nkuko wagarukiy ab’israel mujabutsa ikiyaga gitukura

  • imana nibakire mubwami bwayo none abo bagira ubwicanyi ntibobire ntanyungu irimubwicanyi

  • This is really enough, how long will you going to be stupid criminals?

  • Uyo nkurikiye aramenya ko atamvura idahita hazogera igihe imana yiyerekane

  • kabisa aba polisi nkeka basigaye bafata abantu nk’inyamanswa.nibageze ngaho birateye isoni.

  • Kuvuga ngohapfuye abantubanganagutinaguti ntibitosheje, igijwnewe nukugabanya gukingira ikibaba abobabinyegezamwo bafise ibirwanisho bicirumuriro. Rekandabahe akarorero: Harabandi baribafise amazi atonze umurongo akorerwamwo ubudandaji bitandukanye ariko ntibaribemerewe kudandarizamwo esanse noneho hakabaharimwo bamwebamwe badandaza iyo esanse ariko hakaba hariho aba polisi bikeka kohariho abadandarizaho esance bakamarero bajekureba kobobona abayidandaza ariko ntibayibone ariko abadandariza ngahobose baribazi abadandaza esance ariko ntanumwe yagiracabwira lolisi ibabajije barahakana, igize iracashaka gusakakunguvu abadandariza ngahihantubose bacababiyamiriza aba polisi bakabireka,. Ariko ingaruka yoguhishira ikibi nimbi umwemuribamwe badandaza ensance ahakorera hadutsemwo umuriro noneho kubera hiryanohino harimwo nabandi bayidandaza vyatoroshe Ko umuriro uhanagura amaziyose yarahohantu sabadandaza iyo ensance sabatayidandaza bose bahombeyemwo hanyuma muma report yakurikiye nihobamenyeko umuvuduko wumuriro wari uwa ensance nyishi yarimwayomazu. Ngiyo impamvundababwiyeko mwebwe muhishirira mukanyegeza abafise ivyobirwanisho bicirumuriro munyegeza urupfu kuko ntivyazanwe kugira bazobihinguremwo ayamakara ducana babizanye kugirabizohitane umuntu ngaha Burundi uwomunturero iyobatarabikoresha ntawumumenya ariko bamaze kubikoresha uraheza ukamumenya ashobora kubariwewe wabibonye ukabihishirira canke uwutigeze abimenya, baryabantu rero batungagatoke kuwifise ikirwanisho hanyuma abajejwe umutekano bakakimwaka habaharokotse umuntu umwe cohitanye. Umvandababwire ntamubtunumwe dukeneye kwapfa yabumunyagihugu wumu civil canke uwujejwe umutekano. None wewe ubona uwomuntu afise icokirwanisho ntuziko bitebebitebuke kizohitana umuntu,nonekuberiki utokivuga kugira ntikizohitane umuntu? Ariko wahengera kimaze kwihinkumbi ugatangura kurira uvugango abantu cenda bapfuye!!!.

  • NTITUZOHERE NKUKO PREZIDAYAVUZE IGIHE YARAHIRA ARANGORA IKIRINGO3 MUGABO BAZOJUJUMIRA IGIHE INTAHE IZOFATA IJAMBO

  • NTITUZOHERE NKUKO PREZIDAYAVUZE IGIHE YARAHIRA ARANGORA IKIRINGO3 MUGABO BAZOJUJUMIRA IGIHE INTAHE IZOFATA IJAMBO

  • uburundi.burananiwe.ni’ahimana.

  • ibintu biriko birabera mugihugu cacu birateye ubwoba pe. yemwe bantu bica abandi nimugeze ngaho. umusi uruzina muzobibazwa.

  • Mwizina rya Yesu ndavuga uriko yicisha inkoho za leta naw niyicwe ninkoho na cane cane uwakwez ikibazo ca mandat.Ndasaba imana ikure umwungere afise umutima w’ibingira ku ntebe y’inganji."Amen ’imana irase ko umunywamaraso ko yotwara.’’

  • MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI!

  • MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI!

  • MANA,TABARA,ABAPORIS BIBURUNDI,BARARUSHE!NONE GAYEMWE,NINDE,YOTERWA NTIYIVUNE?

  • Njye mbona Nkurunziza ajenjeka!! Iyo abapolisi babiri babiri bapfiriye muri quartier y’intagondwa hagombye guta muri yombi cyangwa kwica intagongwa 500

  • nukuri.Ubu.Icombona.IgihugUcuburundi.Abagitwara.Nibobacishe.Nkababantu.Bishe.Nareta.Ubiravye.Ububagira.Ivyo.Kugira.Basope.Gusa.Abaporisi.Nukwiba.

  • UWO MURYANGO WA NKEZABAHIZI URATUBABAJE IMANA IBAKIRE MUBWAMI BWAYO.

  • IBIVYOSE BIGUMA BIBA MUGIHE ABARUNDI N’AMAKUNGU BAGUMYE BASEMERERA BATI: "YAMARA BARUNDI JE MUBIGANIRO KUKO WANKA KUGARURA IMPENE IKIRIHAFI YAMARA KURENGUMUTUMBA UKABIRA NKAYO!" NGIBI RERO BIRASHITSE!!!! INO MUKAYOGORO ABAGWANYI BASHITSE NI HATARI, NY-LC RUKAMBASI,KABERENGE BARANYAGARA !!HA IYI MANDA IZOTUZANIRA VYINSHI!!!

  • Inzira karengane zo ntizisiba gutikira burimusi kwica uwucungeye simviza abaporisi bakwiye kwikebuka kuko ntawumarira Imana ego da ufise inguvu arazikoresha none nizabahena barojahe ico nobahanura nkuko bafise inguvu ntizibe jubwicanyi gusa nibazikoreshe amabohero barobohegwamwo igihe intahe irofata ijanbo atari kera

  • NKURUNZIZA NABO MUSANGIYE GUSESA AMARASO, MUZOPFA NAMWE, WIBUKE INDAHIRO WARAHIRIYE IMAKAMBA AMBERE YABAGUMYABANGA

  • Abarundi kanura mubone muraherankifuyimijira

  • Ndabona iki kinyamakuru igihe kishigikiye abatavuga rumwe na reta,tugiye kucitwarira munzego bacomore kiveho kisubire iyo cavuye,kuko cerekana gusa abacoza reta yuburundi gusa.rero mugabe umusi numusi muzokabona nimba mutazi akazi kanyu karako kumviriza bose.

  • Sha nyamara nuko abantu birengagiza ...ndabona muburundi hagiye kuba GENOCIDE ...sha byonyine usomwe comments uhita ubona ukuri kuri mu mitima yabantu ...nyamara ndabasabiye kumana ibakize ayamakuba ....

  • peter nkurikiye ww uzopfana na sobuja kk iyo nda ndende igutera guhemuka ark umenye k ibivuye mumaraso yabantu ataco bizokumarira KK iyuvuga ng bahitanywe namasasu yakurikijwe abagizi banabi kd baramusanze murugo iwe.uri umuhemu umukunzi winda ndumuntu umwe mubakuzi ark uzopfa nabi mbabajwe nuwo washatse akakubera umugore KK ufise umutima nkuwingurube KD urazik iyo ushonje ihera kubana bayo.usigaye ufatikanya na nkuru mbi mukunywa amaraso yinzira karengane

  • Nimubandany Kugarukana Umutkano Mugihugu

  • Ubwicanyi bwose buba RETA ibifisemwo uruhara kubice 92% ariko mwibuke mwebwe mwicisha inkota namwe niyo izobica.murambe mutunge musubire Uko Mwica Inzirakarengane Namwe Niko Muzopfa.Muzicwa Nkuko Namwe Mwica

  • Uburundi kugira buzokire nukuko abo bigira abategetse bofatwa bose,baterwa amaserumu yokubakoropa ubujuju,kuko biyita abanyabwenge atabwenge abafise. ntamuntu yobafise ubwenge yokwegera igihugu ciwe mukaga,ntibishoboka jewe sindavyera kwabobantu barisawa,

  • ariko jewe sindavyumva kabisa ubwo iyo ubona uri umukuru wigihugu abantu bakicwa bene ako kageni ubwo wowe uba wumva ntabwoba ufite koko?cg se nibura wibazako wowe ihererzo ryawe rizaba rimeze rite mugihe uniga impinja abasaza nabacyeuru??nkugiriye inama warekeraho ukazabazwa bacye kuko ikigaragara nuko niba isi idahagurutse uwo mutavuga rumwe wese uramwica.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.