Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umupfumu wo mu gihugu ca Ghana yemeje ko ariwe yahaye uburozi Cristiano (...)
Umupfumu wo mu gihugu ca Ghana yemeje ko ariwe yahaye uburozi Cristiano Ronaldo
jeudi 5 Ruheshi 2014
Umupfumu wo mu gihugu ca Ghana yemeje ko ariwe ntandaro y’igikomere co mw’ivi c’umukinyi Cristiano Ronaldo. Ivyo abigira kugira ico gihangange co mu gihugu ca Portugal ntazokine mu rukino ruzohuza Ghana na Portugal mu nkino z’igikombe c’isi zizobera muri Bresil.
- Nana Kwaku Bonsam
Nana Kwaku Bonsam yemeza ko ari umupfumu karuhariwe, ko ariwe ntandaro y’igikomere ca Cristiano Ronaldo. Ku nsamirizi Angel FM yumvikanira ku murongo wa 96.1 mu gihugu ca Ghana, uwo mupfumu yagize ati : "Ndazi ukuri kw’igikomere ca Cristiano. Ndabivuze ata nkuru zirimwo. Mu ndwi iheze hoho naravyunyuye, nazanye imbwa 4 kugira nongereze inguvu z’amareba yitwa "Kahwili Kapam".
Abandanya avuga ati : "Igikomere ca Cristiano Ronaldo nta muganga n’umwe yoshobora kukivura, kuko ni amareba y’inguvu zanje. Bazobona ingaruka mbi zavyo, uno munsi ni mw’ivi, ejo mw’itako, uwundi munsi naho bizoba ibindi".

Tubibutse ko Cristiano Ronaldo gushika ubu hasigaye indwi imwe kugira inkino zitangure ataramenya ko azokina, kuko ntarakira igikomere co mw’ivi. Uwo mupfumu ashaka ko igihangange Cristiano atokina igihe Portugal izokina na Ghana, kuko azi ko yobangamira abakinyi b’inyuma ba Ghana. Hazoba ari kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2014, igihe c’isaha cumi na zibiri i Brasilia.
Cherif Nkeshimana
Messages
5 Ruheshi 2014, 20:09, par Coldman’Zi
Hopfuma n’uyo mu Ghaneen, Nana Kwaku Bonsam, yiyaturiye ico yipfuza kugire aharanir’agateka n’iterambere ry’abanyagihugu n’igihugu ciwe c’amavukiro. Ego, gukora ikibi canke uburozi si vyiza, ariko nkagira nti abarundi dukwiye kuhakura icirwa co kwama dushira imbere inyungu no kurwanira igihugu cacu c’u Burundi.
5 Ruheshi 2014, 20:21, par Eloge Claude Irabona
kuba akunda igihugu ciwe ntibimutume kwica Ronaldo
5 Ruheshi 2014, 21:47, par BAZOGENDA BARAGWIRA
N*aje irya! Ivyo baba bigira imana zidapfa ga ni ibiki?
None ugira ngo,aho ni ho azoba abishoboye?
Ahubwo n’aroge abakinyi bose bazogenda bahura na ekipe yiwe ya ghana. Kuko,mubisanzwe portugal si yo yonyene izoba iri muri ayo mahiganwa.
5 Ruheshi 2014, 22:03, par Serge
Ghana izofatigwa ibihano Uwo mupfumu azopfa kumusi wugwo rukino kuko Ghana bazotsindwa
6 Ruheshi 2014, 11:01, par Kolly
Karashiz’ingani ngo abarozi basigaye biyemerer’abo baroze kunsamirizi hama uwo yaroze hamwe apfuye vyomugendekera gute nigihugu ce?
7 Ruheshi 2014, 14:26, par Diom
Abo n´abashaka kumenyekana mubibi
Nanj gusa byonezera adakinye wanashaka mondial yose kuko sindamufana nacanecane bivanye ku myitwarire mibi yiwe
7 Ruheshi 2014, 17:11, par mutabazi
Uyu ubundi niwe mupfumu wa Rosoferi Paul Kagame!!!
8 Ruheshi 2014, 00:39, par Umunyarwanda cyane
Ariko wowe wiyita Mutabazi ufite ikihe kibazo???? Muri politique ngo Kagame munkino naho ngo Kagame,wowe uri interahamwe mbi cane kabisa,nubu ntimurahaga amaraso yabantu?? H.E Kagame interahamwe imwe muri miliyoni z’abanyarwanda ntabwo yadusubiza inyuma nagato,dukomeze dutere imbere mutabazi we yigumire mundoto ze,uzapfa utyo ntacyo ugezeho.
8 Ruheshi 2014, 18:53, par JACKY
Ahubwo ko yiyita umupfumu kabuhariwe yari guha ubwo bukabuhariwe bwiwe abo bakinyi biwe ba ghana bigatuma batsinda atiriwe abangamira ubuzima bwuwundi muntu. Uyo mupfumu kuva yiyemerera ubwo bugizi bwa nabi imisi yo kubaho kwiwe deja ubu iraharuye " ghana ntizotsinda, ntizoshika imbere nagoto kandi kumusi bazokinirako na portigal portigal izoyitsinda uwazero kandi bazoce bafungwa basigure ubwo bupfumu bwabo bitwaza. ibi sivyiza nagato kandi ntasura nziza biha ghana nabanyeghana nagato.
9 Ruheshi 2014, 19:00, par theogene ndikumana
Abapfumu bahanwa n’amasengesho kuko na badayimoni tuzosenga mpaka Imana imukijije
10 Ruheshi 2014, 09:52, par theogene ndikumana
Nagomba kubabwira ko naho atokina bazotsindwa
5 Myandagaro 2015, 20:31, par Nshimirimana Dieudonne
Uwo Mupfumu Ni Umubeshi Kuko Si Imana.Indoto Mbi Z’uwo Mupfumu Zizotsindw.