IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha : Abantu bahagarirwa kwitaho abari mu (...)

Umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha : Abantu bahagarirwa kwitaho abari mu ngorane

lundi 19 Myandagaro 2013

Igenekerezo rya 19 Myandagaro, uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha. Uwo munsi washinzwe hisunzwe igitero cabaye igenerezo rya 19 Myandagaro 2003, ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Bagdad mu gihugu ca Irak, igihe bariko baribuka imyaka ibiri yari ihaciye umunsi mpuzamakungu wahariwe gufasha ushinzwe. Igitero c’i Bagdad kikaba cahitanye abantu begera kuri 22.

Icivugo c’uno mwaka w’2013 ni : « Isi iracakeneye vyinshi vyo gufashwa ». Bitegekanijwe ko abava mu mihingo itandukanye yo kw’isi bafata akanya ko kwibuka abahitanywe n’ico gitero, n’abandi basanzwe bafasha kw’isi bapfuye mu myaka yagiye irakurikira.

Uyu munsi mpuzamakungu wa 19 Myandagaro, ni umunsi kandi wo kwibuka abo bose bahasize ubuzima bariko bagerageza gufasha abari mu ngorane, no gushimira abo bose badahengeshanya gufasha abandi kw’isi yose. Ku munsi ku munsi hakaba hafashwa abantu barenga umuriyoni kw’isi yose. Uyu mwaka bakaba bagiye gushimikira cane kuvya nkenerwa vyo gufasha kw’isi, gusigura no kwerekana neza igikorwa c’abafasha.

Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ati : «Abakozi basanzwe bafasha nibo twikorako mu kubarungika vuba na vuba gutabara, kugira twerekane ko tubabaranye n’abababaye. Abo bitanga bakora ibikora inka n’aho ivyo bakora bitoroshe, kuko batanga ubuzima bwabo kugira bakize ubwabandi »
Igenekerezo rya 19 Myandagaro, ni ni akaryo ko gufasha guhimiriza abanyagihugu kuja mu bikorwa vyo gufasha abari mu ngorane kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rihamagarira abantu bose basanzwe bafasha mu gutabara imbagabare, abakora mw’iryo shirahamwe, ibihugu vyose bikorana n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’ayandi mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike kwama bahimbaza uno munsi.

Mwokwibuka ko uwu munsi wanshinzwe ku mugaragaro n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’2008 kugira bahimirize abantu gufasha abari mu ngorane kw’isi. Igenekerezo rya 19 Myandagaro naryo, ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abahitanywe n’igitero cabaye i Bagdad, aho hapfuye abagera kuri 22, mu mwaka w’2003. Uno mwaka kw’isi yose bakaba bibuka imyaka cumi ihaciye iryo bara riguye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.