IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yahagaritse itangwa ry’ikibanza cahahoze isoko (...)

Umukuru w’igihugu yahagaritse itangwa ry’ikibanza cahahoze isoko nkuru

mardi 10 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ahejeje guhagarika amasezerano Reta y’ Uburundi yari yagiranye na rya shirahamwe Sino Africa Trading and Investment initiatives ajanye no gutiza ico kibaza mu kiringo c’imyaka miringo itanu yose ishobora kwiyongera, nk’uko bivugwa na Leonidas Hatungimana avugira umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu c’ Uburundi Petero Nkurunziza akaba yahahagaritse inyuma yaho abatari bake mu badandaza , abo mu amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basemerereye ko iryo tangwa ry’ico kibanza ridakurikije amategeko ,mbere bakaba bari barahiye bararengwa ko batagenda bemeye ko ico kibanza kigenda gihawe abanyamahanga n’amarira, bahaririye igihe iyo soko isha igatokombera. Mbere amakuru atari make akaba yavuga ko ico kibanza coba cagomba cegurirwe bamwe mu bategetsi bakuru bakuru bo mu gihugu babicishije ku wusanzwe aserukira igihugu c’ Uburundi aho mu Bushinwa n’umupfasoni wiwe w’umushinwakazi. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akavuga ko ayo masezerano ahagaritswe mu ntumbero yo kwirinda ko iyo dosiye yohava itoba amatora, ikazogarukanwa rero amatora ni yamara kurangira.

Ariko mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu hoho bakaba bavuga ko iryo tangwa ry’ikibanza cahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura coba gitanzwe hisunzwe amategeko, kuko ata masoko arinda gutangwa mu bijanye no gutanga ibibanza. Ikindi kandi bakaba bavuga ko batazi na gato abagize iryo shirahamwe Sino Africa Trading and Investment and Initiatives.

Tubibutse ko ayo masezerano yavuga ko iryo shirahamwe rizohakorera urudandazwa mu kiringo c’imyaka 50 ishobora kwiyongera, kikaba gifise uburinganire bungana n’amahegitari 3,65 kigizwe n’igice cose cahiye hamwe n’ikibanza kidandarizwamwo imboga n’ivyamwa muri kino gihe. Ayo masezerano ategekanya ko mu mezi atatu ayo masezerano atewe ko igikumu, iryo shirahamwe ry’abashinwa ritegerezwa kuba ryatanze ingene ibikorwa vyo kwubaka bizogenda hamwe n’ikirangaminsi c’ishigwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

Iryo shirahamwe ryiyemeza kwubaka muri ico kibanza mu kiringo c’imyaka itanu igorofa y’ubudandaji mu buhinga bwa none, muri iyo gorofa,hobaye harimwo inzu nini irimwo ivyumba vyinshi vy’uburaro, amamangazini menshi ikibanza gishobora kwakira imiduga 250 hamwe n’izindi nyubakwa zitandukanye.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.