Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 12 mu bagize igitero bishwe
Umuvugizi w’igisirikare amenyesha ko 12 mu bagize igitero bishwe
vendredi 11 Kigarama 2015
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard Baratuza amenyesha ko 12 mu bagize ibitero mw’ijoro ryo kuri uno wa kane igenekerezo rya 10 Kigarama 2015 ku makambi y’abasirikare bitavye Imana abandi 21 barafatwa.
Mu kiganiro yahaye iradiyo y’igihugu Gaspard Baratuza yavuze ko abagize igitero muri zone ya Musaga yo muri komine Muha na zone Ngagara yo muri Komine Ntahangwa boba bari bafise intumbero yo gutora ibikoresho vya gisirikare vyo gukoresha mu ntambara nk’inkoho n’amasase.
Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko ku ruhande rwa gisirikare ata numwe yitavye Imana,ariko ko hari batanu bakomeretse harimwo abababaye ubu bariko bavurigwa mu bitaro biri mu gisagara ca Bujumbura.
Hejuru y’abapfuye n’abafashwe mu bagize ivyo bitero,Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko inkoho nyinshi n’amasase menshi navyo vyafashwe n’abajejewe umutekano.
Umuvugizi w’igisirikare arangiza ashimira abasirikare ku butwari no kwisunga ubuhinga bakoresheje mu kurwanya abansi bateye amakambi.
Mwomenya ko ivyo bitero vyabaye kuva nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Kigarama 2015, 13:27, par baratuza
ububeshi bwawe turabumenyereye abana bacu bahahereye imana izobahorera mukomeze mutwicishirize abana ngo bariko bararwanira kandi igihugu arimwe mwagitaye mumagume kubera kutubahiriza arushya n’ibwirzwashingiro ry’ u ’burundi
11 Kigarama 2015, 13:27, par baratuza
ububeshi bwawe turabumenyereye abana bacu bahahereye imana izobahorera mukomeze mutwicishirize abana ngo bariko bararwanira kandi igihugu arimwe mwagitaye mumagume kubera kutubahiriza arushya n’ibwirzwashingiro ry’ u ’burundi
11 Kigarama 2015, 13:39, par Ndayegamiye Céléstin
Abashaka Kudutamumanga Nibateshwebate Imana Iratubona Twebe Abarundi !
11 Kigarama 2015, 13:42, par Hitimana François
None gayemwe,ko bavuga ngo umutekano niwose!abo batera bava he? Ntamutekano uri mu Burundi..Ahubwo duseng-Imana idutabare!
11 Kigarama 2015, 13:51, par Girikigongwe
None Abarundi Tuzoruhuka Ryari?Mana Tabara Igihu Cawe
11 Kigarama 2015, 13:52, par muzicuza
Ese mwavuzeko arimwe mwapfuye basanze muryamye barabica none gayemwe muravuga batanu bakomeretse nabo nuko badafise iradiyo ngo babavuguruze.
11 Kigarama 2015, 14:18, par BWENGE BWISI NUBUPFU GUSA.
IZO NTARI Z UBURUNDI ZIRIKO ZIZIRA NDE?EMA MASEZERANO YA ARUSHA ARAKADUKORE DUSUBIRE MUNTAMBARA KANDI?MANA TABARA
11 Kigarama 2015, 14:21, par fidele
ikibabaje sintambara nabanyagihugu bariko barahona ataco bazira.emwe ururundi ntibukiri ubwantare ubu ntinku bwarambo,.mana kiza abawe!!
11 Kigarama 2015, 14:23, par SUBIRI WARINYOKA
Mur’INGABO za YESU koko MUr’INGABO ha aho BASHA mwaberetse ko MURI INTAVOGERWA umwana amenya ko urwenbe yakinishije rwari rukarishe iyo rumukevye
11 Kigarama 2015, 14:34, par Franck
Ese none ntabwo baraheza kubafata? Ko nguma nunva urwamo rwinshi rwamasasu? Mbega nikuki? Bagumije bugaye amabarabara nabana bamwebamwe batagiye gukora ibibazo bahise babasubiza inyuma.
11 Kigarama 2015, 14:54, par Chabani Ismail
Hahaaa Uburund Burakwiy Amashimw Vrm Guko Buraz Kugwana Igitangazi Nuko Bagwana Nabafise Inkoho Zikomeye Gusa Ariko Muri Musi Bo Ntibapfe Nibaza Kwari Lobo Nazone Esprit Zirahe
11 Kigarama 2015, 15:02, par Bukuru
Ahubwo rero ivyo vyugupfunga muze murabireka mugigwako izombwebwe mufata mumena izontumva
11 Kigarama 2015, 15:05, par Bukuru
Ahubwo rero ivyo vyugupfunga muze murabireka mugigwako izombwebwe mufata mumena izontumva
11 Kigarama 2015, 15:08, par kanamugire
Birabaje kandi birateya agahinda kumava muntu byitwa uvugira igisirikara uvaga babavutiye umunti ukamenga abarashwe sabantu nkaho umenga ninyamaswa zapfu yego nibyiza kuba bigamba namukungu yumva bitebe bitebuke ikinyoma kizoja ahabona. Nibyibyama amatohoza arabandanya nkuko babivuga misiyose nkahumenga ntibazi ababikora kuvuga meshi siko kuyamara
11 Kigarama 2015, 15:21, par Nasri
arik webogutera uryamye bakwiteguye!hasigay ngo 12.Ngo nawentanumwe!!!!bamubesheriyo babamongoyemwo namwe.!?
11 Kigarama 2015, 15:40, par Gilbert Bigirimana
Abarundi Turacafise Imana Idukunda Kandi Igiye Kudutabara Vuba.
11 Kigarama 2015, 16:00, par Kibwa
Basha Reka Bawunywentibumva Igisirikare Cu Burundi Ntikicigiswakurasa Komere Ntwaramiheto Tubarinyuma Abomwafashe Mwabavugiyiki Kandi Muziyomubabika Ijontumvazitumwananyangoma Kubitiyomihimbiri Abasigayenibareke Nayahandi Barahera
11 Kigarama 2015, 16:09, par bka
AHUBWO NIMUSENGE .IYABAREMYE.NAHANDI.UBURUNDI.BUBAYE.NKU.BWAFARAWO.NI MWASENGA.NTAKINANIRA.IMANA.
11 Kigarama 2015, 16:10, par Tuze
Ico nobwira mwe musoma ibi vyanditswe nuko Ihonya bwoko ribandanya. Ntakindi.
Mwe mwumva ko hari abotera amakambi ngo bagiye gutora ibigwanisho. Atavyo bafise ntangwano botera. Ni ivyitwazo ngo bice abatutsi mu ma Kambi be no mu ma quartiers. Namwe mubaze neza, muramenya ko aba officiers b ’abatutsi baraye bishwe hirya no hino mu gisagara. nukobimeze. aba civils nabo police ibandanya ibaniga, c’est tout. Tubandanye turorera génocide.
11 Kigarama 2015, 16:26, par cumanyundo-Kocora
Izo mbunda bakoresheje nizo BIHOZAGARA yatwaye i BURUNDI. Gusa barashira ba SINDUMUJA. Mutegereze murebe uko bizarangira. Bazapfa nibigeraho kagame ubohereza nawe intambara imugereho kandi azakocorwa kuburyo azannya mumapantalo.
11 Kigarama 2015, 16:27, par KB
Inj
11 Kigarama 2015, 16:36, par Abdullah sulaiman
Aho ntibari kureka gukora kubera hari muhira iwabo ahandi kwataco bakora
11 Kigarama 2015, 17:04, par None?
Hakuna kurara, twebwe abajejwe umutekano bacu bu Burundi hagize uwicwa ntacotuma tutavuga koyishwe narurya amakungu yamaze kubonako abobatera ari aba terrorist / abiyahuzi ntakunturero woreka kuvuga umwiyahuzi koyaguhekuye. Basirikare bacucu cakira inzonjavyi"
11 Kigarama 2015, 17:13, par Spoteless
Umwuga mubi ni politike umwuga wububeshi ubugizi bwa nabi ubusuma nibindi barahemukiye igihugu kandi bararahiye bose ntibashaka ineza yabarundi hama leta naba oposants babo ndetse nabo bigira ngontaho bahagaze nibareke gukina namaraso yumuntu
11 Kigarama 2015, 17:35, par Arcade Niyera
Eka!!Ntamaho Ari Muburundi!"ziguruka Zose Muga Zikaribwa Kumazina Kandi Ayamaraso Ahaye Aseseka Haha!Hariho Abazoyabazwa! Amen Mana Urampa Iherez Ryiza
11 Kigarama 2015, 17:40, par Haaaa
Izonterahamwe mwarungitse kwica abo banyeshuri bomuri isikamu mwibaza yuko vyose bitamenyekanye urukino mwakinye Imana ibahangaze kukko îvyo mukora Imana yonyene niyo izi icizokora kuko ivyo mukora birateye ubwoba nisoni
11 Kigarama 2015, 17:43, par Haaaa
Izonterahamwe mwarungitse kwica abo banyeshuri bomuri isikamu mwibaza yuko vyose bitamenyekanye urukino mwakinye Imana ibahangaze kukko îvyo mukora Imana yonyene niyo izi icizokora kuko ivyo mukora birateye ubwoba nisoni
11 Kigarama 2015, 17:49, par Nibikora André
Abakristo dushishikare gusengera igihugu cacu.
11 Kigarama 2015, 18:17, par Koffi.
Turashimirg Igisirikare C,uburundi Kubwitonzi Nubukeretsi Bafise Mukurwanya Abansi Ab,aribobose Turabashimiye Kuryikorwa Bakoze Muririjoro Ryakeye Muzohorane Ubwobutwari Murakoze.
11 Kigarama 2015, 18:31, par vian
Uyumugabo Atey Amakenga Ntakuntu Yovuga Ngohapfuy Cuminababiri Gusa,ngoboba Bashka Mirongo Itanu Gusa Hm Mwunva Bohagarika Imitima Igisagara Cos
11 Kigarama 2015, 19:23, par Mwizero
Non iyohabay ibtero hapfa abarwany gusa ntabareta nab bapfa?ko muduhuma amaso!!
11 Kigarama 2015, 20:03, par KWIZERA
birababaje kubona abanu bapfa burimuns, gusa ico bose barwanira ni kimwe. kandi kirahenze.bizohera nakitagira iherezo.bozopfa babisige.!
11 Kigarama 2015, 20:05, par KWIZERA
birababaje kubona abanu bapfa burimuns, gusa ico bose barwanira ni kimwe. kandi kirahenze.bizohera nakitagira iherezo.bozopfa babisige.!
11 Kigarama 2015, 20:37, par casimil
barundi benewaci nahobimezuku nimuze dusenge kuko imana irafise amasezerano k uburundi
11 Kigarama 2015, 20:38, par ERIC NDACASABA
Baribesha Nibemere Bafashwe Bahorabaririmbangobahinyanyure Bazohavabasanga Aribobihinyanyuye Izonyasi
11 Kigarama 2015, 20:38, par Nduwamahoro
Mwebwe Mwebwe Muriko Muronona Igihugu Cabibarutse Ndababwire Mwese Ngomuzoherera Kuba Abaprezida Nkundirara Ndabahanure Umuntu Abaye Prezida Imana Ibayemeye Koaba Prezida Naho Mutoba Umutekano Nimwiyumvire Mubireke Ushaka Gutwara Igihugu Ubicisha Mumatora Hanyuma Uwutowe Ukamwubaha Kandi Ukamwubahiriza"wanseivyo Urapfa Usize Igihugu Abandi.........Heraheza....
11 Kigarama 2015, 20:51, par Karuhijwe
Raba Mugire Ico Muhinduye Kuko Abarundi Twarushe.Mwibuke Ko Ibihe Turimwo Atarivyo Twaritwiteze
11 Kigarama 2015, 21:11, par JUMA
ABOBATEYEIKAMBIABAYITEYEBAKORESHEJEAMABOKOKUVUGAKOBARIBAJEGUTORAINKOHO
11 Kigarama 2015, 21:12, par casimir
manatabara abarundi
11 Kigarama 2015, 21:51, par KAREZO
EWE RWARUKA RW I.BURUNDI TWARAGOWE AHORERO MURFUYE ARIKOBENE KUBATUMA BIRARAMIYEHANZE REKANDABITUM I BABWIRE ATI BASHINGE KAMPUNI BADUHE AKAZI HAKO BADUHA INKOHO NZOKUTUMARA
11 Kigarama 2015, 22:07, par Niyonsaba Jean Pierre
Amatwi Y’ihene Yumva Yokeje!Ururimi Bumva Nugwonyene Akataraza Kari Munyuma Bataretse.Hari Uwuvuze Ngo Igisirikare Ntikikavugeko Cabanywesheje Umuti.Eh,none Bavuge Ngwiki?Ushaka Urupfu Usoma Intare!Batagejeje Aho Kazi Yao
11 Kigarama 2015, 22:20, par Ntawuhora Kungoma
Mbeko Muvugako Baribajekwica Abatutsi Bari Bande??? Canke Hoba Hapfabatutsi Gusa??Mbwirasha!!Urarabeneza Ntub Urimwo.
11 Kigarama 2015, 22:56, par bizohera.
Icombona hakwiye ukuri. Bagaheba ibinyoma. Abantu33 botera amakambi3 yose. Ahoharimwo?. Murakoze. Nimuvyigeko.
12 Kigarama 2015, 00:20, par esuperi
we Kocora, nterahamwe; Kagame umuzanye ute mu bibazio byi Burundi?
Ahubwo Interahamwe nizo zifite inyungu mu kavuyo kiburundi.
12 Kigarama 2015, 00:45, par Ruhongora Injavyi
Mon Col.izombwa reka tuzivugutire umuti nimba bibaza ngo ni cagipolice bagira kwikirimbiro.ko badusotoye reka tubahongore nabacitse nuko bahungiye mubiwabo kumusaga haraho bwogaruka tukaburigata.nuko haramazu menshi bwikinga ahandiho ntanuwari kubara inkuru.
12 Kigarama 2015, 01:09, par Wastre
Mutama Wacu Komera,tubarize Ubwobunyenzi Igihe Bwogarukira Twasigaranye Umunoho Kuko Twashaka Tuzobucumbire Uwibigori Canke Intete Nivyo Bukunda Mugabo Bwari Bworoshe Gutabira.Cenared Ibusuka Tubusuka Kumacuniro.
12 Kigarama 2015, 02:06, par Avec
Abajejwe umutekano bu Burundi vyakavuzwekera komuri babitumako nizereko uwutaribwavyemere muramwemeje murashoboye. Hanyuma ndasavye kowoza muratubwira aho aboba terrorist bababaribasanzwe baba, arabarundi bahunze bagaruka guteroriza abasigaye tukabimenya, arabarundi bahendwa nabibereye Bulaya ngobaterorize uburundi tubimenye, arabanyadwanda tubimenye>
12 Kigarama 2015, 03:40, par 71173845
innocent nzoyikorera
12 Kigarama 2015, 05:45, par manirakiza serges
ineza izokwa itsinda inabi.n’a new e umwegihugu ntifuzaguhunga igihugucanje mvuganti umwasinatuzwe iyazananahose ntaronke ahamenera.kuko umwasi wuburundi numurundi.
12 Kigarama 2015, 07:04, par J.Bosco Bahati.
Abobagesera Baguma Badukwegera Mungorane Kandi Twari Twibereye Mumahoro,imana Iakwiye Kubaha Igihano Kibakwiye.Turabasavye,nivyabangombwa Muradutumako Tuze Dufashanye Guhasha Uwomwansi Wamahoro.Jewe Ndi Umu Demobe Yiyemera Wo Mukirundo Gitobe.Ramba-komera.Imana Ibahezagire Murakoze.
12 Kigarama 2015, 07:34, par amen
twerek amafot yab mwafash
12 Kigarama 2015, 14:01, par sindayiheba
mana tabara uburundi
12 Kigarama 2015, 14:50, par Olivier Irakoze
a mr le colonnel guma ku nkizo y’umutekano we!!
12 Kigarama 2015, 19:44, par Mpozenzi Marcien
Hari ikidayimoni cateye aba bavugizi babiri c’ububeshi bakivugira ibinyoma ataco binona ariko mugiye guhinyuka kuko imisi y’igisuma ni 40. Ibara ryaraye riguye cane cane mu Nyakabiga na Jabe, barya bari abarwanyi bateye amakambi ? Ko mutabiciye imbere y’amakambi mukabasanga mu nzu mukabarasa,bamwe bamwe bari barambaraye ku mabarabara yo mu Nyakabiga? Ayo mabi mukoreye abanyagihugu muzoyabazwa, ayo maraso na yo azobahumira !
12 Kigarama 2015, 20:01, par Imanishimwe bernard
Ibyo Gaspard arikuvuga nikinyoma cyambaye ubusa,kuva abantu batangira gupfa haraho barigera bavuga ababo bapfuye,mureke mumasaha make turumva ababo bahasize ubuzima.murakoze.
12 Kigarama 2015, 20:15, par NDAYISABA ERICK
Mukomere kw ibanga mukurwany abo bansi b igihugu Imana nayo irikumwe namwe izabonger inkomezi.
12 Kigarama 2015, 20:44, par Mbonerakure Kunuka
Tuzobamesura Pe Ama Omo Nkurunz Peter Yarayaduhay Arakwiy
13 Kigarama 2015, 00:35, par Ryangombekigali
@Tuze (ikihebe sindumuja) . Kagire inkuru none abo ba officier b’abatutsi nimwe mwabagandaguye mubahora ko banze kuba ba Sindumuja (Extremistes tutsi-sans echecs)
13 Kigarama 2015, 10:51, par niyomwungere chaban
Ha Yemwe Uburundi Burikwije Yemwe! Abo Bansi Bigihugu Ni Mubakuremwo Amakuru Hama Mubice Ntakindi Ndumurundi Ndarivuze.
13 Kigarama 2015, 16:53, par ciza Melchior
Haaaaa Ivyiburundi Biragoye None Tuzova Muntambara Ryari Abagize Reta Nibarabe Bunvikane Nabobatavuga Rumwe Twebatobatotwironkere Amahoro Kuko Bobo Nububovakubutegetsi Bocabihungira YESU CHRISTO UMWAMIWACU ADUFASHE.
14 Kigarama 2015, 15:10, par diego
Igihe cyose Abarundi mutarumva ko ikibazo cyanyu arimwe kireba kandi mukamenya ko mwese Uburundi mubusangiye,ntabwo muzava mu bibazo murimo.Ikindi kandi mureke kuguma mwiteranya n’abaturanyi banyu kuko nta nyungu nimwe bafite yo kubona ibyago m’Uburundi.Icyatuma mugira amahoro twese cyadushimisha kuko iyi si twese turi abagenzi niyo mpamvu mukwiye kwicara buri wese akaemya ko ubuzima bw’undi bufite agaciro.Mwikomeza kwicana mufata ubuzima bw’abana b’Abaundi nk’ubuzima urunyegeri abantu bakandagira uko bashatse.Imana ibibashoboze
15 Kigarama 2015, 16:13, par GASWA.
MANA KIZA ABANA BAWE BUBURUNDI BARIKO BARICWA NKINYAMASWA BICWA NAB BITOREY NGO BABARONGORE.MANA GIRIKIGONGWE.KUBONA COLONEL AVUG IBINYOMA IMINS YOSE AFATA ABANTU AKABAGUZA N-AMAHER BIRATEY AGAHINDA MANA MUHE UGUHINDUKA.COL BARATUZA AYO MARASO MURIKO MURASESA MUBANZA GUHUNGISHA IMIRYANGO YANYU Comme Gaston Sindimwo Azoharugwa Kugatw Kanyu.Mb Ah Uvuga Ngo Ntamusirikar Yapfuye Bagutway Ibigwanisho Atabasirikar Bapfuye?Ayo Marira Abarundi Mwaray Muhekuy Barik Bararira Imana Irayumva,kandi Umeny Naw Yuko Uzopfa.Mbe Wew Waremye Abantu Bangahe?Weh Wariremye?
MANA GIR-IKOGONGWE.
15 Kigarama 2015, 21:02, par Elisaa
Amafoto12 Yabishwe
15 Kigarama 2015, 21:10, par Niyonkuru
AMAFOTO YABO 12 Bishwe
18 Kigarama 2015, 16:13, par MUSHIMIRE Emmanuel
Jye ndumiwe ubundi abatera umujyi wa bujumbura baturuka hehe
Bajya kugera mu Bigo byanyu murihehe?
Mwavuze ko mushimira abica abaturage, murwana na baringa se?
Murwana na nadekoko?
Mwice amaherezo muzabyishyura Imana ntizemera abana bayo bicwa nta
nkurikizi zirimo. Imana yaravuze ngo mporera abana gukiranuka kwa base, kandi ngo president wanyu ngo nu Munyamwuka la, Munsubize nimana niyo yamutumwe kwica abantu yaremye?
Cyangwa n’imyuka munsengasha, mukayitiranya n’umwuka wera?
Ngo muzabamenyera ku mbuto zabo bazaba batandukanye n’abi isi? abanyamwuka uwabashaka yabashakira mu BUNDI kwere ndumiwe rwose.
Gusa mana watabaye uburundi ko mbona UN na AU na EAC bose batereye agati mwuryinyo bizagenda gute uwo mwanzi utagira aho atera aturuka sa abaturage mwicango mwishe abasirikare. Ibyo byaba arubugwari rwose. Nkurunziza wabujije ingabo zawe kwica inzirakarengane, mugihe kiza muzabiryozwa se? Mbese wakoreye abaturage, Ubanze wibaze uti, mbese ibyo ngiye gukorera aba mbikorewe byanshimisha? nubona bitagushimisha ubireke, niba ibyo utabizi rero ukamanuka ukajya gusenga urishyiraho umuriro reka imana izabikubaza wenda ISI yo uzayiheza ariko se imana uzayiheza la? Tinya imana ureke abanya politike bagenzi bawe kuko nta kiza cy’abanya politike rwose
2 Ndamukiza 2016, 11:46
izi nitwa jonasi kuriyo nku abaribagize ico gitero nibande