IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Inkuru > Umwaka w’2014 wabaye mwiza ku muririmvyi N John

Umwaka w’2014 wabaye mwiza ku muririmvyi N John

samedi 8 Munyonyo 2014

N John ariko agenda ku muvuduko uhambaye. Inyuma yaho intara yiwe ya Karusi yubakiye incibutso ciwe, agira atere iteka ururirimbo rwamuhaye amahigwe yo kuronka ivyo vyose. Eka n’ibiteramo vyo kwigina umwaka birategekanijwe.

Amaze kubona aho ururirimbo "Ndasavye Ijambo" rumugejeje mu kumuha amahigwe yo gutsindira Isanganiro Awards, no guterwa iteka ryo kwubakirwa icibutso mu ntara yiwe ya Karusi akiri muzima, N John nawe agira ashimire urwo ruririmbo.

Igikorwa c’isanamu y’ururirimbo "Ndasavye Ijambo" cashizwe mu minwe y’umuhinyanyuzi karuhariwe Black Arthur. N John yipfuza ko ururirimbo rukorerwa isanumu nziza cane. N John ati : "Ururirimbo rwampaye amahigwe menshi muri uno mwaka rutegerezwa kuronka isanamu nziza."

JPEG - 61.6 ko
N John ahawe "Isanganiro Awards 2014"

N John rero ariko agiye gutangura kuzunguruka hirya no hino mu biteramo bitandukanye, ikimaze kumenyekana n’igiteramo kizobera i Nyamubutsi mu ntara ya Gitega.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.