IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu asaba intara ya Makamba kwijukira iterambere

Umukuru w’igihugu asaba intara ya Makamba kwijukira iterambere

samedi 15 Ruheshi 2013

Mu ntara ya Makamba, kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013, nk’uko bisanzwe ya misi yose mu mugambi wiwe wo kwegera abanyagihugu, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yarakoranije kuri uwu musi wa gatanu mu ntara ya Makamba, komine ya Mabanda, abajejwe intwaro baho, ababa, imvukira z’i Makamba n’abagwizatunga bakorera muri iyo ntara.

Intumbero y ‘izo nama zama zikorwa mu gihugu cose ni ukurabira hamwe aho bageze mu ntara yabo mu kwiteza imbere. Ni nk’ihiganwa ryiyemejwe n’intara zose z‘Uburundi buri mwaka, aho zose zishingira ku kurwiza inyubakwa kurusha izindi (amashure, amavuriro, amabarabara, ibibuga vy’inkino, inyubakwa z’abajejwe intwaro hamwe amazu y’ingenzi hamwe no gutwara ibendera mu kuba intara ya mbere irangwa n’amahoro n’umutekano kandi ikongera ikaba iya mbere mu vy’ubutunzi mu ntara 17 zose z ‘iguhugu.

Ni ibihe umukuru w’igihugu aronkeraho akaryo ko gutanga impanuro kubaba bari aho na cane cane abanyagihugu,urwaruka, abakuze, abatama kugira Uburundi busubire gutotahara, burangwemwo amahoro n’umutekano.

Buramatari w ‘ íntara ya Makamba mw’ijambo ryiwe ryo kwakira abaraho hamwe n’abandi bose bagiye barafata amajambo barakeje cane umukuru w’igihugu ku gashimwe yaronkeye mu Buyapani ‘’Agashimwe k’indondozi y’akarorero muri Afrika, 2008 -2015 hamwe n’agashimwe gaheruka kuronswa umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise Bucumi Nkurunziza muri Leta zunze ubumwe za Amerika.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.