Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu amenyesha ko bagiye kwitaho gusumba ibikorwa (...)
Umukuru w’igihugu amenyesha ko bagiye kwitaho gusumba ibikorwa rusangi
jeudi 31 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko atanze ikigongwe ku bapfunzwe bose bamaze guciribwa imanza havuyemwo abagirizwa gufata ku nguvu,abakoze ubusuma bakoresheje inirwanisho,abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha hamwe n’abahungabanije umutekano.
Mw’ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije abarundi ku munsi wo guhimbaza umwaka mushashaw’2016,umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta izobandanya ibiganiro bihuza abarundi bose,gutanga inyigisho zo gukunda igihugu,gutunganya neza ubutungane,guhuza amategeko n’ibihr turimwo,gukurikirana hafi ibikorwa vy’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,no kwitaho gusumba ibikorwa rusangi.
Muri iryo jambo,umukuru w’igihugu yasavye abakozi ba Reta kuguma ku kazi kuko imishahara izobandanya kuboneka,aca ashimira ikigo gitoza amakori OBR kuko ku mafaranga bategekanya gutoza barengejeko imiriyaridi 9.
Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta ishigikiye ubwigenge bw’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru,aca asaba ubutungane gukora mu maguru masha kugira ibimenyeshamakuru vyera bizotangure gukora mu minsi ya vuba.
Ku bijanye n’umutekano,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abajejwe umutekano kubandanya no kunyarutsa igikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu,abarundi nabo bitwararike kandi bakingire ibidukikije.
Umukuru w’igihugu yasavye abahunze gutaha mu gihugu c’amavukiro kugira baterere mu biganiro bihuza abarundi bose.
Umukuru w’igihugu yarangije amenyesha abarundi n’amakungu ko ata bikorwa vy’ubwicanyi n’ihonyabwoko biriko biraba mu Burundi.
IGIHE
Messages
31 Kigarama 2015, 22:33, par harimensh
Komera mutama, uwukwanka azokwandureko.
31 Kigarama 2015, 23:24, par Bigirimana Leonidas
Komera Nyakwubahwa.
1er Nzero 2016, 00:04, par Frodebu
Komera mutama, abakwanka bakwandureko pee.
1er Nzero 2016, 07:21, par lilis
Komera mutama ndagushikiye kwi jambo ushikirije abarundi nabo aho Bari ndaba saba gukunda ababatwara ni gihugu cabo cabibarutse Kandi mwese mugire happy new year.
1er Nzero 2016, 07:59, par tomstar aka7
Ivyo ndavyemey mugabo leta ikwiy gukor uko bishobok ikagarukana impunz mugihugu.kuk ntakunt yotwar igihugu aband bakiri inyuma.urumv namakungu yokwikeka ibind.
1er Nzero 2016, 08:48, par mutama
irambire mutama ushaka kumva yumve utabishaka nawe nibimuraba. isinzi ryabanyagihugu rikurinyuma mpaka.
1er Nzero 2016, 09:11, par Hassa
Umwaka mushyashya mwiza gusa ibyo umukuru w’ igihugu cy’ Uburundi yakoze abohora abari mumabohero nigikorwa kiza. ariko nagabanye imfu zabantu binzirakarengane zikomeje kuzira ubusa.Ibyo kuvuga ngo abahunze bose batahe ataravanaho ikibazo cyamoko ( ubwoko) nubundi bazongera batane mu mitwe.Nakureho ivangura abanyagihugu bose ababone kimwe .ashyireho nd, Umurundi nkuko mu Rwanda hariho ndi umunya Rwanda Uburundi buzona amahoro.
1er Nzero 2016, 10:31, par Joseph Mabayi
Ntitwararike Ibikogwarusangigusa Arabenabenegihugubirigwabarafa Arabeko Umutekano Ucungereweneza Dutanguranenabishasha
1er Nzero 2016, 10:46, par Nganji Tony
Nyen’icubahiro nakomere k’umuheto turamushigikiye.
1er Nzero 2016, 11:13, par Twizerimana Sadath
Mutama Shimshikara Utuyobore.Tunabasaba Kuturonderera Umutekano Mugihugu Cose.Tunabasaba Komwokwigisha Abanyagihugu Kwitaho Umutekano.Ivyo Bikigisha Abanyagihugu Bose.
1er Nzero 2016, 11:18, par ego
mutama ivyo umaze gukora ivyishi turabishim ukivug rimwe twumva 100% mumwak itanu tuzob tuhonyor hamw nabo batutsi biburay komera kwibanga wahaw nabarund imana inguhaz mubo yakuragije ok
1er Nzero 2016, 13:09, par Emmanuel Nikuze
Ibikogwa Rusangi Nivyiza Nuko Bikogwa Habanje Kurengwa Itegeko Ryakane Ry’Imana Bigakorwa Kw’isabato.
1er Nzero 2016, 13:16, par MWARIMU
AMAHORO NAYO. MUGA NABANZE ADUHE UMUSHAHARA YEMEYE AHO TUZOCA DUSUBIRA KUMUTORA.
1er Nzero 2016, 20:01, par Iean christophe
Ibikorwa rusangi got kumesa
1er Nzero 2016, 22:12, par niho tur
non wunvis mutama niw yabajan barek gashiga yabajanye buca ibagarukan ubutarariy kazima wumvis uk yaray avuz haragez ko...,.
2 Nzero 2016, 01:09, par bukuru jervain
nyakubahwa. petero nkurunziza umukuru. wigihugu. cuburundi. ukaba numukozi. wimana ndabakeje cane kumigambi. idasanzwe mufitiye icogihugu. cacu cuburundi kandi ndabifurij. umwakamwiza.
nyakubahwa. jwe ndavye uko ibintu. vyagiye biragenda mugihugu guhera mukwezi 4/2015. gushika unomusi ukaba ukirikungoma. vyukuri nibakureke. wiyoborere
kuba. iryanama rukokoma yariyakozwe nibihugu. bimwebime vyibihangange kwisi. yokukuvanaho kunguvu. nkuko bagize kadafi hari ibihugu. vyishi cane vyibihangange vyaciye bikuvugira. mbere bitako biratanga gasopo idasanzwe yokudahirahira ngo bakugwanye kuva icogihe ibihugu Vyinshi cane vyahise bitinya cdd fdd . nukuri jw ndemerako wimitswe nimana.
mugabonaho mbona mwakajije icyumutekano mugihugu cose raba vm mugwize ubuzi mugihu kugirango. ivyobishomeri vyize bironke icobikora vyitunge kandi nababahenda ntibazaronka. ahobamenera.
tahukanavuba. izompuzizose. bagaruke twubake igihu geregeza m ushire kumurongo abobose umurengwe wafashe basigaye bitwara mkivyihebe ekambere nabahungiyehanze bafite umurengwe wokugaruka kudurumbanya. umutekano mubasangeyo mubacure mukoresheje inzira zose murekuriwe namategeko
iyo ufise Ababa cumin 10 hakavamwo 2 bacika ibirara nivyizako ivyobirara 2 ubikura mwabo 8 beza kugirango ukingir abataraba ibirara.
hanyuma mutama tangura mushire mungiro imigambi yanyu mwiyemeje kudukorera mutibagiye cakibuga mpuzamakungu cindege cibugendana hamwe naryabarabara ryindarayi mwatwemerera. mwiyimyaka itanu hanyuma we we nareta urongoye mukurikize icivugo ngo:" DUKORA DUSENGA DUSENGA DUKORA": :"mwirinde amajambo menshi . mugwize ibikogwa kuko. abakeba nabatovyi bazoguma bashaka kwonona imigambi yanyu nokubasamaza kugira mute success kuri bene burundi namakungu murakoze.
2 Nzero 2016, 14:26
YAVUZE UKURI NYAKWUBAHWA KUKO IBIKORWA RUSANGI NINGENZI MWITERAMBERE
2 Nzero 2016, 15:44, par ndayisenga mohamed
nyenicubahiro pierre nkurunziza,ndamwipfurije umwaka mwiza canee,nokutuyobora neza muri uyumwaka naho hariho abatovyi,reka tubihereze imana imuhe ishaka nkiryo yatanguranye agitorwa nabanyagihugu,nimba ukunda igihugu nu ugitwara nabanyagihugu ndusenge tuvuge amen,,
3 Nzero 2016, 06:42, par Byukusenge elias
Nonese ko perezida asaba abarundi gutaha abandi akabizeza ibitangaza kandi ko twumva ubwicanyi bugikorwa muburundi aho ibyo avuga nuku ese petero nkurunziza aremerako ziriya ngabo bazohereza muburundi gucunga umutekano
3 Nzero 2016, 18:35, par ndayishimiye francois
uragahora kungoma mutama
3 Nzero 2016, 19:39, par Iribuka
Jewe mbona atanyungu nimwe ivyo bikorwa vyiwe biriko biratuzanira atari ingorane za kazoza,kugwiza amashure abayizemwo baheza ngo ntakazi bazobaha nukwirirwa akoresha abanyagihugu kunguvu,ewe farawo reka kwicisha ubwoko bw’Imana umuruho ,inzara n’ubukene ubicishije ntivyari bikwiye
5 Nzero 2016, 07:39, par ndayisenga
ese .umukuruwigihuguyoreste .abandibagatwarajewendayinibereyekenya ,arikoumukuruwigihugu yisubirekononeabarundibazohungakugezakumperayisi?.
8 Nzero 2016, 22:12, par diomede inteyiteka
nanje icyombona nuko yorekura igihugu
13 Nzero 2016, 12:41, par Ntahomvukiye,jean’baptiste
None,kubonabarengejeko,amafaranga,meshi,nibwobutunzi;canke,urumva,atarubugome,bukabije,mbegareta;yuburundi;ha_birambembone