IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuvyeyi w’umutambukanyi wa Domitille Kiramvu yatuririwe mu nzu

Umuvyeyi w’umutambukanyi wa Domitille Kiramvu yatuririwe mu nzu

jeudi 25 Ruheshi 2015

Inabukwe w’umumenyeshamakuru Domitira KIRANVU yatuririwe mu nzu i Mwaro, muri Komine ya Gisozi.

Nk’uko umuphasoni KIRANVU abimenyesha, iryo bara ryaguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 23/06/2015 isaha indwi z’umurango, uwo mutamakazi afise imyaka 77 yari yagendewe n’umukobwa n’abuzukuru biwe basanzwe baba I Bujumbura, mugabo nk’isaha imwe imbere y’uko iryo bara riba, abo bashitsi bari bahavuye bagiye kuramutsa incuti n’umuryango, baba kure yaho gato.

Muri ayo masaha ,niho mukanya gato bumva ababanyi basemerera batabaza. Ababanyi baje basanze umuriro wakwiye hose ataho boca kugira batabare uwo mutamakazi. Umuryango wa Domitlle KIRANVU umenyesha ko uwo mutamakazi yoba yabanje kwicwa imbere yuko aturirigwa mu nzu, kandi ko hoba hakoreshejwe igitoro co mu bwoko bwa essence kugira iyo nzu ishe mu mwanya muto.

Nk’uko Kiravu yabandanije abibwira BBC , umuryango wiwe ntukekeranya ko atari isanganya risanzwe ,kuko naho uwo mutamakazi wabo yari ashaje, yaragikomeye iyo abonye inzu ihiye yari gusohoka inzu igasha yonyene, kandi iyo nzu yahiye mu mwanya muto. Kuko ,abaje gutabara basange inzu yamaze gusha.

Tubibutse ko umutambukanyi wa KIRANVU, Léonce MASASE atashoboye kuronka ingene aja ku maziko vy’umuvyeyi wiwe, ivyo navyo bikaba vyavuye ku mvo z’umutekano wiwe utifashe neza ,mu gihe abantu bamwe bamwe na cane cane imiryango y’abamenyeshamaku umutekano wabo udashemeye


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.