Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umuryango w’ibihugu vya Afrika usabwa gutsimbataza amahoro ata ntererano (...)
Umuryango w’ibihugu vya Afrika usabwa gutsimbataza amahoro ata ntererano urinze gusaba
mardi 28 Gitugutu 2014
I ARUSHA mu gihugu ca Tanzaniya harabereye inama igira gatanu iba uko umwaka utashe kuvyerekeye gutsimbataza amahoro n’umutekano muri Afrika. Abari muriyo barasavye ko umuryango w’ibihugu vya Afrika (Union africaine) ko wofasha wonyene imigambi y’umutekano muri kino gihe ufashwa n’ibihugu rutura ku bice 97 kw’ijana.
umuryango w’ibihugu vya Afrika wasabwe kwikurako ico bise umugera wo gusabiriza ("syndrome de dépendance") abawufasha muvyo kubungabunga amahoro n’umutekano. Abo babishikirije kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Gitugutu, mu nama yatunganijwe n’umuryango w ‘ubumwe bwa Afrika, Tanzaniya, ikigo ca Afrika ciyemeje gutatura amatati bidaciye mu ngimba arico (ACCORD), hamwe n’ishirahamwe ryigisha ivyerekeye umutekano (Institut pour les études de sécurité).
Abari muriyo nama barerekanye ko ari nkenerwa ko hojaho imigambi irashe yotuma Umuryango w’inbihugu vya Afrika udatungwa gusa n’imfashanyo, bashimikira cane cane ukuntu uwo muryango uhanga amaso ONU iyo hageze gutunganya imigambi yo kubungabunga no gutsimbataza amahoro.

"Urugero rwo gufashwa tugezeko uwu munsi ntaworwihanganira, ahubwo dutegerezwa ingingo zibereye kugira ivyo bintu tubivemwo. " Ibi nivyamenyeshejwe na Ambasaderi Kongit Sinegiogis, aserukira igihugu ca Etiyopiya mu muryango w’ibihugu vya Afrika, no mu gusata ca ONU kijejwe ubutunzi bwa Afrika(Commission économique des Nations Unies pour l’Afrique).
Umuryango w’ubumwe bwa Afrika utegekanya gukoresha imiriyoni 142,6 z’amadorari y’abanyamerika mu mwaka w’i 2015 mu bikorwa vya minsi yose, hamwe n’imiriyoni 379,4 z’amadorari y’abanyamerika mu kurangura imigambi. Mur’ayo yose, ibihugu vya Afrika bitanga ibice 28 kw’ijana mu mafaranga y’ibikorwa vya minsi yose, mugihe abafasha Afrika, hambavu yo gutanga ayasigaye, bongera bagatanga 97 vy’ayo umuryango w’ibihugu vya Afrika ukenera mu kurangura imigambi yayo.
Messages
28 Gitugutu 2014, 15:13, par Bukebuke
Ni vyo kabisa. Ukuntu wama wumva ngo imfashanyo, imfashanyo..... vya misi yose biranatera kwama abany’Afrika bama babona ko vyose biva mu bihugu vya Rutura! ntivyica abo bategetsi gusa kuko n’abakura bazokwama babona ko ata bundi bukiriro atari imfashanyo bigaca bitumma no kwiyungunganya(créativité) bitagikunda mu Rwaruka rwa none!!
29 Gitugutu 2014, 00:48, par Ntakumuhana
Hanyuma ngo mwarikymukiye mudashobora kuronka n’amahera nukoresha mukubungabunga umutekano.ushima mutikukiye uwubahaye ayo mfashanyo abategeja ningene muyakoresha.kandi ikibabaje kurusha Niyo mfashanyo muhabwa iva mu mutungo kamere bakura aho muri Africa nyene kuko atari kwicana no.kutavirira ubutegetsi vy’iziziye abatwara Africa.kurakuziko yakubegeye kubwawe,