Accueil > Inkino > volley-ball > Umurundikazi wa mbere yatowe nk’umuhagarikizi mpuzamakungu w’umupira (...)
Umurundikazi wa mbere yatowe nk’umuhagarikizi mpuzamakungu w’umupira w’amaboko
vendredi 14 Ntwarante 2014
Uburundi bugeze ku ntambwe ikomeye mu buhagarikizi bw’inkino. Nadine Nibigira aherutse gutorwa nk’umuhagarikizi wa mbere w’umurundikiza yinjiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rw’umupira w’amaboko Volley-ball.
Kuva kw’igenekerezo rya 03 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 10 ukwo kwezi nyene, umurundikazi Nadine Nibigira yari yitavye ivyirwa vyariko bibera mu gihugu ca Kenya ku murwa mukuru Nairobi. Ivyo vyigwa vyari vyateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rw’umupira w’amaboko Volley-Ball (FIVB), ibihugu 7 vyari vyaserukiwe n’abagime n’abakenyezi bategerezwa gutorwamwo abahagarikizi mpuzamakungu b’urukino rw’umupira w’amaboko.
Muri abo, umurundikazi Nadine Nibigira yatahukanye ikibanza ca gatatu, maze ahabwa urupapuro "certificat" rumwemeza nk’umuhagarikizi mpuzamakungu muri urwo rukino. Aciye aba umupfasoni wa mbere w’umurundi agiye kuri urwo rwego, ahambije umugabo Emmanuel Ndibanje asanzwe nawe nyene ari umuhagarikizi mpuzamakungu mu rukino rw’umupira w’amaboko Volley-ball.
Tubibutse ko Uburundi bufise abahagarikizi batari bake, cane cane mu rukino rw’umupira w’amaguru, aho hanatoewe uwitwa Jean Claude Birumushahu azoja guhagarikira mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru zizobera mu gihugu ca Brésil, hazoba ari mu kwezi kwa gatandatu.
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Ntwarante 2014, 10:36, par Kabizi
Bravo Nadine!Ariko waravyibushe cane kare uciga muri IEPS ntiwangana uko!Ngira ni ubugore bwatumye uvyibuha!Courage et aller de l’avant!