IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe MSD ugiye gusubira ku rubuga rwa poritike bamwe mu banywanyi bawo (...)

Umugambwe MSD ugiye gusubira ku rubuga rwa poritike bamwe mu banywanyi bawo bagipfunzwe

samedi 12 Mukakaro 2014

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwamenyesheje abajejwe intwaro mu gihugu cose ko ibihano umugambwe MSD wari wafatiwe bizohera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 14 Mukakaro 2014, ibikorwa ku mugaragaro vy’uwo mugambwe bikazoshobora guca bitangura bukeye kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2015.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ryasohotse kuri uwu wa gatanu, bibutsa ko umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) wari wafatiwe ibihano bivanye n’inyifato werekanye ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014, inyuma y’imishamirano yahuje abanywanyi b’umugambwe MSD n’abaporisi, ku ngoro y’uwo mugambwe muri komine Kinindo. Muri iryo tangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, barashimira indongozi z’umugambwe MSD ku bwitonzi zerekanye mu kwubahiriza ingingo umugambwe MSD wari wafatiwe, bakaboneraho n’akaryo ko guhamagarira abajejwe intwaro mu gihugu cose kuzokworohereza ibikorwa vy’uwo mugambwe kuva kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2014.

JPEG - 21.1 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Tubibutse ko inyuma y’ugutana mu mitwe hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD kuwa 8 Ntwarante 2014, umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) waciye uhagarikwa n’ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, aho yagiriza Sinduhije Alexis, umukuru w’umugambwe MSD, kugumuka.

Muri iyo ngingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, umugambwe MSD wagirizwa ivyaha bitatu : imigumuko n’ikiroberi (Soulevement et rébellion), guhungabanya umutekano w’igihugu (atteinte à la sécurité publique), hamwe n’ugutunga ibirwanisho mu ngoro y’umugambwe MSD (percusition d’armes au siege du MSD). Uwo mugambwe wafatiwe ibihano vyo kumara amezi ane yose ata bikorwa vy’umugambwe uranguye. Ingoro z’uwo mugambwe zose ku rwego rw’igihugu ntizari zirekuriwe kwugurura muri ico kiringo.

JPEG - 68.1 ko
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD

Uwo mugambwe utanguye ibikorwa vya poritike bamwe mu banywanyi bawo bagipfunzwe

Urubanza rw’abanywanyi 70 b’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) rwasomwe na sentare rubamba. Mirongo ibiri na babiri bambitswe izera, abasigaye bahanishwa umunyororo n’amande, harimwo n’abazopfungwa ubuzima bwabo bwose.

Sentare rubamba ikukira parake nkuru ya Mairie ya Bujumbura yafatiye ibihano abanywanyi b’umugambwe MSD, bamwe bakaba bari bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo mu mishamirano y’abo banywanyi hamwe n’abaporisi kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Abandi banywanyi muri abo bafatiwe mu mihingo itandukanye, bagirizwa ko boba bari inyuma y’imigumuko yatumye abanywanyi ba MSD n’abaporisi bakomereka.

Muri abo 70, abagera kuri 22 nibo bambitswe izera, 21 bacirirwa igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose. Abandi cumi baciriwe umunyororo w’imyaka cumi n’amande y’ibihumbi mirongo itanu, abasigaye nabo bagera kuri cumi na bane bacirirwa umunyororo w’imyaka itanu n’amande y’ibihumbi mirongo itanu nyene. Abagera kuri batatu batari bwakwize imyaka cumi n’umunani bahanishijwe umunyororo w’imyaka itatu.

Mwokwibuka ko muri abo banywanyi 70, abagera kuri 48 batigeze baburana, kuko bari basavye ko abashingwamanza babo bohabwa umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, abandi nabo mbere bakaba bavuga ko batari bwaronke abababuranira. Inyuma y’isomwa ry’urubanza rw’abo batari baburanye, umushingwamanza Prosper Niyoyankana, umwe mubaburanira abo baciriwe urubanza yamenyesheje ko ari akamaramaza kubona sentare yihutira gufata ibihano abagirizwa bataraburana.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nubwo mwarimwafatiwe ibihano kubera ububegito bwanyu turabashimiyeko mwubahirije ibihano mwarimwafatiwe,nizereko ayamasaha adashika 50 asigaye atamakosha muhava muyakoramwo ngomuhave umugambwe wanyu MSD ufatirwa ibindibihano.

  • ha je we ntamugambwe ndimwo muga TURASHIMA ABA MSD KO ARI INTWARI .TURIZIGIYE KO BAGIYE KUJA HAMWE NABANDI BARUNDI BENSHI DD IBANGAMIYE BAKAYOMORA .mugire ishakA IMANA IZOBAFASHA NTIMUZE MWIHANGANIRA IMBONERA KURE IBAHONYORA KUMUTWE .KANDI MUSENGERE UBURUNDI NA BARUNDI .

  • ARIKO DD IRATUBANGAMIYE IFATA UMUTITSI NDUWIMANA NGO ADUHONYORE TWARI TUZI NGO NTWARATSINZE NONE BARABAGARUKANYE NGO AKINGIRE ABATWICA DD NDAKUVUYEMWO KANDI SINZOGUTORA .ITONGO RYANJE MWANTWAYE !!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.