IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD watanze iyindi nsiguro y’ubushimwe bwahawe Abarundi (...)

Umugambwe CNDD FDD watanze iyindi nsiguro y’ubushimwe bwahawe Abarundi babiri

jeudi 5 Rusama 2016, par egide

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko abaheruka guha agashimwe Maragarita BARANKITSE hamwe na Petero Karaveri MBONIMPA ari imigwi y’abanyeporitike b’igikenye. Uwo mugambwe usigura ko ubwo bushimwe bwose bwahawe abantu babiri burenza imiriyaridi zibiri z’amarundi bufise insiguro y’inzira inyegeje yo kwongera uburyo abo muri CNDD FDD bita «abagumutsi b’inkorabara», kugira babandanye umugambi wo gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu mu Burundi, nk’uko bishikirizwa mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye.

Itangazo ry’umugambwe CNDD FDD nomero 08/2016 ryo kuwa 4 Rusama 2016

Umunsi mukuru w’abakozi wo mu 2016 ntuzibagiranwa mu mitima y’Abarundi muri rusangi cane cane abakunzi ba demokarasi kuko ni umunsi udasanzwe.

1. Itariki ya mbere y’ukwezi kwa Rusama uko umwaka utashe ni umunsi kw’Isi yose bahimbaza umunsi mukuru wahariwe abakozi. Abatanga akazi aribo bakoresha be n’abakozi barahurira mu birori, aho bahana ivyegeranyo vy’ivyaranguwe, ivyo vyegeranyo usanga ahanini bidahagaze cane ku biharuro ahubwo bihagaze ku mibano na poritike. Mu Burundi, itariki ya mbere Rusama 2016 yahuriranye n’umunsi wahariwe ukwiyegereza Imana ari naco gituma ibirori vyaciye vyungururizwa ku wa 2 Rusama 2016 ;

2. Mu ntara zose z’Igihugu, uwo munsi Abenegihugu barawitabiriye cane kanatsinda washitse bawunyotewe narirya washitse inyuma y’umwaka umwe habaye ya migumuko yo gusenyura inzego bari bitoreye, iyo migumuko ikaba yari yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015. Abenegihugu baranezerewe koko kubera ko harabaye imvugo mbi, haraba imigambi mibi y’amarementanya twovuga ko yari iya shetani yari ifise intumbero yo guhamba Uburundi n’Abarundi guhera kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015. Imana Rugira vyose yaragiriye imbabazi abenegihugu n’Uburundi kubera ko bari barababaye kuva kera, irabarinda ako kabi. Abenegihugu baribuka neza indahiro n’ibitutsi vyava mu kanwa k’abarwanya amatora, bashigikiye imigumuko no gusenyura ubutegetsi bari bateguye vyari gutuma imivo y’amaraso itemba mu gihugu nk’uko vyari vyariyumviriwe neza na bene kubitegura kuva mu 2005, aho hose bakaba bashaka kubisuka k’Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako, kandi gushika no kuri iyi saha imvugo mbi zishaka ko mu Burundi haba ihonyabwoko kugira ngo Amakungu ace avyitirira Uburundi zirabandanya. Ico izo mvugo zigamije ni ugusomborotsa Umugambwe CNDD-FDD n’ubutegetsi bwawo kugira ngo ibihugu bimwe bimwe Rutura bice biboneraho guhanagura Uburundi kw’ikarata y’ibihugu bigize Isi uhereye ku rwego rw’Umukuru w’Igihugu ;

3. Iyindi mpamvu yatumye Abenegihgu muri rusangi na cane cane abakunzi ba demokarasi bahimbaza umunsi mpuzamakungu w’abakozi ni uko washitse haraye haburijwemwo, mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umugambi wo kuzana inteko zo gutera Uburundi, Agahugu gatoyi kari hagati muri Afrika, aho hari ivyiyumviro vyo kurungika inteko 5000, ibihumbi 3, amajana 2 bikaba bitashobotse ko abagize Inama nkuru ya Onu ijejwe umutekano kw’Isi bavyumvikanako kuko ata kindi vyari bigamije atari ugukombora no kwirukana ingabo zijejwe gukingira igihugu n’umutekano vy’igihugu c’Uburundi. Izo nteko mvamakungu zari kuba zije gupfukama mu nda inzego zitorewe n’abenegihugu, hanyuma zisubize Abenegihugu b’Abarundi muri za ntwaro z’abakoroni ;

4. Kubona izo nteguro zari zigamije kurwanya demokarasi n’iterambere mu Burundi zitagira ico zishikako, vyarababaje cane bene kuzitegura aribo twita « imigwi ya poritike n’amarementanya » iri hagati mu Burundi no hanze y’igihugu ikaba ari nayo itanga ibirwanisho, amafaranga n’imyimenyerezo ya gisirikare ku nsoresore zahawe igikorwa kigayitse co gusambura Umugambwe CNDD-FDD na Reta iwukomokako, ico gikorwa kikaba kibandanya no muri kano kanya turiko turandika rino tangazo, bavuga ngo « nyene inkota ni uwuyifise ikirindi » bashaka kutwibutsa ko aribo bafise inguvu n’ubutegetsi kw’Isi. Iyo migwi y’abanyeporitike b’igikenye niyo yaraye ihaye agashimwe kitiriwe AURORA PRIZE Margarita BARANKITSE ako gashimwe kangana n’ibihumbi ijana (100.000) vy’amadorari y’abanyamerika yahawe ku giti ciwe be n’umuriyoni (1.000.000) w’amadorari y’abanyamerika wahawe ishirahamwe ryiwe, ivyo bikaba vyabaye kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2016 mu gihugu ca Armeniya. Irindi shirahamwe rigizwe n’abashingamateka ba Wallonie-Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi ryahaye agashimwe Petero Karaveri MBONIMPA wo muri APRODH kangana n’ibihumbi cumi (10.000) vy’amahera y’Abanyaburaya ayo nayo akaba arenga gatoya imiriyoni mirongo ibiri (20.000.000) z’amafaranga y’amarundi. Ubwo bushimwe bwose bwahawe abantu babiri burenza imiriyaridi zibiri z’amarundi, bukaba bufise insiguro, ku bakunzi ba demokarasi y’ inzira inyegeje yo kwongera uburyo ba bagumutsi b’inkorabara kugira babandanye umugambi ugayitse wo gutembagaza inzego zitorewe n’Abenegihugu mu Burundi. Birakwiye rero ko hibutswa ko mu minsi ya mbere y’imigumuko Maragarita BARANKITSE yari ajejwe ikigega c’abagumutsi yasohoye amahera y’amarundi arenga imiriyaridi zibiri (2.000.000.000) bigasigura rero ko bene gutuma iyo migumuko iba bari hanze ubu babona ko bikenewe ko bongera kwuzuza ivyo bigega gutyo ibara ribandanye kurwa mu gihugu. Ku biraba Petero Karaveri MBONIMPA na bagenzi biwe, ubu bari bageze aho umwansi ashaka, hakaba rero haciye hiyumvirwa inzira bocishamwo ayo mahera angana n’ibihumbi cumi (10.000) vy’amanyaburaya kugira baronke ingene babaho be no kuronka inguvu zo kubandanya amarementanya ;

JPEG - 8.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

5. Abari mu kagwi k’inkorabara z’abanyeporitike b’Abarundi bashaka gusenyura inzego z’igihugu bari i Buraya nabo nyene ntibibagiye guhimbaza umunsi mukuru w’abakozi, kuko washitse bahejeje kwirukanana kugira ngo gasigaremwo aba G7 na G10 bamwe bari bibonekeje mu masezerano y’i Arusha. Aha biraboneka ko nabo bakoze ku ruhande rwabo, kandi bahimbaje umunsi mukuru w’abakozi bisunze ivyo baheruka gukora. Ako kagwi rero k’inkorabara z’Abarundi kitunganije bushasha kisunze ubutagondwa bw’abakagize batemera na gato ko Reta iriho mu Burundi, ko inzego ziriho zitorewe n’Abenegihugu mu Burundi, ko uguhonyanga Ibwirizwa Nshingiro n’Amasezerano ya Arusha ari vyo bitegerezwa gukoreshwa kugira baheraheze umugambi wo gutembagaza ubutegetsi bagerageje ku wa 13 Rusama 2015, wabandanijwe kugeragezwa ku wa 11 Kigarama 2015 bikabata k’uwamazi. Aha Yohani MINANI arashobora kwishira hejuru akerekana ko ariwe nkorabara irusha abandi amakari kuko afise impamvu :
(i) i muhira iwe haratowe ibirwanisho,
(ii) yaranakwegeye abakiri bato harimwo n’abana mu migumuko yo gusesa amaraso.
Uwo MINANI rero aho hambere mu masezerano y’i Arusha yari yiyise ngo ni umwami w’abahutu kandi ata muhutu n’umwe yamutumye ariko akabandanya n’ubu avyitwaza ngo Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’Ubumwe bwa Afrika nibarungike ingabo mvamakungu zimufasha kurwanya Uburundi. Ariko muri ukwo gucanganyikirwa kwiwe aribagira ko ari umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU- Nyakuri Iragi rya NDADAYE wemewe n’amategeko y’Uburundi, bikaba bitumvikana ingene yobifatanya na Poritike yo gusenyura amategeko y’Uburundi;

6. Itariki 16 Munyonyo 2003 ni igihe caranzwe n’ibirori bidasanzwe mu kahise k’igihugu c’Uburundi aho Umuhari CNDD-FDD wari umaze imyaka irenga 10 urwana na Reta y’ico gihe ya ba BUYOYA, ba NDAYIZEYE na ba MINANI n’abandi bari bahurikiye muri G7 na G10 batera umukono ku masezerano yo guhagarika intambara burundu, barahirira hamwe ko bagiye kubana neza ata wandya wangura, bacanga ingabo kugira ngo zisangire akabisi n’agahiye, zikingirire hamwe imbibe n’ubwigenge bw’igihugu zemera no kwitangira Abenegihugu. Uyu munsi mukuru mpuzamakungu w’abakozi washitse mu gihe izo ngabo zijejwe umutekano no gukingira Igihugu zarahiye zirarengwa kudaha amatwi abanyeporitike bamwe bamwe bazikwegakwegera mu macakubiri ya poritike, akaba ari nayo mpamvu Abenegihugu bose babashimiye kuri iyo nyifato nziza yo gukunda Igihugu, bakaba banabipfurije imigisha y’Imana, kugirango babandanye kuba inkingi z’Igihugu. Ni vyo koko uyu munsi mukuru urababera uwabo kuko barabikwiye na cane cane ko bamwe bamwe batanze n’amaraso yabo, bitangira ibikorwa kugira ngo Igihugu kigire amahoro;

7. Umugambwe CNDD-FDD uboneyeho akaryo ko kwibaza imvo n’imvano y’uwu munsi mukuru mpuzamakungu w’abakozi kuko hariho imvugo z’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’Amashirahamwe mpuzamakungu menshi eka n’ibihugu bimwe bimwe bemeza y’uko ijambo “gukora” mu gifaransa “travailler” risigura guhonya abantu mu gifaransa “ commettre le génocide” ivyo bikabonekera mu nyandiko nyinshi zagiye zirakwiragizwa hirya no hino mu bihugu bambika ibara abarongozi b’Igihugu c’Uburundi ngo bobo iyo bavuze “gukora” baba bavuze guhonya abantu nk’uko womengo ntibazi ivyo bavuga. None uwu munsi mpuzamakungu w’abakozi kw’isi woca witiranywa n’umunsi mpuzamakungu wo guhonya abantu? Nimba ayo makungu avyemeza uko, uwo munsi rero nibawuhindure izina ku buryo natwe Abarundi tutokwongera kudahuriza k’ukuntu witwa; ayo makungu yoreka kwambika ibara Abarundi. Bitabaye uko nibemeze ivyo bavuze hanyuma uwo munsi mukuru w’abakozi uhinduke izina; witwe irindi zina gutyo Uburundi bugire amahoro;

8. Uwundi mugwi w’Amashirahamwe nawo wakoze ku buhinga bwabo ugizwe na ya mashirahamwe yiyita ngo aharanira agateka ka zina muntu muri uyu mwaka wose uheze ayo mashirahamwe yitwa ko aharanira agateka ka zina muntu nta kindi yakoze uretse guharabika, gutyoza no kuremeka inteba ishushe Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo. Kuva itariki 25 Ndamukiza 2015 bariyambuye agashambara, barahuma, barahumagana bagiriza Reta y’Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD ihungabanywa ry’ agateka ka zina muntu umusegunda k’umusegunda ngo ahubwo hagiye gukorwa ihonyabwoko mu gihugu. Vyaragaragaye rero ko ayo majambo bavuga ngo “uguhungabanya agateka ka zina muntu” adafise insiguro imwe mu bihugu bikenye n’ibihugu vyateye imbere. Mu bihugu hari intwaro ivyo bihugu vyateye imbere bidashaka, bica vyagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu kugira bibone aho bihera mu kwivanga mu burongozi bw’ivyo bihugu bakarema imigwi y’iterabwoba kugira ijegeze ubutegetsi gushika aho ivyo bihugu bisambuka. Ni vyo twabonye mu bihugu vya Lybia, Syria, Irak, Centrafrique no mu Burundi. Ejo hahise hakoreshwa ijambo “Demokarasi”, bukeye bongerako ijambo “Amanama rukokoma y’ibihugu” ,ayo Manama rukokoma yazanye umugambi bise “Programme d’Ajustement Structurel” wasambuye ibihugu atari bikeya na cane cane ivyo muri Afrika, hadaciye na kabiri haza ijambo “ Demokarasi n’intwaro ibereye” ryaciye rikurikirwa n’ijambo “kwubahiriza agateka ka zina muntu” none ubu haraye havutse irindi jambo “mandat” rivuga “ibiringo vy’ubutegetsi”. Ivyo vyose tudondaguye ntibikora muri ivyo bihugu biteye imbere mugabo bikoreshwa mu guhungabanya uburongozi bw’ibihugu badashaka kugirango babone ingene basahura ubutunzi bw’ivyo bihugu, bacure bufuni na buhoro bene ivyo bihugu. N’ikimenyamenya ni uko nk’abavuga ako gateka ka zina muntu batakubahiriza n’iwabo, bamwe bamwe ugasanga ntibateye imikono ku masezerano mpuzamakungu yega igisata c’agateka ka zina muntu, bisigura rero ko umunsi mukuru mpuzamakungu w’abakozi w’itariki ya 1 Rusama wamereye nabi ayo mashirahamwe mu gihe cose biyumviriye ko uburongozi bw’Umugambwe CNDD-FDD bukibaho mu gihugu c’Uburundi. Ibi ni vyo kuko imvugo z’abaserukira ibihugu vyabo bamwe bamwe hano i Bujumbura zirerekana ko batarya umunwa mu kuvugira hejuru, aho bamenyesha ko bababara mu mitima iyo bumvise ko Umugambwe CNDD-FDD ukiriho mu Burundi, abandi nabo mu bihugu vyabo bakaribwaribwa mu ntoke;

9. N’ubwo hagiye humvikana ivyiyumviro bitandukanye imbere y’uwo munsi mukuru mpuzamakungu w’abakozi mu Burundi, Umugambwe CNDD-FDD urafise umwizero ukomeye ko ubwo butandukane bw’ivyiyumviro buzorangira, bukavamwo ukuri guhuriweko na bose mu vyashikiye Igihugu bikaba ari vyo bizokwereka Amakungu ko abakunzi ba Demokarasi mu Burundi batihenze na cane cane mu guhimbaza n’umwitwarariko mwinshi umunsi mukuru mpuzamakungu w’abakozi. Nk’uko abakurambere bayamaze bavuze bati “igikorwa ntawe cishe atari uwo cakijije” Umugambwe CNDD-FDD ubandanya wemeza ko abari ku kazi bataronka umwanya wo guterana amajambo canke wo gutegura ubwicanyi bwo kumarana, bikaba nkako igikorwa kiba mu mwanya uhambaye wo gusangira ikiyago n’uwundi be no gushira inguvu hamwe kugira haboneke iterambere ry’Igihugu. Umunsi mukuru mwiza ku bakozi mwese!


IGIHE

Messages

  • muta warusiguy pee! ariko pole saana kuko birumvikana ko watekew nubwoba.
    imvugozaw ziragoy.ahubwo ngirawarik’uraraga.

  • Umwasi agucira icobo imana ikagucira icanzo umwumwe wese azoza arahemberwa ico yakoze bareke babashimire kuko barabikwiye ibikorwa barangurira abanyagihugu biragaragara ntawutabishima kiretse mwebwe mwamburakimazimwe atakandi kazi mushinzwe Atari ukwirirwa muragandagura abanyagihugu kandi arimwe mwarimushinzwe kubarinda izo miriyaridi muriko murarira wibazako mwabarya banyagihugu mwirirwa muracira kubuhombo atazirimwo iyubuze abantu ubura amatungo itunga rikuru riri murabobanyagihugu mwirirwa murica ikindi ahomuvuga gutyo igihe mwashaka kubagandagura niko gashimwe mubona Kari kababereye ayomatangazo yanyu yuzuyemwo ubusazi baye nkawawundi abarundi ntayo dugikeneye kwumva kuko twebwe ntaco adufasha mugabo ntagitangaje kuko ntaco mugira mukora Atari ukwirirwa muravuga ayasunitswe nimpwemu ibihano nibibokere neza mureke gusigara mwipfuza nibitari ivyanyu mwavuze Ko mwishoboye mbere ushima nagomba sabe izomboneza zaraye zihawe utwodushimwe kozohagura zikumvisha nabirya bihugu bigisigaye inyuma mukubanda bibaha ifashanyo mwabicanyimwe kuzihagari bidatevye nkabasa kwigihe ivyobihugu bitovyubahiriza Boca Baja imbere abarundi tukaja kubishengeza mumasentare mpuzamakungu

  • Ntawuhora Kungoma Kuko Aho Muri Hari Abandi

  • BARAZA BAWUHUNGABANYE TUZORABA SUKWITAMUKIYAGA NTAMUNTU AGWANA EREGA INTANBARA IGWANA ABANYAGIHU NABO NTABO BAFISE BARAZA TUMENE IBWA

  • BARAZA BAWUHUNGABANYE TUZORABA SUKWITAMUKIYAGA NTAMUNTU AGWANA EREGA INTANBARA IGWANA ABANYAGIHU NABO NTABO BAFISE BARAZA TUMENE IBWA

  • jelase Ndabirabe ivyavuga nabarundi babimutuma turamushigikiye,rero barya babiligi bariko batanga agashimwe kwabarya bicanyi,ntiboreka kubashimira;:Ngibi rero icatumye bashimigwa 1kugumura ugwaruka ngo ruje mwibarabara 2 kwica abapolice na banyagihugu 3 guturira abantu mumapine 4 gukuramwimitima abantu baja kuyirya bayokereza kumutakura umwana wa Mbonimpa agaca ashira ise na magi na pacific na sinduhije bagafungura,ikindi naco iyo ni politike yabazungu bagomba guhemba abari muri CENARD bakayacisha kwabo babiri kugira ntibisarishe ariko twarabahinyuye teshwa mute!nimuyarye ariko mumenye ko muriko murarya amaraso yabarundi!

  • jelase Ndabirabe ivyavuga nabarundi babimutuma turamushigikiye,rero barya babiligi bariko batanga agashimwe kwabarya bicanyi,ntiboreka kubashimira;:Ngibi rero icatumye bashimigwa 1kugumura ugwaruka ngo ruje mwibarabara 2 kwica abapolice na banyagihugu 3 guturira abantu mumapine 4 gukuramwimitima abantu baja kuyirya bayokereza kumutakura umwana wa Mbonimpa agaca ashira ise na magi na pacific na sinduhije bagafungura,ikindi naco iyo ni politike yabazungu bagomba guhemba abari muri CENARD bakayacisha kwabo babiri kugira ntibisarishe ariko twarabahinyuye teshwa mute!nimuyarye ariko mumenye ko muriko murarya amaraso yabarundi!

  • BARAZA BAWUHUNGABANYE TUZORABA SUKWITAMUKIYAGA NTAMUNTU AGWANA EREGA INTANBARA IGWANA ABANYAGIHU NABO NTABO BAFISE BARAZA TUMENE IBWA

  • ALIKO IBURUNDI NTABANTU BEZA BACYIHABA . NI ZA SURAMBAYA GUSA.

  • Wewe ndabirabe we none washaka baguhe agashimwe kwayomajambao wirigwa uraroka atagirumutwe na maguru? Reka abagize icobamarira abarundi bibukwe kandi bashimigwe. None mwege mushaka babashimire kandi ataco mukora? Mwirigwa murica abarundi ataco mubaziza kubera inda ndende Sha ariko murihenda ntimuzopfa mubimaze kumbura musabikanye

  • Ariko se aba dd barasaze? Umwenegihugu aronka award hama ngo numwanzi, mwari mukwiye kunezerwa kuko abarundi barimwo gutsindira awards.

  • Ewe ndabirabe uzi kuvuga menshi,rekana na MARGARITE na MBONIMPA ntabwo ari ibijuju nkamwe,agashavu kazobica nejo bazobongera ubundi bushimwe kuko nimvuga kuri ntabwo ari abicanyi nkamwe,mbe ibi bintu wanditse umuntu yobisoma mu masaha angahe?"UN TONNEAU VIDE FAIT BCP DE BRUIT"

  • Ewe ndabirabe uzi kuvuga menshi,rekana na MARGARITE na MBONIMPA ntabwo ari ibijuju nkamwe,agashavu kazobica nejo bazobongera ubundi bushimwe kuko nimvuga kuri ntabwo ari abicanyi nkamwe,mbe ibi bintu wanditse umuntu yobisoma mu masaha angahe?"UN TONNEAU VIDE FAIT BCP DE BRUIT"

  • IRYOTANGAZO NTACONDARIVUZEKO

  • amahoro azazanwa na Yesu apana abana babantu. abana babantu ivyabo bi Hera vuba cane. amaso tuyahange kuri Yesu gusa we buzima budahera. naho uwizigira umwana wa muntu avumwe!!!

  • ko batayahaye mwebwe ngo muyajane kwica abo mwategerezwa gukingira murakitwara agatwe mwabinywamaraso mwe. Murabanka muzokwama mubona batera imbere hiiiiiiii

  • KOMERA MUTAMA URAVUGA NTUVURA KANDI MUGABO NTIBITANGAJE INTUNVA ZAMAHO ARIKO TWIMUJERI’NA TWISINDUMUJA NTANTAMBE BUZODUTERANA NAKARE INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • ivyo bavyita guta umutwe none wagomba akogashimwe gahabwe uwo mwicanyi nkurumbi bamushimire ko yasasitse inganda nyinshi,aho karabarya basha nubondi abafise amaso abona ivyiza bazoshimira izontwari mugombe mwiyahure,izindi ndongozi z’ibihugu zinezerezwa nuko mubihugu vyazo harimwo intwari zihabwa ubushimwe mpuzamakungu,namwe kubera ubugome bwuzuye imitima yanyu muriko muvuga ayamuhe

  • Maggy aza kubanyukura ko aronse uburyo bukwiye. Nimba muzi guharura, muharure grenades ziri muri ayo mafaranga. Umurundi wese azoronka.

  • Uwamwise mama Burundi araryumako. Kubura ubwenge no kutabona imbere, nico gituma muha amazina mutohaye abantu. Iyitazi ikibi irigata ishenyo.

  • hoooo !! Muzopfanabi Ushima Imburakimazizose Ahokurondera Umwimbuwazo Ziharura Ivy’abandi ! Nonemwagombanamwe Babashimire Komwhindutse Inyamaswa? Raba Umubabaro Uburundi Namakungu Barimwo Kubera Mutama Bagaza Apfuye? Muzoraba Impunduzizovuga Nkurumbi Niyatuvakwizosi ;

  • Aba cndd murarush kweri

  • MANA MANA YANJE Urakoze urerekanye ko uriho kandi uzamaho turashimiye indongozi zacu turazihay amashii menshii nukuri narimaz imisi niyunvira iyo aya mafranga bahay Maggy ico azokora niyo azoja nico azomara kumbe ibyo niyunvira nigandagurwa rya bategetetsi twitoreye rero banyakubahwa dutegurire umusi wokwiyamiriza abakoloni bariko bafasha imirwi yiterabwoba kumugaragaro twereke Ubulusia Ubushinwa nizindi ncut zacu yuko America n’ububiligi buriko butanga amafranga yokumara abene burundi noguhemba abakora iterabwoba nkuko babikoz muri syria libya afkanistan ucraine nahandi kwisi babe maso ntibaz bemer iciyunviro nakimw cokuzana itura kuri leta yitorew namamillioni yabene gihugu murakoze caanee kwiyi nyandiko muhay abaneburundi.

  • Murarwara mumitwe mwaba DD mwe ! Reka MARAGARITA BARANKITSE,hamwe Numushngantahe Petero Karaveri Mbonimpa. Barenke ako gashimwe bakaronke baragakoreye. none namwe mwoshimirwiki mwakoze? Imana ibwira Kayini iti mbe wokora neza nti woshimirwa ?.namwe icomuzi nuguhonya abantu gusa, none ninde azoza abashigikira rwabahangashimwe? kiretse ikijuju nkamwe niwe yo bashigikira, turavye amatangazo nayo mwandika canke mwama mwanditse, umengo nayumuntu ya rwayemumutwe adakwije kuko ntajambo narimwe usangamwo ryokubaka, nugutuka abaserukiri bihugu vyabo, ngaha mu Burundi canke amashirahamwe yi shinze guharanira agateka kazina muntu,na babandi nabandi. biboneka neza abo mumugabwe CDD FDD ntandero mugifise na ntoya, ninako, iyu maze gutibanga, ukubahuka ikiremwa c’I Mana ukarenza kwintambi ugakerera iyamaraso yuyo muntu aguhindikiriye utangura, kuvuga nkishampuma yimodoka yatobotse.Ni vyukuri ayo maboko mugiye gukura mu Mpuzu mukwiba ibinogo vyo kumabarabara ngo namatuwarete, iyo bubana umwe bwarikindi. uyo niwamugambi wa nyu ugayitse wo gutegura ibinogo vyokuzohambamwo abantu muzoba mwiciye kumabarabara. Kwisi haribihugu vyateyimbere bubatse ibintu biteyubwoba ntavyo barakora vyokwimba ibinogo kumabarabara ngo ni vyo kunyamo. amatuwarete iconzi kwisi hose arashirwa ahantu hashikira ingenzi, kubwororero bwibikoko, ahantu hakunda kurara ingenzi ziba zaje kufatirahakayaga zivuye mubindi bihugu,nukuri mwarahinyutse ntabwenge mugira muragaragara.

  • Ijambo ryashikirijwe n’umunyamabanga wa CNDD-FDD n’ukuri kugaragara abarundi bohagabira bagafatana mu nda bakabumbatira amahoro kuko ata munyaburaya canke umunyamerika azoyabaronsa, bime amatwi basesa nkuyoze aribo benewacu bacuditse n’abazungu bashaka kudusubiza mubukoloni. Dukwiye gufatira ku mahano abo banyaburaya nabanyamerika bakwegeye mwo ibihugu nka Libiya, Irak, siriya, Afuganistani n’ibindi.

  • Nuk Atawokwemez Ivyovyos Vyos Vyovuzw Kwarivy Kuk Abatotejw Cnke Barenganijw Ntibahaw Akany Ko Kwisigura Yavuga Nuk Atavur Cnk Ntawuzik Ivyo Vyos Ari Ukr Mug Ikibabaj Kurekura Mbonimpa Ngo Aje Kwivuz Yagirizw Icahankakiry Kuk Mutamurek Ngo Atume Apfa Aho Namw Murashigikiy Abicany Ncambnak Ivyovyo Arukubarementaniriz Kmr Ntiyaj Kwivuz Nawenyen Atamahr Adushakir Mutabifisemw Uruhar Muzane Nimw Mwamurungts Intahe Imwokor Mukab Mumubeshey Nah Ntazoz

  • MUTAMA UTWO NITWIMUJERI NTIMUGIRIKIBAZO NTANTAMBWE BUZODUTERANA

  • ntabantu.basaze.nkaba.dd kobamugirira.uwivunibamureke uwomuvye

  • none.aba.dd.bobatumwe nande nibamaramare.bahore nabado.ubushimwe buracatangwa.babona a.ba.dd.bazikwicana.gusa

  • komutarekura ivyiyumviro vyabarundi ngobirengane kwiyinkuru?mwatinye

  • Nagomba gusabako abantu mukorera ikikinyamakuru komwoza murareka iciyumviro umuntu yashikirije kigatambuka kuko umuntu arafise uburenganzira bwogushikiriza idyagona nkubu iciyumviro natanze ngaha mwase kugitambutsa kandi ndazi Ko kitarikibi ugereranije nivyo mwatambukije

  • birababaje kweli.Maggy na Mbonimpa,niba mwaray mwakiriy amaraso y’abarundi mu biganza vyanyu,muzopfa mwicuza nka yuda§!!!!!!!!!

  • Gelase dusigaye kumubona yataye impuzu,mbe mutama MBONIMPA nuwu mupfasoni MAGGY rekana nabo IMANA ibaseseko imigisha,mwebwe abagumyabondo n’imbonerakunya bandanya mumena amaraso yinzirakarengane,muzopfa muyerera nka gahini.

  • burundi c’est un enjeu de complot mondial .
    Meme ici en afrique du sud et en brezil, on tente de changer les presidents a cause de BRICKS qui gagne des strategies economiques et minieres
    BRICKS qui couvre 3milliards de peuple en marcher et plus de 20% des finances du monde est un grand problem pour l’ouest et la bank mondiale.
    BRICKS est fait par la chine ,la russie ,l’afrique du sud ,l’inde et le brezil.
    Mais Ce BRICKS est trop strategique en matiere de minerais en echange de financement d’infrastricture.

    L’afrique du sud par zuma semble representer ce BRICKS en africa et semble faciliter l’expension de la russie,chine en afrique y compris le burundi et demain peut etre le congo DRC.
    Ici meme en afrique du sud ,chaque semaine il ya un scandal mediatique monter contre zuma pour un complot international contre lui au pouvoir
    Ce message vient d’etre confirmer par le gouverneur de kwazulu natal la ou zama est originaire
    Pour le Brezil, c’est exactement la meme chose ou il vient de se passer un coup d’etat contre la femme presidente qui est tres influent en amerique du sud au profit de BRICKS

    En conclusion,BRICKS est tres revolutionaire est il a un plan pour 2050 d’etre la 1ere instution mondiale financially au detriment de FMI et bank mondiale.
    L’office de LA BANK de BRICKS vient d’ouvrir son bureau en afrique du Sud et on a l’objectif que en 2050, la bank mondaile etle FMI sera moins inflient au monde.

    La belgique represente les profits de l’ouest et de l’america en utilisant le rwanda contre burundi dans le context de notre pays et l’inde reprsente BRICKS en asie,le brezil en amerique du sud et l’afrique du sud en afrique
    Ceci parait etre l’avenir des relations internationales de ce siecle.

  • Abo bantu ntawobatesha c’est quoi ce délire
    Mbe abenegihugu ni bande
    Toujours des messages codés. Barabona ko bariko bakorera uburundi nabarundi canke inda zabo
    S’attaquer aux personnes des droits de l’homme ou qui aident abatishoboye c’est tout simplement pathétique

  • birababaje kubona abarundi bisamburirako nk’impene kubera ukutamenya mukwirengagiza ko uwusenya urwuwe bamutiza umuhoro(ese uburundi ni ikibuga c’intambara yaba marxiste n’ abacapitaliste) kubera iki abarundi tutumva ko twiha amenyo y’abatwenzi? akimuhana kaza imvura ihise kandi Imana ifasha uwifashije. nta muchinoix ntamunyamerika azubaka uburundi kuko mw’iki gihwe umwe wese arangajwe n’inyungu ziwe, tout homme agit par intêrét. birababaje kubona abarundi bamana intekera kumutwe bazira inda nini zabashakisha ubutunzu bwumurengera kunguvu, kurwenge, kuruyeri no kukinyoma. yuda isariot na gahini nibo bashize imbere irari ry’ibutunzi ariko bapfiriye mukwicuza kwa kundi ngo ubwenge bugukunda buza warushe, uwusenya urwiwe bamutiza umuhoro ubu ribiya igeze aho umwansi ashaka, somaliya igeze aho umwansi ashaka, centrafrika igeze aho umwansi ashaka. kubera iki umunyafurika akomeza kwishira mumenyo rubamba, kuberiki afurika yiyerekeza mukaga koko?kubera iki abarundi twirengagiza abatwitangiye kugira tuve mubukoroni?

  • murasetsa kabisa
    nawe amahera bazoyaguha humura

  • Abarundi mwarasaze.mwaraye umutwe bimeze gute?nukubasengera kabisa ubwo habuze umurundi numwe waba president agasubiza igihugu kumurongo?Hatari kabisa

  • None ko tuziko amahera atangwa ngo nubushimwe ariyo ahembwa abatera za grenade ariko barahumba imbwa zishahurwa ziboroga Nkurunziza yashizwe kubutegetsi n’Uhoraho kandi azotwara kugeza isi irangiye kuko abatutsi ivyabo twarabihinyuye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.