IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD washimiye bamwe ugayira abandi

Umugambwe CNDD FDD washimiye bamwe ugayira abandi

mercredi 3 Ruhuhuma 2016, par egide

Umugambwe CNDD FDD washimiye abakuru b’ibihugu vya Afrika baheruka mu nama igira 26 y’Abakuru b’ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika, kuba batemeje ko inteko mvamakungu zirungikwa mu Burundi. Uwo mugambwe wagayiye abandi bagirizwa ko bagifise ingendo za gikoroni.

Mw’itangazo umugambwe CNDD FDD wasohoye, bamenyesheje ko abakuru b’ibihugu vya Afrika berekanye ko batahuye Abenegihugu b’Abarundi, nabo bakaba bazobasubiriza mu ndumane.
Umugambwe CNDD-FDD ntiwibagiye no kumenyesha ko utashimishijwe n’Ibihugu bimwe bimwe n’Amashirahamwe amwe amwe, hatibagiwe ibimenyeshamakuru bimwe bimwe vy’i Buraya vyagirizwa ko bitahengeshanije kwerekana ingendo zavyo za gikoroni zirwanya Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo.
Uwo mugambwe watomoye ko utashimye ingendo bavuga ko igayitse ya Samantha Power, Louis Michel n’abo bafatanije hamwe na Kagame, abo nabo bakaba bagirizwa ko berekanye ugushaka gusambura Demokarasi itaratsimbatara mu Burundi mu kurondera gushira ku butegetsi Reta Mfatakibanza y’amagaburanyama irongowe na Petero Buyoya.

JPEG - 222.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

Muri CND FDD bati : Uburundi bwagiye buragirirwa inama z’urutavanako z’Abakuru b’Ibihugu b’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, iz’Abakuru b’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika mbere n’Izishirahamwe Mpuzamakungu ONU, gitegurirwa imigambi igayitse n’Ibihugu vya Buraya, Amerika n’Urwanda kugirango bagisambure.

Umugambwe CNDD-FDD wamenyesheje ko wiyamirije wivuye inyuma ivyiyumviro vya gikoroni vya Paul Kagame w’Urwanda kubona yarateguye umugambi wo gutera Uburundi.
Mu gihe ingingo y’ukurungika inteko mvamakungu yari kwemezwa, muri CNDD FDD babona ko abo basirikare ata kindi cari kuba kibazanye atari ugusubiza ku butegetsi Petero Buyoya, abifashijwemwo na Paul Kagame umukuru w’igihugu w’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • ariko mwagiye mwerekana ama preuves palpables canke ama videos yerekana ko nyakubahwa Kagame ashaka. kubatera..abarundi Nta kindi kibaranga atar umunwa, ubwicanyi n ishari etc...

  • Komera batama Hari benshi bataryoherwa abahutu barikubutegetsi. Kandi ntawobura kudakeza abobakuru bibihugu bamwe bamwe.samather naje gutegeka iwabo iyo njavyi

  • UWOKAGAME KOAGOMBAKUDUSOMBOROTSAMUGIHUGUCACUWEWE ATUGOMBAKWIKI NAWENYENENINGWARUDUBIKWERI.MBEGATWEBWE ATUZIHE TWOHO TUZOMWAHIRAUMUTI BAKWIRANYE KUKO NTITWIRIBWAKO ARIHENDAAZEKARUMUGABO TUZOMWEMERA.NATWAREURWANDA HOYIRIGWAARAHINDURA IBWIRIZWASHINGIROUKOYIGOMBE.KOMERA MUTAMANKURUNZIZA.

  • UWOKAGAME KOAGOMBAKUDUSOMBOROTSAMUGIHUGUCACUWEWE ATUGOMBAKWIKI NAWENYENENINGWARUDUBIKWERI.MBEGATWEBWE ATUZIHE TWOHO TUZOMWAHIRAUMUTI BAKWIRANYE KUKO NTITWIRIBWAKO ARIHENDAAZEKARUMUGABO TUZOMWEMERA.NATWAREURWANDA HOYIRIGWAARAHINDURA IBWIRIZWASHINGIROUKOYIGOMBE.KOMERA MUTAMANKURUNZIZA.

  • Ewe Imana Irazi Uburundi!

  • Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD: Ese ubwo arakomeye? Jewe nibaza ko abaganga n’aba psycholoques bokorana bakaraba ko uyo mugabo cokimwe na Sebuja Peter Nkurunziza ko bakomeye mu mitwe yabo.
    Kuba bazi neza ko barenze constitution du Burundi, kuba baranse démocratie ariyo biyitirira ko barwaniye, none ubu bageze gutuka amakungu.

  • Mbona imfashanyo idashika iwacu natwe dukenuke tumenye yiko hari abakuru bibihugu.inzara itwishe.kidahwe komine bugenyuzi.Turabakorera.Télésphore NIZERIMANA

  • Murakoze banyakwubahwa, nizereko mwabitondetseneza ivyihonya Burundi nabarundi vyagiye bitegurwa kurwego mpuzamakungu, nkakarorero ivyo Kagame yagakoze abarundi tugatera induru ndende tukaburanumwe aduhaniryere mwayomakungu nubu vyagihamya itonga turabipfanye.
    Louis Michael ivyoyavuze koyarinyuma yabagerageje gukubita kudeta ngokandi koyababajwe nuko butakuze akemezako azoruhuka H.E Nkurunziza atari kubutegetsi arimuzima canke yapfuye, amakungu ntanakimwe yamuvuzeko.

    Ama radio television yerekaniweko abantu bariko baricwa bakavugako arivyabereye Burundi muntara ya Karuzi ntanakimwe amakungu yigeze agira icabivuzeko. Hariyindi film imazimisi yerekanwe muri America yemezako muburundi kwiyintwaro hari genucide kandi aribintu vyabaye mumyaka yaza 2003 - 2004 ivyovyose ntamakungu ariko aragira icabivuzeko nibindivyishi ntavuze.

    Kurijewe rero mbonako ari genucide amakungu yakoreye u Burundi naba rundi mboneyeho nakaryo kogusabako mwobishira ahantu hadata ibintuvyose vyakakorewe uburundi amakungu ntagire icavuga.

    Sinorangiza ntababwiye ibintuvyantangaje uburundi bwarasemereye buvuga buti" urwanda rurafise uruhare mugukomeza kudushohorerako abaza gutera uburundi ahorero kubera ahinzovu zirwaniye ivyatsi arivyo bihasigara murabizi nubwo abasirikare naba polisi bu burundi bahasize ubuzima nabarundi baba civil barahitanwa nicokiza. Ariko reta yoyo yu Burundi ntiyababazwa nicogusa yababazwa nokubona abana buburundi bahenzwe bagahunga igihugu cabo bakagenda bakaba impunzi bagarutse nibirwanisho bakarwa mumirwano uwabahenze ngohunga ntimupfe akabariwe abashora kurisongoye.

    Ncuti mwirinde ntawukundumwana kuruta nyina yamuvyaye mugihe akiriho.
    Ikikintu sinokirangiza ntavuze ko vyantangaje ahokugenda guhagasopo urwanda ngorureke kuguma rushora abitwa kobahungiyeko kurishongoye amakungu yaciye ahagasopo uburundi ngo barababajwe nabantu baguma bapfa! Ngukwo ngo genucide! Ngorungika abasirikare mpuzamakungu amanama yurutavanyako kuburundi aba urutavanyako ariko kuvuga urwanda biba umuziro narahevye ndatwenga wamugani wabarundi ngo akabi gatwengwa nkakeza!

  • Bamuretse gato muzavuga ideni umusaza wacu kagame yemeye kudusamira amagara mwarimugiye kutwivugana,igihe kirageze ngukuri kuje kumugaragaro,abantu mwishe mubabawe.

  • ARIKO UMENGO MURIRIMVYE INTSINZI HATARI BWA GERE BATA!! KUMENGO NTIBARADOHOKA KURUYO MUZO WIZONTEKO!!! HA AKARINYUMA KARAHINDA!!!

  • Wewe Uvugako Umugambw Wubahwa Ngontukomey Uwudakomey Niwew Uwugaya Cank Nukobabakoze Aho Mugway CNDD-FDD Nzobagwinyuma Kuko Batwibutsa Uko Kahis Kagiy Kagenda.Ivyobigenda Juru Nibij Gu Fotora Mu Rwanda Abobiyahuzi Bagomba Kuza Kwiyahurira Muburundi.

  • komera ramba imana dusenga ntisinziriye.

  • Jewe kabisa turahuza nuyomugambwe.
    ntawaguhevye ngo yoroherwe yemwe yemwe oya ntamuntu azi ubwenge yokuvuganabi ukora ibikorinka. naba wanka ntaho bazowushira tuzoguma tubatwara.

  • Jyew iyo ndebye amabwa CNDD irimo mbona ari ibicucu n’ibigoryi.Sindabona n’ibigoryi nka Gélase na Nyabenda abo uretse ibyago nta kindi bazazanira u Burundi

  • Ego!Mukomere.Arko rero abansibuburundintibarikure.namwemwirindemuvyomukora murabeko arivyomwatumwe n’abenegihugu.

  • Iri ni itangazo ,ko bitangaje,umuyobozi yashyiraho itangazo ritukana rikanatuka abakuru b’ibindi bihugu...uwavuze ko uyu mugabo adakomeye mu mutwe ndamushigikiye . Abayobozi b’u Burundi ni bamwihutane bamujyane mu bitaro byo mu mutwe,atari ibyo azakwegera Uburundi akarambaraye ndakurahiye. Nzabandora ni umwana w’umurundi

  • Nibarize: ivyiyumviro bitangwa nizina IRIBUKA vyabacumuyeko iki ? muratubwira ico uwiyita NONE ariwe AVEC uwundi mwanya akiyita INTAGOHEKA ico yabahaye iyi sit muzopfume muza muratubwira uko twokwandika mugutanga iciyumviro

  • aba DD muri les déchets de l’humanité, mutinya kagame Kubera izo ntera hamwe mukorana, abarundi bumutima, tuzozi fata, nta kagame azorinda kudufashe.

  • Mbega wewe Iribuka, uzoshobora kudondagura abakorana na None? Ubamare kobuzuye u Burundi bwose urworugamba narwo ntarwuzoshobora iziku nizisumba izo zabataye kuwamazi.

  • Murabesha basha kagiye kubabana,erega n’umupapa mubi ari murugo gwiw agatangura guhohotera abiw ababanyi baratabara nubwo hoba harimwo ivyana vy’ibigoryi bimushigikira muguhohotera umwe mubo bavukana.

  • Murabesha basha kagiye kubabana,erega n’umupapa mubi ari murugo gwiw agatangura guhohotera abiw ababanyi baratabara nubwo hoba harimwo ivyana vy’ibigoryi bimushigikira muguhohotera umwe mubo bavukana.

  • Before I thought this guy was stupid but now I realize that all his speeches and those of his accomplices in CNDD aim at shifting the international community’s attention away from the atrocities they are committing. A wicked but astucious move indeed

  • tukuri inyuma mutama wacu,zurabwira izontumva twebwe ab’i mbirizi tukurinyuma.mutama nyakwubahwa NKURUNZIZA naw niyirambire tumuri inyuma gushika gupfa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.