Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka yiyemeje gukorana nabo bafanije (...)
Umukuru w’inama nshingamateka yiyemeje gukorana nabo bafanije kuyirongora
vendredi 31 Mukakaro 2015
Umukuru w’inama nshingamateka mushasha Pascal Nyabenda yatowe kuwa kane igenekerezo rya 30 Mukakaro,amenyesha ko nabo bari kumwe mukurongora inama nshingamateka bazokorera hamwe muguhuriza kuvyo batumvikanako.
Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,Pascal Nyabenda yavuze ko bazokorana nabo bari kumwe mu nama nshingamateka gushika bashitse ku mwumvikano.
Pascal Nyabenda yibukije kandi ko, abaserukira abanyagihugu ari abatowe kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2015 mu matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka,hamwe no kuwa 21 Mukakaro mu matora y’umukuru w’igihugu.
Mwomenya ko icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ari Rwasa Agathon ,icegera ca kabiri nawe akaba Edouard Nduwimana yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Van Naris Mugisha
Messages
31 Mukakaro 2015, 10:32, par nzeyimana jean
gwasa yahemukiye abarundi twomusako yoduha isiguro yicamutumye afata iyongigo yukuja munama nshigamateka atemera
31 Mukakaro 2015, 11:48, par christopher
Uwahemukiye a Barundi ni Nkurunziza. Rwasa arazi ivyo yakoze kiretse bansumirinda bashaka kumwihekako ngo abashikane kumaronko yabo. Turamukeje kandi tumwipfurije kuroranigwa no gukebura izo mfyisi zaba DD.
Abanamarimwe twese turamushigikiye naho abo bavuga ayamuhe turabazi. murabo nta nshuti ya FNL irimwo. Rwasa azobereka yuko mwese mwihenda. Ibimwenye vyari vyiteze ko aheba kumwe kwa 2010. Abanamarimwe twe twa mutumye turazi igikorwa agiye kutumarira. Komera kumuheto Mutama
31 Mukakaro 2015, 11:54, par kabura george bataziramavuta
turakeze umukuruyatowemushasha ngwarongore inamashingamateka turakeze agathon rwasayaseguhemukira abarundi rwasantiwahemutse ahubwowerekanyekukunda abarundi nijerehamwehobonekankabantu11bamezenkwawe uburundibwoteyimbere
31 Mukakaro 2015, 12:24, par Happy
Gwasa yashoboy kubon ko yari yarahenzwe,arigarura.nt komera komer
31 Mukakaro 2015, 12:52, par rwegura
uri nyabenda koko, nk’uyu azamaririki u Burundi bw’umuganwa Rwagasore??? rindira gato inzara ize ibasonge muzamarana ubwanyu. Naho Rwasa wewe inzara yarimukumwica hama aba dd bazana uduhendamaso baramuha kandi bamwemererako irya dossier y’abanyamulenge itazopfa iserutse na rimwe
31 Mukakaro 2015, 13:40, par emma
emma
komera mutama nyabenda mufashe kizigenza wacu nkurunziza mubimugora vyose ntimuce mubimutana, kandi ntimuzokorere kubwoba kandi muzobanguke nkinkona kizire kurambigwa kandi umenyeko uwubana namukeba adakubita urugohe.
31 Mukakaro 2015, 14:13, par Kariyo
De Ntavyohanyuma A Nyabenda. Le Cholera Et La Peste Iyo Bapfuma Bayiha GIHAHE.
31 Mukakaro 2015, 15:32, par Iragiryagahuturemi
Umukuru winama nshinganateka, Pascal Nyabenda, nabobuzokorana mu bureau, turabakeje. Hanyuma njukowabivuze turabasavye mushire amaguruyose mwayomabanga mushinzwe ntimumerenka Piyo Ntavyohanyuma ukugurukumwe kwabakuri mubashingamateka ukundikuguru kwibereye mumanama yubuganbanyu mubabirigi nomuri basesankuyoze babarundi
31 Mukakaro 2015, 22:40, par Nsengiyumva Daniel
Ni
Nyakubahwa
Hon Papa turabakeje kumabanga mashasha mwatorewe,vyukuri turinyuma yanyu ibihe chose .
vyukuri Izondongozi dose zinama nshingamateka yuburundi turazemeje kuko ziri nabiwabo babakunda kandi babizeye mukubahundamajwi.