Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umusirikare wa Uganda yarashe abantu 7 i Kampala
Umusirikare wa Uganda yarashe abantu 7 i Kampala
vendredi 17 Ruheshi 2016, par
Umusirikare wa Uganda yishe abantu indwi, harimwo abana batatu, aho yadutse kurasa mu bantu ikivunga mw’ikambi iri ku murwa mukuru Kampala.
Uwo musirikare, Sgt Isaac Obua, yahavuye nawe araswa; Umukuru w’urwego rw’igipolisi rwo mu gisirikare, Major Edward Birungi yavuze ko Sergent Obua yoba yari yatase n’umugore wiwe.
Bivurwa ko yari yanyoye, mu nyuma atangura kurasa igihe yariko arondera umugore wiwe, we akaba yashoboye kwihisha, Uretse abana batatu bafashwe, Sgt Obua yishe umusirikare w’umugore, n’abandi bagore batatu b’abasirikare.
Abandi babiri bivugwako bakomerekeye muri uko kuraswa kwabereye mw’ikambi ya Makindye mu bumanuko bwa Kampala, Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda Lt Col Paddy Ankunda yavuze ko bose bangandariye abo bantu bishwe na Obua.

Abamenyeshamakuru bari i Kampala bavuga ko hamaze kuba kenshi ibinti nk’ivyo muri Uganda, aho umusirikare yaduka kurasa mu bantu.
Mu kwezi guheze, abantu batatu barishwe abandi batandatu barakomereka, mu kirabo, barashwe n’umusirikare; no mu mwaka w’2014, umusurikare yarishe abantu 10, abarasiye mu kirabo nyene.
IGIHE
Messages
18 Ruheshi 2016, 18:36, par nsengiyumva
ntakundi urumva nawe ivyaciy bimushikira