Accueil > Ukwemera > Abakristo > Umurwi Mukama menyekana uriko ufasha abakristu gutahura ubuzima (...)
Umurwi Mukama menyekana uriko ufasha abakristu gutahura ubuzima bw’Aberanda
jeudi 31 Gitugutu 2013
Mu gihe abo mw’ ishengero rya Katorika buca bahimbaza umunsi mukuru w’Aberanda bose, umurwi Mukama menyekana wateguye indwi yahariwe kwigisha inyandiko nyeranda, ku buzima bw’aberanda. Intumbero y’iyo ndwi akaba ari ugufasha abakristu kumenya ubuzima bwabo buca bahimbaza.
Ku bw’umubikira Mariya Lusiya Kayandakazi umuremeshakiyago wo muri Mukama menyekana, avuago ko inyigisho ku buzima bw’Aberanda zikenewe ku bakristu bose. Muri Ekleziya Katolika Aberanda bakaba bafise akamaro kanini kuko bafatwa nk’akarorero, intungane bafasha umukristu gukurikira inzira nziza, inzira ibashikana ku Mana. Ikindi kand,i Aberanda babafata nk’abakuru babo mu bukristu kuko bafatwa nk’akarorero keza mu kwemera.

Muri uyu mwaka rero, inyigisho zatanguye kuva kw’igenekerezo rya 28 Gitugu. Kuva ico gihe gushika ku wa 1 Munyonyo, umunsi mukuru w’Aberanda bose ni akaryo keza ku bakristu bazitabiriye, aho bariko barigishwa ubuzima bw’Aberanda nka Polo, Ogistino, Faranswa na Tereza. Mama Mariya Lusiya akaba avuga ko mu nyigisho baheza bakarabira hamwe, ubuzima bwaranze uyo mweranda kuva mu buto gushika yitabe Imana.
Izo nyigisho rero zikaba zitabwe n’abakristu batari bake nk’uko uyo muremeshakiyago abivuga. Kandi abazitavye bose bakaba bahakura ubutumwa, na cane cane gufata akarorero keza nk’uko abo badutanguriye baba barerekanye akarorero keza, nk’uko mama Mariya Lusiya abandanya abivuga. Abakristu rero bokunda cane izo nyigisho kuko zigaburira imitima yabo.
Abandanya asaba abajayo ko batoheza ngo batahe ukwo bagiye, ariko bohakura ikintu gikomeye, akarorero keza ako nako kakabafasha haba mu kibano, aho barangurira imirimo yabo n’ahandi.
Aristide Nizigire
Messages
22 Mukakaro 2015, 05:57, par JEAN MARIE NDAYIZEYE
NI VYIZA KO UBUZIMA BW’ABERANDA TUBUSOMA MU BINYAMAKURU N’AHANDI BIRADUFASHA.