Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwigenge buracabuze mu nzego zo gukomeza intwaro ibereye
Ubwigenge buracabuze mu nzego zo gukomeza intwaro ibereye
mercredi 18 Kigarama 2013
Intwaro ibereye iracarangwamwo utunenge tutari duke, nta bwigenge bukwiye mu nzego zijejwe kwubahiriza iyo ntwaro ibereye, biboneka ko zikivogerwa na bamwe mu bo hejuru, bivugwa na Faustin Ndikumana.
Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya igiturire, ishirahamwe PARCEM ryatunganije ikiganiro, kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene inzego za Reta hamwe n’abasanzwe bafashanya nazo aho bageze mu vyerekeye ivyo gukomeza iyo ntwaro ibereye (systeme nationale d’integrite).

Nk’uko bivugwa na Faustin Ndikumana, izo nzego zirabuze ubwigenge bukwiye, haracari ho agahaze kuko akenshi umenga ni inzego ziba zishizweho kugira bamwe baronke ubuzi kubo baba bari kumwe mu migambwe .Izo nzego kandi ziravogerwa cane nabo hejuru . Faustin Ndikumana avuga ko bibabaje ukungene hama hariho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’amaradiyo, yama asemerera, atera ivyatsi ubusuma buba buriko buribonekeza mu mashirahamwe amwe amwe, ariko bakabura iherezo y’ayo madosiye. Faustin Ndikumana aragaruka kuri Falcon 50 n’utundi turorero.
Muri ico kiganiro abari bitavye nk’icegera c’uwutwara sentare igwanya ibiturire, uwaje aserukira ubugenduzi bukuru bwa Reta bujejwe kurwanya ibiturire, uwaje aserukira ubushikiranganji bw’intwaro ibereye bose bemeje ko hakiriho ingorane mu vyerekeye intwaro ibereye, ariko basaba ko inguvu zobandanya zishirwa hamwe. Mbere abari bitavye ico kiganiro bakaba bemeranije, gutegura inama rukokoma izoba yatumiwemwo inzego zose n’abo bose barabwa n’ico kibazo c’intwaro ibereye.
Uwurongoye PARCEM Faustin Ndikumana yarangije asaba izo nzego zose zijanye no gukomeza intwaro ibereye, gukora uko bishoboka kwose abanyagihugu bakaza baramenya aho amadosiye akomakomeye avugwamwo ubusuma amaherezo yayo.


Floxella Karire