IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umusirikare umwe yahitanwe n’amasasu mu biro vy’umukuru w’igihugu (...)

Umusirikare umwe yahitanwe n’amasasu mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi

lundi 20 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Amasasu yumvikanye ku muhingamo wo kuri w’Imana ahakorera umukuru w’igihugu c’Uburundi (Présidence de la République du Burundi), mu gisagara ca Bujumbura. Umusirikare umwe ari mu bacungera ico kibanza niwe yitavye Imana, uwundi umwe arakomereka.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ari umusirikare akorera mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu yirashe bitewe n’isanganya (Mégarde), akaba yaciye yitaba Imana.

JPEG - 47.4 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Colonel BARATUZA arabeshuza abavuga ko uwo musirikare yarashe muri bagenzi biwe, nawe bagaca bamurasa, ahubwo akavuga yirashe wenyene, yongera akomeretsa mugenzi we yari amwegereye.

Umuvugizi w’igisirikare ashikiriza ko uwo musirikare ata burwayi bwo mu mutwe yari afise, kuko abarwaye ikibanza cabo atari ku kazi.

Ku bijanye n’umutekano wo mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Colonel BARATUZA avuga ko iryo hungabana ry’umutekano ataco ryononye, kuko vyabaye akanya gato.

Aho twavugana n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, imyidondoro y’uwo musikare yaguye mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu ntiyari bwamenyekane.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.