Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uhuru Kenyatta yasibijwe mu birori vyo kwimika Muhammadi Buhari
Uhuru Kenyatta yasibijwe mu birori vyo kwimika Muhammadi Buhari
vendredi 29 Rusama 2015
Mu birori vyo kurahira k’umukuru w’igihugu mushasha wa Nigeria, abajejwe umutekano bongerejwe rwose ku murwa mukuru Abidja.

Ibirori vyo kurahira kwa Muhammadi Buhari aherutse gutorwa kugira arongore ico gihugu ca Nigeria, bikaba biza kwitabwa n’abakuru b’ibihugu barimwo n’abandi banyacubahiro baserukira ibihugu vyabo bagera kuri cumi. Aha twovuga nka Jacob Zuma, umukuru w’igihugu c’Afrika y’Epfo, umunyamabanga wa Reta zunzubumwe John Kerry, umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’amakungu Laurent Fabius, icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya n’abandi.
Muri ivyo birori, Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya yari yitezwe ko ajayo, ariko akaba yasivye ku munota wa nyuma, kuko abagomba kumuherekeza bagera 84 batumvikanyweko na bose, kuko hari ababona ko ari ugusesagura itunga ry’igihugu, abo bantu ari benshi cane.

Muri abo bari guherekeza Uhuru Kenyatta, harimwo umutambukanyi wiwe Margaret Kenyatta, abashinzwe umutekano bagera kuri 22, abamenyeshamakuru batandatu, abategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire bagera kuri 12, abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu bagera kuri 11, abakora mu buserukizi bw’igihugu ca Kenya muri Nigeria 10, abaganga 4, n’abandi bakozi bagera kuri 9, hamwe n’abandi bashinzwe amabanga atandukanye mu biro vy’umukuru w’igihugu, eka na bajejwe guherekeza umutambukanyi wiwe.
Ivyo rero bikaba vyatumye umukuru w’igihugu asiba, mu gihe ico gihugu cari kimaze n’ukuvugwa ko abategetsi baco, bama mu ngendo zidasiguritse. Mu kibanza c’umukuru w’igihugu, icegera ciwe William Ruto niwe aza kumuserukira, aherekejwe n’abantu 9 gusa.
Aristide Nizigire
Messages
30 Rusama 2015, 00:20, par vuganeza
Mbega burya namwe,asige aba alchabab aje kugwa munda boko haram,tu parles je pense ko atanguye kugira ubwoba bwabo bica abantu!