Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Ubwongereza : Amakori agiye kugabanurwa
Yanditswe taliki ya 4-07-2016 - isaha 11:56' na IGIHE

Umushikiranganji George Osborne, ajejwe ubutunzi mu Bwongereza, yipfuza kugabanya amakori ku bagwizatunga, inyuma y’ingingo yo kuva mu Bumwe bwa Buraya iheruka gutorwa muri kamarampaka n’abanyagihugu b’Ubwongereza.

Umushikiranganji George Osborne yasiguye ko ivyokwisungwa mu kugabanya ikori ku mashirahamwe n’amahinguriro, rikava ku bice 20 kw’ijana rikaja munsi y’ibice 15 kw’ijana.

JPEG - 47.6 ko
George Osborne, umushikiranganji ajejwe ubutunzi mu Bwongereza

Kubw’uwo mushikiranganji, ivyo bizotuma Ubwongereza buja ku rugero rwa mbere ruto rw’amakori ugereranije n’ibindi bihugu bitunze kw’isi.

BBC ivuga ko intumbero y’uwo mugambi yoba ari ugushaka kuresha abagwizatunga batewe n’ubwoba kubera Ubwongereza buherutse guhitamwo kuva mu Bumwe bwa Buraya.

Ivyiyumviro vyanyu

GERAGEZA ARIKO NTIBIZOBATETURUKANE ! IRYOGABANWA RYIBICIRO NUKURESHA ABANTU NTIBIHUT BIHEBURA AHO MUZOKENA MUNYARIGW

4.07.2016 à 13:16
MUYAHUDI

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.