IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umutekano w’igihugu wagarutsweko mu nama y’umukuru w’igihugu n’aba (...)

Umutekano w’igihugu wagarutsweko mu nama y’umukuru w’igihugu n’aba buramatari

mercredi 5 Ntwarante 2014

Mu nama y’ukwisuzuma yahuje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’aba buramatari bose b’intara z’igihugu c’Uburundi, basanze ibisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu vyifashe neza, kiretse umutekano uza urahungabana rimwe na rimwe.

Inyuma y’iyo nama yabereye mu mwiherero ku murwa mukuru w’intara ya Gitega ku munsi w’ejo igenekerezo rya 4 Ntwarante 2014, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko yari inama yo kwisuzuma, barabira hamwe ivyaranguwe, n’ivyokorwa muri kazoza. Muri iyo nama, baboneye hamwe ko umutekano umaze iminsi uhungabana, kenshi ibibazo vy’amatati y’amatongo bikaba arivyo biba intanduruko. Mu gihe ikirere c’Uburundi kimaze iminsi gihindagurika, bikigaragariza ku mvura y’isegenya, imiyaga n’inkuba bihitana abantu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye abarongoye intara z’Uburundi bose ko borwiza ibikorwa vyo gukingira ibidukikije.

Abarongoye intara z’Uburundi barashikirije ikibazo babona c’abana baguma bahagarika amashure, bivuye ku miryango yabo ihindura aho iba mu ntumbero yo kurondera amatongo, canke abanyeshure bahagarika ivyigwa bagiye kurondera ubuzi mu bisagara. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye ba buramatari b’intara ko bokwama bahimiriza abo barongoye ku kamaro ko kwiga.

Nk’uko vyashikirijwe na Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, abarongoye intara barasabwe guhagurukira ikibazo c’abanyamahanga bibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi, kandi badafise uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Umukuru w’igihugu yasavye abo barongoye intara kwama bagenzura, mu kurondera abadafise impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi, canke bwo kuharangurira imirimo. Muri iyo nama, ba buramatari barashikirije umukuru w’igihugu ubukene bafise bw’ibikoresho, cane cane nk’amabati, ibikoresho vyo kwubaka amashure n’ibirwati. Umukuru w’igihugu yarabaremesheje, abamenyesha ko ayo mabati yamaze gutangura gutangwa, kandi n’ibindi bikoresho bizobashikira mu gihe ca vuba.


Egide Nduwimana

Messages

  • mbe ko umengo ba buramatari bakoreye inama mukabare. ehe izo ntebe. kandi bamenye ko nubuhinga bwa none bwaje. ntaburamatari wo kwandika mu ntoke haraje i machine zitwa laptops. ikindi umuntu utegura aho umukuru w igihugu akorera inama aje yiyumvira ahantu hisoneye atari nka hano mbona. ewe burundi uragasimbimanga.

  • Ukwo nugutumwanya ahokuraba ibintubiboneka baracari munkinamico ngibintu vyose nisawa ikibazo ci ndyane zimigambwe ntikijwi?imbonerakure ntizivugwa
    yebabawe nihatari ati harabasenga bisengera nabasenga bifuriza abandi inabi.

  • NINDE HITLER
    IMBONERAKURE=INTERAHAMWE=SELEKA=NAZI
    REMA FM=RADIO TELEVISION DES MILLE COLLINES=RUTOMORANGINGO

  • Wewe wiyita UMUNYAGIHUGU,MURWI,ISHAMI,mwebwe murafise ingorane mumitwe yanyu.muvyanka muvyemera,canke mukinda mwubitse inda canke mukagarama,dutegerezwa kubarongora,kandi tuzobatwara mpaka,ico nobamenyesha coco simusi yimyaka50 tubanyiganza.tekereza.CNDD-FDD nomuri 2015 izotsinda.ivyo rero ntampari zirimwo.muvuga dukora.mutukana tubasengera kumana,mucumura dusenga,mwikura mumatora dutsinda95%.mbere muri2015 hoho99.95%.PRESIDANT NKURUNZIZA tsinda2015,namajwi 99.95%,IMANA IRAKUBONA,kandi yarakutwihereye nguturongore twebwe ABARUNDI.

  • Ewe SEKURI eka uri sekuri koko. ahubwo wewe uri aveugle. raba amakosa aba DD mumaze gukora hanyuma ubone kuvuga ivyo. Erega kunyiganza no gutwara biratandukanye. niyo mpamvu munyiganza rero aho gutwara, ari ivyo vyo kunyiganza iyo myaka 50 uvuga muzoyimara ariko icyo umunyagihugu ashaka si ukunyiganzwa ni kumuha aho yigira, yivuriza, asumira akambara n isuku. ehe uratira agashambara ugende ruguru undabire. Mu burundi niho hakiboneka abantu bagwaye imvunja ku nkokora, kandi abo bose ngo ni aba DD. ndabira nawe nka zirya ntebe ba buramatari bicayeko mu nama n umukuru w igihugu. Na jewe ndi nyarucari sinazicarako nkaswe ba nyakubahwa ba governors.

  • None nkiyo inama ibaye mu mwiherero, akamaro nakahe ko kutubwira ivyo bavuganye. Je ntabeshe, simbona icotuma biyugarana bavuga ibintu nkivyo mbona ko bisanzwe. Hariho rero ikintu kinyegejwe. Vyongeye ayo mabara y’igihugu turayakunda ariko mbona barengeje mukuyamanika. Na Obama atwara EU, mpora mbona inyuma yiwe haja i drapeau imwe gusa. None twovyita ko ari ugukunda igihugu birengeje?

  • ewe Matwi uravuga aya muhe! Ubwo n’ubugome bukwuzuyemwo gusa?

    ariko uze ubaze ico bita umuhemu,
    ni wasiguza uzokuramwo inyigisho, then you would conclud if you are included or not.

  • eeeehhh mbe mwabonye ko zirya ntebe bicayeko bagerekeranije zibiri zibiri? Niba ataruko zoba zaravunitse canke zigoyagoya vyoba bisigura kandi ko ba nyakubahwa "Governors" bariye birabashika kuburyo bicaye kugatebe gahobahoba koca kavunika!! Yamara umwirimizi umukanda ni wose mu nda, Abana b’uburundi kuri Université bagiye kwicara iwabo mais ba nyakubahwa birire igihugu vyonyene!! Mon pays vraiment ça choque ce qui se passe làbas !! Mais Dieu est amour.

  • Biratangaje cane muri 2014!!! these colors are so many. This is ignorant decoration. As long as the country is very poor,the mindset is also poor. Aho bukera PETERO araza kwiyita u Burundi bwose. ndabira ukuntu yakiriwe mw’ivu ariko ntabigaye. ABAHUTU AHO BAVA BAKAGERA NTIBAZI ORGANISATION, NO GUTWARA NI IBINTU VYABAGWIRIRIYE, UBUSANZWE BAZI KURIMA NO KWICA GUSA.

  • AHUBWO GUHIMIRIZA SIWO MUTI.MUTI NUKO MWOKWICARA MUKIYUMVIRA KAZOZA KABANA BOSE MUDAFATIYE KUMWANA W’UMUTEGETSI.NONE NIYIGA AGATORA EXAMEN D’ETAT AKABURA UKO YIGA KAMINUZA MWIBAZA KO IGIHUGU KIZOBA GIFISE AMAHORO?EHE BAMWE BAKORESHA URWARUKA IBIBI BARACA DUKORESHEJE.

  • Mbega ayo mabara nta kuntu boyagabanya. Erega n’idrapo imwe irakwiye, igikomeye ni ivyo bapfundikira muri izo nama. None akabazo ku bazi utuntu n’utundi: iyo bavuze ngo inama yabaye mumwiherero hanyuma umuvugizi w’umukuru w’igihugu agaca abimenyesha abarundi, bisobanura iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.