Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukuru w’inama nshingamateka yiyemeje gukorana nabo bafanije (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yiyemeje gukorana nabo bafanije (...)

Umukuru w’inama nshingamateka yiyemeje gukorana nabo bafanije kuyirongora

vendredi 31 Mukakaro 2015

Umukuru w’inama nshingamateka mushasha Pascal Nyabenda yatowe kuwa kane igenekerezo rya 30 Mukakaro,amenyesha ko nabo bari kumwe mukurongora inama nshingamateka bazokorera hamwe muguhuriza kuvyo batumvikanako.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,Pascal Nyabenda yavuze ko bazokorana nabo bari kumwe mu nama nshingamateka gushika bashitse ku mwumvikano.

Pascal Nyabenda yibukije kandi ko, abaserukira abanyagihugu ari abatowe kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2015 mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,hamwe no kuwa 21 Mukakaro mu matora y’umukuru w’igihugu.

Mwomenya ko icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ari Rwasa Agathon ,icegera ca kabiri nawe akaba Edouard Nduwimana yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • gwasa yahemukiye abarundi twomusako yoduha isiguro yicamutumye afata iyongigo yukuja munama nshigamateka atemera

  • Uwahemukiye a Barundi ni Nkurunziza. Rwasa arazi ivyo yakoze kiretse bansumirinda bashaka kumwihekako ngo abashikane kumaronko yabo. Turamukeje kandi tumwipfurije kuroranigwa no gukebura izo mfyisi zaba DD.
    Abanamarimwe twese turamushigikiye naho abo bavuga ayamuhe turabazi. murabo nta nshuti ya FNL irimwo. Rwasa azobereka yuko mwese mwihenda. Ibimwenye vyari vyiteze ko aheba kumwe kwa 2010. Abanamarimwe twe twa mutumye turazi igikorwa agiye kutumarira. Komera kumuheto Mutama

  • turakeze umukuruyatowemushasha ngwarongore inamashingamateka turakeze agathon rwasayaseguhemukira abarundi rwasantiwahemutse ahubwowerekanyekukunda abarundi nijerehamwehobonekankabantu11bamezenkwawe uburundibwoteyimbere

  • Gwasa yashoboy kubon ko yari yarahenzwe,arigarura.nt komera komer

  • uri nyabenda koko, nk’uyu azamaririki u Burundi bw’umuganwa Rwagasore??? rindira gato inzara ize ibasonge muzamarana ubwanyu. Naho Rwasa wewe inzara yarimukumwica hama aba dd bazana uduhendamaso baramuha kandi bamwemererako irya dossier y’abanyamulenge itazopfa iserutse na rimwe

  • emma

    komera mutama nyabenda mufashe kizigenza wacu nkurunziza mubimugora vyose ntimuce mubimutana, kandi ntimuzokorere kubwoba kandi muzobanguke nkinkona kizire kurambigwa kandi umenyeko uwubana namukeba adakubita urugohe.

  • De Ntavyohanyuma A Nyabenda. Le Cholera Et La Peste Iyo Bapfuma Bayiha GIHAHE.

  • Umukuru winama nshinganateka, Pascal Nyabenda, nabobuzokorana mu bureau, turabakeje. Hanyuma njukowabivuze turabasavye mushire amaguruyose mwayomabanga mushinzwe ntimumerenka Piyo Ntavyohanyuma ukugurukumwe kwabakuri mubashingamateka ukundikuguru kwibereye mumanama yubuganbanyu mubabirigi nomuri basesankuyoze babarundi

  • Ni
    Nyakubahwa
    Hon Papa turabakeje kumabanga mashasha mwatorewe,vyukuri turinyuma yanyu ibihe chose .
    vyukuri Izondongozi dose zinama nshingamateka yuburundi turazemeje kuko ziri nabiwabo babakunda kandi babizeye mukubahundamajwi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.