Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyikazi Cynthia aje mu Burundi kuririmba no gutanga (...)
Umuririmvyikazi Cynthia aje mu Burundi kuririmba no gutanga imfashanyo
mercredi 13 Myandagaro 2014
Inyuma yo kugaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro, Cynthia Iteka, umuririmvyi w’umurundi aba mu gihugu ca Suède avuga ko aje gukora ibijanye n’umuziki yongere afashe ba ntahonikora.

Ahejeje kwururuka indege avuye mu gihugu ca Suède, Cynthia Iteka yabwiye abamenyeshamakuru bari aho ko mu bimuzanye mu Burundi harimwo kuramutsa umuryango incuti n’abagenzi no kwikumburukanya n’igihugu ciwe c’amavukiro. Nk’uko asanzwe ari umuririmvyi, Iteka aje gukora indirimbo ziyongera kuzo afise, yongere na ntaryo amenyekanishe ururirimbo "Nd’umukenyezi" yakorewe n’umuhinyanyuzi Aron Ntunga.

Cynthia Iteka ahejeje kumenyerana n’igihugu ciwe akanayaga n’abantu batandukanye, azoheza atange imfashanyo ku bantu ba ntahonikora, naho atadomako urutoke ku bazofashwa. Bikeyi avuga ko afise azobisabikanya n’abahuye n’imvura mu Gatunguru.
Mwomenya ko Cynthia Iteka asanzwe ari muri bamwe bakora ivyo gufasha abatishoboye (Action Humanitaire). Muri ico gisata, uwo mwigeme aramaze gufasha gutoza imfashanyo yo kugarukira ku bakenyezi baburiye ivyabo vyahiriye mw’isoko nkuru ya Bujmbura. Yaranafashije no kwegeranya uburyo bwo gufasha Yannick Nihangaza (naho atagize amahirwe yo gukira ).
Inyuma y’ibiganiro agiye kuzogirana n’abamenyeshamakuru, Cynthia azomenya aho azohera mu gutanga imfashanyo yiwe.


- Cynthia ariko ayambirana na se wiwe


Umviriza ururirimbo "Nd’umukenyezi" rwa Cynthia Iteka
Cherif Nkeshimana