Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w’URUNANI ntiworohewe mw’ihiganwa muri Tunisie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi w’URUNANI ntiworohewe mw’ihiganwa muri Tunisie

Umurwi w’URUNANI ntiworohewe mw’ihiganwa muri Tunisie

mardi 17 Kigarama 2013

Umurwi w’URUNANI usigaje urukino rwa gatanu arirwo rwa nyuma bahava bakina kuri uwu wa kabiri isaha icenda ku masaha y’i Bujumbura. Mu nkino zine bamaze gukina mw’ihiganwa bamazemwo iminsi mu gihugu ca Tunisie, umurwi w’urunani watsinzwe muri izo nkino zose uko ari zine.

Urukino rwa mbere rwahuje URUNANI na Benghazi yo muri Libiya, urwa kabiri rwahuje URUNANI na Libolo yo muri Angola. Urukino rwa gatatu rwahuje URUNANI na Kano Pillards yo muri Nigéria, urwa kane narwo ruhuza URUNANI na Malabo yo muri Guinée. Muri izo nkino zose uko ari zine, umurwi w’URUNANI ntiworohewe na gato, kuko batsinzwe hose. Urukino rwa mbere batsinzwe amanota 83 kuri 54, urwa kabiri 120 kuri 84, urwa gatatu 72 kuri 38, urwa kane narwo 97 kuri 50.

Bitegekanijwe ko kuri uwu wa kabiri, igenekerezo rya 17 Kigarama 2013, isaha icenda ku masaha y’i Bujumbura ariho umurwi w’URUNANI uhava ukina urukino rwa gatanu ari narwo rwa nyuma ku kirangaminsi c’uwo murwi muri iryo higanwa ririko rihuza, muri Tunisie imirwi yabaye iya mbere mu karere ikinamwo. Umurwi w’URUNANI, ari nawo wagiye userukira akarere ka gatanu (Zone 5) uhava ukina n’umurwi "Primero de Agosto"


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.