Umukozi wa High Videoz& Icom Pro" yitavye Imana

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 18 Nyakanga 2014 saa 12:41
13815
0 0

Ndayizeye Venant yahora akora mu nzu y’umuhinyanyuzi Fleury, yitavye Imana bivuye kw’isanganya ry’ipikipiki. Ni umubabaro mwinshi ku muryango wiwe, abagenzi nabo bahora bakorana.
Umuhinyanyuzi Fleury akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi "High Videoz& Icom Pro" iri mu Nyakabiga, yaguye mu gahundwe yumvise ko umukozi wiwe Ndayizeye Venant ahejeje kwitaba Imana. Ndayizeye yari yagiye mu gikorwa co gufata amasanamu y’ubugeni mu Rumonge, ariho agitangura akazi kari kamuzindukanye, uwariko utwara ku (...)

Ndayizeye Venant yahora akora mu nzu y’umuhinyanyuzi Fleury, yitavye Imana bivuye kw’isanganya ry’ipikipiki. Ni umubabaro mwinshi ku muryango wiwe, abagenzi nabo bahora bakorana.

JPEG - 20.6 ko
Ndayizeye Venant yitavye Imana

Umuhinyanyuzi Fleury akorera mu nzu y’ubuhinyanyuzi "High Videoz& Icom Pro" iri mu Nyakabiga, yaguye mu gahundwe yumvise ko umukozi wiwe Ndayizeye Venant ahejeje kwitaba Imana. Ndayizeye yari yagiye mu gikorwa co gufata amasanamu y’ubugeni mu Rumonge, ariho agitangura akazi kari kamuzindukanye, uwariko utwara ku pikipiki yasetse imodoka iri mu bwoko bwa Fuso, umudereva aca apfira aho nyene, Venant nawe apfira kwa muganga. Icuma gishasha yariko afatisha ayo masanamu "Camera"caheruka kugurwa imiriyoni 6 z’amarundi ntaco cabaye.

Fleury Pro ati:" Twabuze umukozi w’inkerebutsi, yakora akazi kiwe neza kandi yakorana ishaka nk’uko yarakiri muto. Imana imwakire ntaco twari bwa pfe, mbojeje kandi n’umuryango wiwe".

JPEG - 19.6 ko
Ndayizeye ari mu kazi kiwe

Ndayizeye Venant yapfuye afise imyaka 24, yari yiga mw’ishuri kaminuza nderabigisha ENS mu mwaka wa mbere. Muri "High Videoz& Icom Pro", yafashanya n’uwuriko afata amasanamu mu kuraba ko amatara canke umuco uriko urakoreshwa ukwiye canke urenze. Yarazwi kw’izina rya Ndayi, azwi cane mu masanamu y’abaririmvyi nka David wo muri Life Center, isanamu ’umuririmvyi B Face n’iz’umuririmvyikazi Florence Ngaruko aba muri Australiya. Yakora n’ivyo gufata amasanamu ku minsi mikuru itandukanye. Yavuka mu ntara ya Bururi muri komine Mugamba.

JPEG - 74.2 ko
Bamutwaye ikiziga ku Mpanda

Kumenyekanisha

1
Nzohabonimana Oswald 25-09-2016 à 21:39

Uwo Muhisi Imana Imwakire Kandi Ndahojeje Umurya Wiwe

2
Nzohabonimana Oswald 25-09-2016 à 21:26

Non Bamushinguhe?Nukuri Imana Imwakire

3
damie 1er-04-2016 à 20:48

NIMBA IVYOYAKORAMWABISHIMANUGUHA ABAVYEYIBIWE AGAHAMBAMUNTU

4
Burundi 21-09-2014 à 16:12

None ako kazi hoho nta ASSURANCEgafise nko yishure uyo muryango ko yapfiriye kukazi kanyu???

5
odette 20-09-2014 à 23:41

Nukuri ndahojeje abavyeyi umuryango n’abagenzi. Imana imwakire. Ndifatanije namw mu mahanga iyondi.

6
Laziz Rujanabose 18-09-2014 à 21:58

Ivyo buzima nuko bimeze Imana umwakire mwubwami bwayo nayo incuti na bagenzi tura bahojeje Imana i bafashe kwihangana

7
Bumwe 18-09-2014 à 20:37

Imana imwakire.birababaje bavukanyi ariko tumusabire

8
niyonkuru alexir 18-09-2014 à 16:10

jewe nukuri urupfu gwa venent rurambabaje

9
blessing 18-09-2014 à 15:12

ntakundi Imana imwakir mu bwami bwayo aba6gay nabo bihangan bategur iherez ryabo

10
DIEUDONNE 18-09-2014 à 13:34

Murihangane bavyeyi n’abavukanyi,n’abagenzi b’umuhisi!Ivyo nivyo Imana yatugereye twese abavutse kumwana w’umuntu!Imana imwakire mubwami bwayo,Ameni

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha