IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba abarundi kwuzuzanya mu gushigikira ubumwe (...)

Umukuru w’igihugu asaba abarundi kwuzuzanya mu gushigikira ubumwe bwabo

jeudi 5 Ruhuhuma 2015

Mu gihe imyaka 24 irangiye abarundi bitoreye Ubumwe bwabo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asaba abarundi guhimbaza uwo munsi bivuye kumutima, mu gutsimbataza ubumwe.

Muri ivyo birori vyari vyitabwe n’abantu batandukanye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yagarutse ku bihe bibi vyaranze Uburundi, ibihe vyatumye abantu isinzi bagandagurwa, abandi barangara, bitumwe n’ibura ry’ubumwe bw’abarundi, eka n’amacakubiri yari azingamitse abarundi. Petero Nkurunziza akaba yasavye abari bitavye ivyo birori bose, kudatamba ariko bazigiye mu mitima, nyabuna bigine uwo munsi bivuye ku mitima yabo, umwe wese aheze yuzuze mugenzi we aho ahobahoba.

Ku bwa Petero Nkurunziza rero, ubumwe bw’abarundi bwarondewe, bugiye kuzoshigikirwa n’umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha, aho yasavye abarundi bose co kimwe n’abanyamahanga bakunda Uburundi, kuwukunda no kuwushigikira, kuko ku bw’umukuru w’igihugu, uwo murwi ufise akazi kenshi.

Ku bwa Sylvestre Ntibantunganaya yahoze aronagoye Uburundi, akabona ko ubumwe bw’abarundi butagiye akagirire, kuko habaye zimwe mu ntambwe. Ntibantunganya, rero akavuga ko naho habaye vyinshi vyagiye biteranya abarundi baryana abandi bangara, vyagabanutse, agasaba ariko ko inzego zose kuja hamwe mu gufumbatira ubumwe.

Abanyagihugu rero bari bitavye ivyo birori, bamwe bakabona ko ubumwe buriho, abandi bakavuga ko ataburiho, mu gihe hari abicwa kakaba akamizwe n’ingoma, eka mbere n’itotezwa ryabadasangiye ivyiyumviro vya poritike n’abandi, ryarabandanije aravye abagiye baricwa n’abahunze igihugu, kuva mu mwaka w’2005 kugeza uwu munsi.


Aristide Nizigire

Messages

  • PETER WE URABANZA UBUKUNDE NAWE NABANDI BABONERERWEHO KUSHIKUBU UKABA ATACO URAVUGA KO UTAZOKWITOZA NIBIKI KUNDA UBUMWE NYAKUBAHWA•MURAKOZE

  • Prezida Nkurunziza, Ndogukunda gushika gupfa waravutse impundu diravuga, nunomusi abarundi turacazikuvugiriza, namakungu akubonye agukurira inkoferu bakoresheje kugujubitira amasarundi, you’re at list , ariko bitabijinweko abadashaka kubwobumwebwotsimbatara Bacabatangura kwitoza utunyoni bakubwirango urabanzubukunde nabandi babonereho! Uwutarabona kukuda ubumwe bwabarundi sinovugako atarumurundi kuko nabatarabarundi barazimo urumwami wubumwe nyakuri, ariko tubita injavyi.

  • None yitoje ntumutore hari ikibazo?reka niyitoza abanyagihugu tuzabanguranya. twanke kumutora sinumva ikibazo ufise

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.