IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yasabwe gufatira ingingo amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu

Reta yasabwe gufatira ingingo amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu

mardi 26 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe mpuzamakungu yubahiriza ikiremwa muntu nka Human Rights Watch, FIDH, League Iteka, Amnesty International n’ayandi yagirijwe ko n’umugambwe CNDD FDD ko afise intumbero yo kwifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi. Uwo mugambwe uvuga ko yaba ayo mashirahamwe canke Zeid Ra’ad Al Hussein ajejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bose bafise umugambi umwe. Muri uwo mugambwe basaba Reta ko yofatira ingingo ayo mashirahamwe.

Umugambwe CNDD-FDD uvuga kandi ko umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame afitiye ideni rinini Abanyagihugu b’Uburundi n’igihugu cabo, ku mpamvu z’uko yagirizwa n’uwo mugambwe ko afise uruhara runini mu mabi yose yagiye araba mu Burundi mu bihe bitandukanye.

Itangazo CNDD FDD yasohoye kuri uwu wa kabiri ryagiriza kandi umugambwe FPR-Inkotanyi uri ku butegetsi mu Rwanda ko ariwo wagandaguye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ntaryamira Cyprien, hamwe n’Abashikiranganji babiri aribo Simbizi Cyriaque na Ciza Bernard.

Iryo tangazo ry’umugambwe CND FDD rigizwe n’ingingo indwi, rikaba rivuga riti :

1. Duhereye ku mashirahamwe yitwa ko yubahiriza ikiremwa muntu nka za Human Rights Watch, za FIDH, League Iteka, Amnesty International n’ayandi…gushika ku muyobozi Mukuru wabo Zeid Ra’ad Al Hussein, biraboneka ko intumbero bafise kandi bagaragaje kuva mu mwaka w’2014 ari iyo kwifatanya n’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu. Aho izo nkorabara zidashoboye gushika, ayo mashirahamwe arahazibera kuko n’ubundi barasangiye umugambi. Ariko, n’ubwo biri uko hariho Abanyecubahiro kw’Isi bashima aho Reta y’Uburundi igejeje ibikorwa mu kugarukana amahoro n’umutekano, mu gutsimbataza demokarasi no mu kurondera ineza y’Abenegihugu biciye mu biganiro bitandukanye ;

2. Igihe Uburundi bwariko burahimbaza ibirori vy’imyaka 54 bumaze bwikukiye, ntibwatamvye bwirorera, bukaba bukenguruka abo Banyecubahiro bose n’abenegihugu babo babufashe mu mugongo kuri uwo munsi udasanzwe. Budakeye na kabiri, Ibihugu vy’ibihangange nka Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubuhindi, Ubuswisi, n’ibindi nabo nyene barashimye bashimagiza uwo munsi wo kwibuka ukwikukira ku ncuro ya 54, kandi bagasaba ko Uburundi bwobandanya butera imbere nk’umuzinga ;

3. Nyenubweranda Papa François arongoye Ekereziya Gatorika kw’Isi yose nawe nyene ntiyatanzwe aho yashimiye Uburundi kuri uwo munsi mukuru, akanabwipfuriza imigisha y’Imana mu gutera imbere mu nzira nziza Reta irimwo n’indongonzi zayo, akaba yaripfurije Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kubandanya ugutsimbataza amahoro, uguteza imbere igihugu no kunywanisha Abarundi ku neza ya bose... Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ayo majambo yerekanye neza ko ata ngorane zihari hagati ya Ekereziya Gatorika na Reta y’Uburundi. Nyenubweranda Papa François yarakebuye rero zimwe zimwe mu ntama ziwe zama zirondera kwivanga mu buzima bw’Umugambwe CNDD-FDD bikaziviramwo kuvuga ayo zitovuze be no mu gufata ingingo zitofashwe ;

JPEG - 222.4 ko
Daniel Gelase NDABIRABE, umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD

4. Kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika ku rya 18 Mukakaro 2016 harabaye mu gihugu c’Urwanda inama y’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika yarangije ibikorwa vyayo, Abakuru b’Ibihugu bari bitavye iyo nama bafashe ingingo zitari nke harimwo n’iyerekeye Uburundi hisunzwe ivyari vyavuye mu nama ya kabiri y’i Arusha yahuza Abarundi ku magenekerezo ya 12-14 Mukakaro 2016. N’aho Umukuru w’Igihugu c’Urwanda cari cakiriye iyo nama yari yipfuje guteza ingabo mvamakungu Igihugu c’Uburundi kugira ngo zimukorere we ivyamunaniye, kugira abonereho kuzihekako, nticabujije ko Banyenicubahiro batandukanye basanzwe bakunda Uburundi bamirira kure ico cipfuzo, bakaba bashize imbere ukwubahiriza Ubwigenge bw’Uburundi , mbere bakanamenyesha ko ibibazo bihari vyotorerwa umuti n’Abarundi ubwabo kanatsinda barazi ko ibihugu vyose bifise ingorane zavyo. Umugambwe CNDD-FDD ukaba ukengurutse iyo ngingo yafashwe ariko ukaba utokwibagira kwibutsa ko uwo mugabo Paul Kagame afitiye ideni rinini Abenegihugu b’Uburundi n’igihugu cabo ku mpamvu z’uko afise uruhara runini mu mabi yose yagiye araba mu Burundi mu bihe bitandukanye gushika n’aho Umugambwe FPR-Inkotanyi arongoye ugandagura Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ntaryamira Cyprien be n’Abashikiranganji babiri aribo Simbizi Cyriaque na Ciza Bernard ;

5. Uretse n’ivyo, uwo mugabo w’inkorabara Kagame yarahereje inyigisho za gisirikare na poritike be n’ibirwanisho Abarundi bamwe bamwe kuva mu 2005, arabandanya n’inyigisho za diplomasiya zirwanya Uburundi aho yemeza Amakungu ko Reta y’Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD bagiye gukora ihonyabwoko kuva mu 2014 nk’uko nawe yari yararikoze mu gihugu ciwe mu 1994 akaza kuvyegeka ku bandi. Aho hose yarondera ko Uburundi bwoharirwa ivomo ;ntibwongere guhabwa nirwere. Yari yizigiye uwo mugambi ko yawutunganije neza kuko harageze aho avuga ngo umunsi ihonyabwoko ry’abatutsi mu Burundi rizotangura, azoca yinjira kurwanya Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD atawe asavye uruhusha. Birababaje cane kuko nawe yaribagiye ko n’iwe umwotsi ufumba akaba adasiba guta abantu mu nzuzi, abandi nabo bakabaturirira mu mabohero ngo habaye impanuka canke amasanganya y’umuriro kumbe ari umugambi ugayitse wo guhonya abantu. Ntivyumvikana rero ko umuntu nk’uwo ariwe yogira ico ahanura canke yigisha abandi mu gihe hari n’izindi mpfu mu Burundi zimwagira, tutibagiye na zimwe zo muri Kaminuza y’Uburundi zaba ku magenekerezo ya 11-12 Ruheshi 1995 ;

6. Ikibi ntigishobora gutsinda ineza. Ntaho vyakabaye ! N’umurozi yaroze akamara abantu iyo agiye gupfa arasaba ikigongwe Imana nayo ngo imushikane mw’ijuru. Ikinyoma kiranyaruka kuko gica mu nzira ya hafi ( inzira inyaruka cane bita ascenseur mu gifaransa) ariko ukuri kukagenda bukebuke kuko guca mu nzira y’ingazi isanzwe itanyaruka cane, ariko igihe cose ukuri gushitse, ico kinyoma gica comoka. Ayo mashirahamwe yitwa ngo aharanira agateka ka zina muntu, ico gihugu kibanyi c’Urwanda na Louis Michel be n’umuhungu wiwe Charles Michel, Bernard Maingain n’abandi bafatanije na ba Petero Buyoya, ba Margarita Barankitse, ba Pacifique Nininahazwe, Ba Vital Nshimirimana, ba Petero Karaveri Mbonimpa, ba Armel Niyongere n’abandi birigwa birukanga mu Makungu babeshera Uburundi n’Abarundi ngo bagiye gukora ihonyabwoko, bitebe bitebuke ukuri kuri inyuma yabo. Bazokorwa n’isoni igihe abo birigwa babesha bazomenya ko iryo honyabwoko ari nabo barikoze kandi bamwe bamwe mu migambi, abandi mu bikorwa nyezina. Ntituzi ko Imana ishobora kubababarira mu gihe bo nyene batazoba basavye ikigongwe abo babigiriye nakare ngo « ikiboshwe mw’isi no mw’ijuru kiraboshwe », nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga ;

7. Umugambwe CNDD-FDD urangije usaba ko Reta yofatira imigambi irashe ayo mashirahamwe yose ata kindi akora uretse kwambika ibara Umugambwe na Reta yawo. Vyari bizwi ko Amashirahamwe nk’ayo adashobora kuronderera inabi Igihugu kanaka gushika n’aho afatanya n’abategura ihonyabwoko. Iyo miryango ikora uko ni iya poritike, ikora ico abanyeporitike bashaka hisunzwe ubutegetsi ubu n’ubu kw’Isi bashatse gutembagaza. Uturorero waja wumva ng ngaho Sadam Hussein wo muri Irak ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda ngo nibamwirukeko, ngo ngaho Muammar Khadaffi wo muri Libiya ngo aramaze abantu nibamwice, ngo ngaho Bashar El-Assad ngo ararigise Abenegihugu bo muri Siriya ni bamwirukeko, ngo ngaho Omar El- Bashir muri Sudan arahoneje abantu i Darfour ngo nibamufate bamujane mu munyororo i Lahaye, ngo ngaho muri Kenya abantu barahonye, ngo ngaho muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo abantu barahonye, n’ahandi n’ahandi. Bashitse mu Burundi ngo ihonyabwoko riri ku muryango ! Mugabo bashitse mu Rwanda ngo ni mubice, nawe uwatunganije agashira mungiro ihonyabwoko agakezwa no gushimirwa agashimirwa ! Ayo mashirahamwe yofutwa kw’Isi kuko ni ibikoresho vy’abagendera igikenye kw’Isi, badashaka y’uko ibindi bihugu cane cane ivyo muri Afrika bivyura umutwe haba mu butunzi canke muri demokarasi. Ico ni co Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo biriko birazira mu Burundi, kuko birajwe ishinga no guteza imbere Igihugu n’Abanyagihugu na cane cane mu gutsimbataza demokarasi be no kunywanisha Abarundi,vya Bihugu bimwe bimwe vy’Ubumwe bwa Afrika eka no kw’Isi yose bikaba biriko biratahura imvo n’imvano z’ayo mazimwe.


IGIHE

Messages

  • Yewe Gelase wee nibakureke mutama,Adolphe muramugandaguye muziko ivyo mwakoranye birangiye muba muhaye Darius akazi nawe mwa mwishe uko nyene amatohoza arakogwa narangira muriyandagaje mwishe Afsa.Yewe umugambwe wacu murawishe kd umenyeko ejo ari wewe.Uzicwa nabene wacu bavyegeke kuri Louis Michel cg Kagame.Umuntu urasigwa hafi y’ibirindiro vya gisirikare n’igiporisi bikaba akamizwe n’ingoma habe no kubakurikira.Yewewe Burundi bwacu

  • Emw Iryotangazo Ntacondarivuzeko Mbona Ivyuburundi Biragoy K1 Nukotwosenga Imany Yoyo Itangamahoro Yuzuy Abariyo Izodukura Murakakabi Kokuguma Twicana Nakamaramaza!

  • Uyu mugabo aravugisha ukuri KADAFI,MOBUTU,HABYARIMANA,SADAN ubu mu bihugu byabo abaturage barifuza uwababagarurira kuko ubutegetsi bushizweho nabanyamerika bukandamiza abaturage, burabica bubasahura ibyabo, ntabwisanzure, ntakuvuga, gufungirwa ubusa, kwicishwa inzara nkuko FPR ibikora mu rwanda, Abarundi byazarangira bifuje NKURUNZIZA we utuma abana bivuza kubuntu, biga ku huntu, badasireshwa imirengera nko mu Rwanda, bubaka uko bashatse badasenyerwa bazitashye nko mu RWANDA,babyarira ubuntu nta misoro yakwa abacuruzi baciriritse , bahinga uko bashatse ibibanogeye bamenyereye n ibindi NKURINZIZA abakorera, reka mbasogongeze ku mateka y ukuri y U RWANDA kuko burya ukri kw ibiri mu mitima yabanyarwanda ntawagukuramo iyo hari ubabeshya ibyo bazi rero baramuseka pee, ntawe uyobewe ko habyalimana ari umuhutu wabaye president akicwa hagakurikira genocide yahitanye bene Wacu, ntawe uyobeweko kangura na kanguka byose byabibaga urwango rushingiye Ku moko, imwe yari iya ngeze hassan umuhezanguni w umuhutu indi yari iya kameya w umututsi, ntawe uyobeweko RTLM yakwizaga urwango ikangurira abahutu kwanga abatutsi na Radio muhabura yari Ku ruhande rw abatutsi n ibindi bibi byose byazanywe namashyaka yavutse za 1991, ibyo byose byazutse aruko RPF iteje intambara mu Rwanda kandi yarafatwaga nk icyuye impunzi zabatutsi, ibyo byatumye umubano wari hagati y abahutu n abatutsi ucikamo kabiri n ubwo hari abintwali bagumanye kandi bamwe bitangiye abandi bakabashisha bakabakiza ari Ku ruhande rw abahutu Muri genocide no Ku ruhande rw abatutsi nyuma yaho mukwihorera,kandi ibyo bibi byose nibyo byapanzwe na CIA ya USA n abafantanyaga nayo kugirango bibe inzira yo kubageza Ku butegetsi bayigeze Ku mugambi wayo WO gusahura ubutunzi be akarere cyane bwa congo, muribuka ko na CLINTON asura u Rwanda akiyobora yasabye imbabazi akavugato no batekerezaga ko hazapfa abantu bake ariko NGO iyo bamenya ko hazapfa benshi bari gutabara ibyo muziko yabivugiye mu ruhame, aya macakubiri nibibi byaherukaga Ku ngoma ya kayibanda kuko ariyo turufu aba biligi bakoresheje NGO birukane ubutegetsi bwa cyami bw abatutsi batabemeraga gusahura igihugu no kugitoba uko bashatse bashireho ubutegetsi bw abahutu bazakoresha uko bashatse nguko uko ba KAYIBANDA bigishije urwango abahutu na ba KIGELI barwigisha abatutsi biteza ibibi twese tuzi za 1959 abatutsi bicwa bameneshwa nibitero b yinyenzi nandi mabi tuzi twese. kayibanda yashatse gukandamiza abatutsi yatangiye no kubirukana mu Kazi no mumashuli no kubica Muri za 70 biha icyuho abakiga ba habyala cyo kumukuraho, habyalimana uwo mbere ya 91 yayoboye neza kuko abanyarwanda Bose abahutu n abatutsi bari barahasigaye n abari barahungutse bemeye kujya mu SHYAKA rye rimwe MRND bituma abatutsi benshi bihutuza abandi babitsimbararaho abafaransa bamufashije kubona ubutegetsi ntaho bari bataniye nababiligi mu mikorere y amacakubiri byatumye hagumaho amoko mu indangamuntu, ariko ibyo ntacyo byari bibwiye abanyarwanda kubutegetsi bwe abahutu n abatutsi babanaga amahoro, bar as by in furan aga kuburyo umutegetsi utarashakaga umugore w umututsikazi byabaga ari igisebo kuko nibo bari beza, abana Bose bigaga mu mashuli amwe yaba uwumuyobozi cg uwumutegetsi bourse zahabwaga bose , ba minister benshi bize Butare Ku ngoma ye harmo ba biruta, mushiki wabo, mitali, nabandi benshi ntarondoye abadepite n aba directors bo sinabara kandi babatutsi about ba Dusingizemungu wa IBUKa, igisirikare harimo ba ruhashya, mugemana, mulindahabi, n abandi benshi, abacuruzi benshi bakomeye bari abatutsi ba makuza Rwanda foam, jack rusirare ameki color, ndasingwa lando musaza wa mushikiwabo, rubangura uziel na vedaste, seburikoko, murenzi emujeco,gatera egide SP, kajuga mukuru wa Robert wakoraga amasabune, majyambere, kajeguhakwa valens nabandi abacuruzi babahutu bari mbarwa abakomeye yari kabuga ,myasiro na gashabizi Gerald n abandi bake, ibi byerekanako habyalimana ntavangura yarafite ntanurwango HABYALIMANA yagiriraga abatutsi abaturage Bose yabafata kimwe abakangurira GUKORA no kubaka oigihugu nahoze ndeba kuri you tube ago yabwiraga abanyarwanda ko kubaka ari ukugereka ibuye Ku rindi ago yabakanguriraga guhinga ibihingwa ngandurarugo na ngandurabukungu cyane icyayi kawa n ibireti ndetse akoherez Toyota stout zirimo amamashini abatereramo imiti yica udukoko kubuntu akabaha imbuto z Ubuntu akabakangurira korora amatungo magufi namaremare akabaha icyororo Ku buntu akabakangurira umuganda n ibindi byiza nko gutera igiti ago yavugaga NGO n utema kimwr ujye utera bibiri, abana bavurirwaga Ubuntu abanyeshuli bagashyirwa imber, mituel de sante yariho yari 200, amakoperative niwe wayazanye yari yuzuye ago kuzigama n ayabahinzi n aborozi nkayari za muyumbu kabuga aho bita kuri koperative,abanyarwanda bahingagamu buryo bashaka bamenyereye bigatuma nta nzara iba mu gihugu ahubwo basagurira amasoko nibyoherezwahanze bituma imaf yurwanda agira agaciro idoral ryari 82 ubuzima bworoshye umuntu azunguza agacuruza ikarito ye mu mudendezo bikamugeza Ku maduka namakamyo, amashuli ahendutse kandi afite Ireme r yuburezi rikomeye primaire ari 200 kumwaka gusa mucyaro 100, secondary price ihenze ari 12000 leta 4000 kumwaka Ababa barya amanyama, ibirayi,porici,ibijumba,imiceli,pate jaune,ibigorli ibitoki,imineke Muri internan,imihanda migari yose iduhuza nibindi bihugu,nihuza uturere ,amavuriro,amashuli ya leta zauniversity nyarwanda 90/100 ibibuga by indege ukuyemo kanombe,ibigo by a gisirikare byose,stade zose, hotel zikomeye zose,ibigo byubuhinzi bworozi Isar/rab , za ministere90/100 , ibigo by ubushakashatsi, inganda 70/100 n ibindi byinshi biriho ububyubatswe nawe ibindi kubwe, leta yubumwe yaravuguruye cyane gusa ikwiye kubishimirwa nayo icyo yongereye kubukungu be igihugu n ama etage yaba boss bamwe,izana na za kaminuza zigenga n amashuli yigenga y abakire nabana babategetsi, kubwa HABYALA nta misoro yariho usibye duke nka 600yumuntu were ukuze kumwaka , abacuruzi basoraga duke kadi ntawushyiriragaho ibiciro yishakiye byatumaga abaturage bagiraubuzima bwiza bakanatera imbere mu buryo buboroheye ibiciro bikaba has I ikilo cy ibirayi 2f, inyama 30 ikiro, ibishyimbo 10kg,umuceli12kg,fanta18 ihenze25fr, primus80 fr na mitzg mini,taxis ville hose20fr,bus15fr mu ntara kure hari 200 nibindi kuburyo abazungu bari barashiriye mu Rwanda barwita u BUSUWISI BW AFIRIKA IGIHUGU GITEMBA AMATA N UBUKI baza kuhigisha no kuhavurira, abacongoman abarundi n abagande n abaswahili ba tz na Kenya sinakubwira inyama nubugali Muri restaurant byari 20 brochette 25 kandi about bacuruzi ntawamaraga imyaka ibiri ataguze daihatsu cg rugeli Kigali yayujuje amazu, habyala ntiyari gutegura cg NGO akore genocide hanyuma Abe ariwe itangiriraho ihitana, ubutegetsi burashira hakaza ubundi , abanyagihugu ibyamoko yuwayobora wese ntaco bitubwiye ikingenzi n uduha amahoro adukiza inkozi zikibi akareka tukikorera utwacu ntawe udukandamiza ESE tukikorera my mudendezo, thx

  • EWE CNDD FDD URANTEYE AKAGOGWE!! AYO MAJAMBO NAYABANTU BAKOMEYE,CANKE NABARI KUPFIRO BARIKO BARARAGA?NIMWIHANE BIGISHOBOKA KUGIRA IMANA IBABARIRE.

  • komera mutama bazovuga nibaruha bazohurama

  • Ayo Mashirahamwe Nta Neza Arondera Umunyagihugu Mutoyi Badusabira Ibihano Ari Twebwe Tuhagirira Ingorane Nibikebuke Barateye Isoni.

  • Ikinikinyejana ca 21 gitegerezwa kuzokwandikwamwo amateka ataribwigere abaho ndabarahiye murayomateka nimwaramuka mutabonyemwo uburundi na nyenicubahiro prezida Nkurunziza muzongaye.
    Umva kera ukurinkuku carazira kukuvuga, mbemurazi igituma uburundi burikoburavuga atabwoba? Ubwambere bihaye Imana,
    Ubwakabiri Imana yaciye ibuha ububasha inkomezi zakatarabaho kuko yafashe ububasha yashize mubihugu vyibihangange maze ibihamagarira kwiyicarira ruhande yuburundi noneho ivyobihugu bikabwira uburundi ati nimuvuge icokintu cose muzi kwari ukuri ntimutinye atinubwo cobakireba ibihugu vyibihangange mukivuge atinihagira uwushaka kubasumira muzihagararire maze Imana muzorebe ico izodukoresha icarico.
    Ndababwiza ukuri ntabarundi baribafise ububasha bwoguhamagara ivyobihugu ngobibe hafiyaho ntayundi yabitegetse atarimana nimbamwemera kohariho intambara y’Isi ya 3 igihecayo nikitugezemwo.
    Mbega mugitabo citwa bibiliya muri Yosuwa 1:9 havugangwiki?

  • Jewe abobantu bo muri CDD FDD barantangaza !. Haringihe nibaza kwarabantu bakwije bikananira gutahura, mbega ko birirwa baracokora amashiramwe ajejwe guharanira agateka kazina kamuntu, mbe nibo babatumye birirwa barisamburirako nki mpene ?,ishavu nukubera birirwa barica abanyagihugu, amashira hamwe nayo akagaragaza ivyo bakoze mubantu biteyisoni, ninaco gituma abo mumuhari CDD FDD basa nkabatayumutwe.Inama yomu rwanda ya baye mwayihunze mwamenye gute ivyari mwiyo nama canke ivyahavugiwe mutahari gute? nuku uwavuze ko murabakuru bibinyoma ntiyabeshe,guti nkubire ku rwanda,na mashirahamwe, turabitahura cane, iyumugabo murugo ya taye indero, habonetse abo kumukebura rwahebe ingeso mbi ziwe, abamukebuye bose bazohinduka abansi. nayo demukarasi yahano muburundi irikure nkukwezi, canke iterambere abanwamaraso bakiri kungoma, ntitegurire gupfa gusa.

  • Njyentabwonshigikiye ishyaka ririkubutegetsi mu Burundi CNDD FDD ariko president wacy H E Poul Kagame yadukoreye nabi gushotora abarundi, yarikureka kuvugambereyabandi kuko uzazewitegereza ibihuguvyishi k’Isi biririnda cyane kwisuka muri politique yinihugu bituranye, none ngaba abarubaramutombokanye rwose.

  • nn ayo mashirahamw yose arimumakosa ahubwo raba mukorore ibiciro

  • umuntuwese.yitezekugwamya.uburundi.azokwihuririra.nimana.Ndabarahizyejejuma

  • IBIJUJU.COM nyamara aba bagabo bamaze gusara keraaaaaa!!!!
    bamaze kubona ko ibintu bibakomeranye barashaka kunikururamo H.E KAGAME kugirango bifate indi sura ikomeye kuburyo ubwicanyi bakomeje gukorera abene gihugu babo byibagirana
    kuko sindabona aho uwitwa perezida atinya gusohoka migihugu imyaka 2 igashira???nukuvuga ko inzego ziperereza ze aba ari zero???
    ngaho nimundebere itangazo ririmo ubugoryi gsa gsa nibitutsi ryitwa ngo ryasohowe nabantu bize???kdi murakinisha u Rwanda muzarubona!!!!!!!

  • @Kayinamura Oscar, niba utewe ikibazo n’aya mahomvu ndakugaye. Politique y’abasazi igutera ikibazo gute?

  • Komera mutama songambere babwire bavuga dukora dusenga vyose bizoshoboka nitugire urunani rwintamenywa gusa.

  • Mugabo ndamushigikiye nuyuyitwa turaje ,Turaje atibihe isigiye kwinjiramwo bitegura intambara ya (3)ivyonukuri!! Impamvu inganururo yarabonetse.muri Africa impamvuyaho nu Burundi Samson yabayimpamvu kumana yokwihora abafirisitiya kukyayubaha,abantubitondere uburundi kuko haricobwishimirije kidasanzwe kanduwuzobwubaha azogirumugisha nanjendaziko ntamuntu azinjira mumbibe zuburundi guterigihugu ngwazasohokamahoro!! Murabe ukwishirahamwe kwibihugu bikomeye nogusambuka kwavyo !! Ntaco bibabwira! Uburusiya-ubushinwa-irani-siriya-ubuhindi-nibihugu vyabarabu bigizumugwi umwe no korea yaruguru nibindi bitariyerekana ahobihagaze bieambiwe America nubutegetsi bwayo.murabe ahamabombe agezibibihugu,Mugabo yavuzeneza,ivyamoko nabadutegeka ntacovyaribimaze icodukeneye namahoro tukibanira neza.ikigoye niko iyisinayo ukwimezuku ntishobora kugiramahoro kukonibihe vyayo vyokurangira.rekandangize mbwirabantu bose bipfuriza inabi uburundi kwikebuka kuko inkoni ikubise mukeba bayirenzurugo-imbereyogutosora uwundinaho uribanza!! Ntamugambi cankinama yokugwanyuburundi izokwigeda ihera bumvikanye kuko IMANA izokwama ibicamwumurongo kandumusibazobana kobibeshe u Burundi buzoba bushizwe hejuru.rekambwire abarundi bitirigwa izina ry Imana bakayizera mushishikare gushima ivyidukorera kuko vyishi buhura nubugombe bwayo bikanyuranya nubwacutwebwe.nitwayihikibanza cambere ducetwiraramira vyose irabikora nkukoyatabaye Yehoshafati .mukomere hubahwe Imana muburundi nincutizabwo numukuru wigihugu petero Nkurunziza nabamufasha bose na Leta yiwe ivyodusengera nkuko tubisabwa nijambo ry Imana dusanga muri Yeremiya 29:7-13 irinitegeko kumuntuwese yitwa kwafise ububasha imbere y Imana bwokuvuga nogusaba icashaka.

  • Kagame akwiye kwamaganwa na buri wese akaba igicibwa. Kubera ibara yakoreye abanyarwanda, abakongomani n’abarundi ubanza na shetani itazamwemera mubwami bwayo bw’inkozizikibi.

  • Nababwiye ko abarundi bamaze guta umutwe. Ubu noneho barashaka infishyi yakababaro kubera ntaryamira. Ibyo byose nukubera ubukene bubageze habi....

  • murabe neza ko atari uburyo bwo guhohotera ikiremwamuntu atacamira gusa ivyo vyose ni inkurikizi mbi zo kwihagira ubutegetsi.gusa nimba uri woba uri sebibondo ntiwoteranya abana wibarutse mukugira nkunzi!kebuka wibaze ukubitize agatima mpembero kuri kazoza k,uburundi!gira amahoro!

  • Abayobora uburundi babazane indera mubitaro bya basazi.. ibitanda birahali abaganga babuze akazi...usibye ko nibaza bose batahakwirwa.

  • @turaje. Ibyo uvuga uri umugabo twese duhaguruke twamagane iyo nkoramaraso Kagame.

  • Mubantu basajije abahutu babarundi halimo na lili..reba nkaka kitwa ngo turaje hahaha muraje se mwakoliki kili kagame ntacyo uzase tugusweze nyoko.

  • @ Nana, washaka wovugamake nambaruwomukino ushaka wowo urawurorera bidatevye .

  • @Nana. Kagame nagerageze yambuke akanyaru duce tumuha umuti wo kuribwaribwa. Tuzomwotsa kuri brochette.

  • Usomye iyi discour ugasoma na commentaires uhita ubona ko igihugu cu Burundi cuzuye interahamwe,niyo mpanvu uburundi bugiye kuvumwa n’Imana kuko aho zigiye zihateza umuvumo,mwibuke Gahini amaze kwica mwenewabo Abel uko Imana yabigenje,urabona ko abategetsi bu Burundi batanguye kurwara mu mumitwe, ni uko bitangira, abari n’amaso ni babone naho abari n’amatwi ni bunve

  • uyu mugabo arwaye mu mutwe.indera mu rwanda hariyo abaganga bomuvura mumujaneyo

  • Abarundi muzajya mubura gukora mwirirwe mu matiku icyo gihugu cyanyu ntigiteze kuzanzamuka mukiyobowe nabantu bameze nka CD-R u Rwanda ruri kwiruka mu iterambere mwe mukiri muri antiquite mu myumvire.

  • inzara iraryana rwose
    mwebwe mukomeze muvuze induru muhume amaso abaturage ntakindi
    FPR inkotanyi urayizi ? uzaze ubaze amateka ya FPR
    ntaryamira yazize lift ntawutabizi dear kandi ntaruta million irenga yinzira karengane yishwe ! nkubaze wowe utanga izo discour zitagira sens umwami wu Rwanda rudahirwa yiciwe hehe? iyo nduru muzayivuza paka muhumutse u Rwanda rwarabasize muri byose byose
    umunsi mwabonye HE PK atangiye kwihisha nasohoke mugihugu akamara 2ans Ari WO muzavuga , ubungubu ntabuvugiro mufite nabantu bagikomeje kwicwa gusa turahoza umuryango wa afsa Mossi bakomeze kwihangana tutibagiye nabandi benshi bazize politic harimwo Adolphe, bikomagu , Darius , nuwahawe uburozi ariwe bihozagara jaque Imana ikomeze kubaha iruhuko ridashira.

  • Hhhhhhhh Ibi ni bigaragaza ko bamwe mu bategetsi buburundi hakirimo abafite imyumvire ya CDR kbsa nubuswa muri diplomacy. Niyo mpamvu mbona leta y’u Rwanda itata igihe isubiza umutegetsi wandika ibidafite agaciro namahomvu bigaragaza uburwayi bwo mu mutwe.Abarundi mukore muve mumahomvu namatiku. Mwe ntibatera isoni kubona igihugu mwari kumurongo umwe wubukungu kibasiga Mwene kano kageni?

  • Ni mukomeze musakuze, mutange amatangazo acuritse ntabwo bibuza impala gucuranga. Muzakora intare mu jisho muzanira nakaga ndababwiye. Ntabwo muzi abo muvuga abo aribo. Igihe cyo kubarasa kiri hafi. Igihe nikigera muzaraswa nta kabuza. Muzakubitwa ni inkuba mutazi aho iturutse kandi ntawuzashobora kubatabara.

  • le chien ndabirabe aboient la caravane passe

  • basha uyu mutama yaborewe?amstel z’ino basutsemo kanyanga?canke ariko arabiraba neza yaborewe tout simplement

  • mbe iyo mbwa yama ikuga, urwanda rumugize iki ? yama avuga vya bindi gusa , amacakubiri amugera mumuhogo, yavuze ko naho yosanga abatutsi bagiye mwijuru yopfuma aja mumuriro hakujana nabo! none arabizi ko adashobora kujana na bera mwijuru ! yagiye yakuga vyo !!!!

  • Kagame Araza Kwisuka Muvyuburund Turamutegerej Agahanga, Tuzokamen Ntagire,ng Nizanterahamwe za,havyariman. Uburund Burarinzwe, Kand Burinzwe N,bagabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.