IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Rwasa Agathon rwasibijwe yamaze kurenguka

Urubanza rwa Rwasa Agathon rwasibijwe yamaze kurenguka

lundi 15 Kigarama 2014

Sentare isubiramwo imanza ntiyumvirije Rwasa Agathon, nk’uko vyari bitegekanijwe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, akaba yabwiwe ko yosubira inyuma, akazotumwako hanyuma. Rwasa Agathon yaciye ashikiriza ikete yandikiye umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza, aho yamwibukije ko sentare zo mu Burundi zitagira uburenganzira bw’ukumutumako kuko yahawe ubudahangarwa vy’agateganyo.

Abanyagihugu isinzi bari bazindukiye gushigikira Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yari yatumweko na sentare isubiramwo imanza. Kw’isango yari yahawe y’isaha zitatu, Rwasa Agathon yari ahashitse, ariko akaba atinjiye aho yari kwumviririzwa, kuko yabwiwe ko yotaha, bakazomutumako hanyuma nibamukenera. Igiporisi cari cagavye, inzira yinjira ahakorera sentare isubiramwo imanza yugawe.

Mw’ikete ry’impapuro zitanu yaciye asigira umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza, Rwasa Agathon yasubiriye kwibutsa ko ubutungane bw’Uburundi budafise uburenganzira bw’ugutumako abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara kandi barahawe ubudahangarwa vy’agateganyo, mu masezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono hagati ya Reta y’Uburundi n’imihari yarwana. Nk’uko biri muri ayo masezerano, ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha vy’agahomeramunwa vyakozwe kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira gushika kuwa 4 Kigarama 2008 bitegekanijwe ko bizokwirwa n’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukusubiza hamwe, sentare idasanzwe ku Burundi nayo akaba ariyo izoheza igacira imanza abazoba bagirijwe ivyo vyaha. Mu kurindira, Rwasa Agathon amenyesha ko agumana ubudahangarwa, co kimwe n’abandi bategetsi ba CNDD FDD nabo nyene barindiriye ibizova mu murwi ujejwe ukuri, hamwe na sentare idasanzwe ku Burundi.

JPEG - 19.3 ko
Rwasa Agathon avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL

Muri ukwo gutumwako mu butungane, Rwasa Agathon avuga ko abonamwo intumbero y’umugambwe uri ku butegetsi utinya abo bazohiganwa mu matora yimirije mu 2015, agasaba abatwara Uburundi, ko namba igihugu kiri mu ntwaro rusangi, nk’uko vyama bivugwa, ko boreka ihiganwa rikajamwo ababishoboye bose, abanyagihugu akaba aribo bazokwihitiramwo uwo bashaka mu matora.

Abanyagihugu isinzi bari baje kumushigikira bakaba baciye bamukurikira ku muhana iwe i Kiriri, bagenda bararirimba indirimbo z’ukumuhayagiza, bafise n’inzandiko zariko amajambo asa n’ayasaba ko ubutungane bwokora no ku bundi bwicanyi bwakozwe mu Burundi. Amwe muri ayo majambo yavuga ati : “ Abarishije abantu amazirantoke ni bande?, Musenyeri Michael Courtney na Musenyeri Yohakimi Ruhuna ni bande? Abakereye amazosi y’ababikira b’Abatariyanokazi mu Kamenge kwa Buyengero ni bande? .

Igiporisi cari carungitswe mu bibanza vyose abo banyagihugu bacamwo, ariko kikaba cavyifashemwo neza, uretse umunyagihugu umwe yatswe iparati ndangamuduga (plaque) y’imodoka yarimwo, agenda aravuza amahoni (klaxon), ari kumwe n’abanywanyi ba FNL ya Rwasa Agathon bariko bararirimba. Abo banyagihugu bagiye kuva i Kiriri ku rugo rwa Rwasa Agathon ari uko abashikirije ijambo ry’ukubashimira n’ukubasaba ko botahuka amahoro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Karashize ingani ukuri kwirengagizwe? Nkurunziza we kwatararengutswa? Buyoya we nagahozwe.Simbananiye ari he? Bagaza we kuko banamwatse umugore ngira ngo wewe ntibimuraba.Mbega Adolphe wewe bite? abo bose nabafise ivyo bagirizwa ariko ngo Rwasa niwe ategerezwa guhamagagwa.

  • jewe mbona intambara abade bamwebamwe aribo bazoyitera. Ni bareke rwasa aje mu matora ntabwo ashobora kudutsinda ntidusubire mu ngorane pe, none ubwo koko abo bariko barakora iyo mitwe hotera intambara nibo boja imbere ku rusasu?

    c’est vraiment une faiblesse pschologique,

  • uyumenya wewe urikijuju .adolphe ntimungana zuravuga gwasa we akirindiriye isezerano.

  • Rwasaarafise inguvu kandi ivyo bariko barakora abo ba dd birerekana ko ata nguvu bagifise 2015 izobasiga mu mibabaro mutama rwasa ahejeje gushikira uutegetsi.nizere ko biheze atawuzosubira kumuburagiza?

  • Sha Bosco nta bubasha ufise bwo kwita abandi ibijuju. Uriyerekanye peee... Wewe uzi gupima abaruta abandi gute? Yoba amurusha amashure donc ubumenyi kuko ibindi vyose ataco bimaze ashobora no kumutanga Iwabo wa Bose?

  • Abarundi turavye kuvyo twagiye turibonera abagiye baradukora mu nguma bose turabazi, Ko mubona ko rwasa ariwe mwicanyi izo nganda zirirwa ziratotezwa izindi zangazwa tuzagirize bande?
    Murazicira abandi mubizi imana yo ntirenganya.

  • Amakosa yabaye kuva bakiva mw’ishamba kuko abari barongoye dede bashitse mu gihugu bibajije ko bafise ubumenyi muri vyose baca bagwa mu mazi kuko igihugu ntigitwagwa nk’ikiroberi aho uta umwanya ugira irementanya aho gushira mu ngiro ivyo bemereye abanyagihugu. be mwiyumvira imbere yo gukora ikintu ivyo guta umwanya sivyo twabatumye kandi mumenye ko ata contrat mufitaniye n’abanyagihugu.

  • Mbe Bosco abo wita ibijuju we uravye ubwenge usa nuwubufise?Mbe Adolf ubonye arintungane ivyiwe ko mbona tubizi jusqu’aujourd’hui mm uwo adolf wawe ahonyoze ikirenge kubutaka bw’ibihugu bimw bimw ubone ko yogaruka?
    Vraiment gushika nubu abo bategetsi ubona guhera kuri buyoya gushika kuri iyi ndongozi yacu yuno munsi uzi ko ari nziza ivyo bagiye barakora nagahomera bunwa.Thanks

  • Nibareke agatotezo kuko RWASA AGATHON agifise ukudahangarwa kuko na NKURUNZIZA abufise unomusi nibarindire C.V.R ikore hama turi mugihe c’amatora kandi RWASA AGATHON yaratangaje icese ko azitozaa none ntiwumva ko ari agasomborotso ka Reta ya CNDD FDD ?Zina Murundi wese arafise uburenganzira bwo kuja mu matora adakumiriwee nibareke uwo mukino wakajagari ntibasubire kudusubiza mu ndyane zahitiye muri Kahise ABARUNDI TWARARUSHE DUKENEYE UBUTEGETSI BWIZA BURANGWA NAMAHORO KURI BOSE;UBUTUNGANE NYAKURI BWIGENGA ;NITERAMBERE RIDAKUMIRA MURI DÉMOKARASI NKEZABUNTUUU

  • Namba mukumbuye aagafuni ka GWASA!Erega aracari wawundi mwibagiye?

  • Namba mukumbuye aagafuni ka GWASA!Erega aracari wawundi mwibagiye?

  • uwatazi kubona ntabona uwuzi kubona yabonye

  • Ni bareke kumuburagiza kuko sentare ziburundi ntabubasha zifise zo kumucira urubanza.abucamanza bwuburundi bukoreshwa na peter nkuru twese turabizi.umbe ko DD yiyibagiza amabi yakoze,aho babonye ko rwasa ariwe mwicanyi.abarundi isinzi bishwe na DD bangana iki turetse barya banyamahanga.barya banyamurenge bahawe amahera ngo badodereye rurya rubanza bibagira ko Rwasa afise ubudahangarwa.twese turaziko barya banyamurenge bishwe na CNDD-FDD,baca baha amahera pasteur habimana ngo abwiyemeze.pasteur nabivugishe ukuri ababishe bafatwe,canke yemere abahanigwe.

  • De niyo ishaka kudomeka umucanwa, ntabwo Gwasa áriwo kujugunya uko wishakiye Kuko arafise abanywanyi benshi, Dd yarakoze amakosa baba barumvikanye nawe kera vyaba vyiza bagakora n’ urunani kuko bararwanira ikintu kimwe none nimwaraba nabi mwese muzazima Burundi ,muzize kutamenya,kandi kugaruza ibyo muzatakaza hari nubwo muzasanga bitagishobotse

  • Mana dusenga, nibamureke yidegemvye nk’abandi, yitoze nk’abandi......ibibi bamukoreye biramaze. Ehe raba: yaratswe umugambwe arangazwa, yariciwe abanywanyi biwe atacamira. None ubu naho ngo napfungwe? Oya da, nimba azira aba nyamulenge, nabo bariko bamurengutsa nibapfungwe kuko aba NYABUGENDANA, ABANYESHURE B’I BUTA...................nabo nyene bavuye amaraso kandi kuva kiriya gihe ntiturasubira kubabona n’ukuvuga ko bishwe. JEROME NDIHO niyitabe ajane na sebuja NKURUNZIZA.

  • barundi bene wacu tekana ukuri kugiye kuboneka ,ni bareke amatora abe ham dukeneye sentare mpuzamakungu kuko abaraho ubu muma sentare ngirantabumenyi bukwiye bafise?ni basumirinda ,bampema yuzuye,se niryo,ntabango,ba mpemuke ndamuke.

    dukeneye amatora azira ubusuma.

  • nta dd ntabwo politike yokuziko wapi nibaje kurima inanasi ni bikaju murukoko namba batazobishihaniramwo.ugasanga biyita abagabo nambarukubugabo bumeze ndashizwe.iterabwo ntawe ryereye jakurubu hahirwanwe ivyiyumviro apana kurota agacukora icowarose

  • Birababaje cane kubona ivyo dd yakoreye nivyo ibandanya ikorera aba fnl mugabo barihenda Imana ntirenganya ivyo bagira vyose bazobibazwa bomenya ko UKURINDA KWI NGWE NIKO KWAZIMAZE Rwasa Imana imuzigame azogitwara

  • Ubutungane ni ukuvuga gutunganiriza bose atakubogama. Nyakubahwa Procureur, girako urengukishe abishe Perezida Melchior Ndadaye n’abafasha biwe. Ko bazwi neza, habuziki kugira barenguke imbere y’ubutungane? Agathon na Pasteur ko ari Abahutu nibo ugira uhereko? Pression y’amakungu ikora ku bwoko bumwe? Emwe barayamaze ngo uwushaka Umuhutu amutuma mwenewabo. Ubutungane ntibuterwa igitsure. Uwagirizwa icaha wese, nacanecane icaha co gusesa amaraso akwiye kubihanirwa bimwe vyakarorero: amaraso ni meranda kandi ubuzima ni akatihabwa.

  • Nibamureke yitoze nkabandi kand imana yaramuseraniniye iki gihugu ntankeka azogitwara ntankeka rwaruka nobasac ko mwokwirinda kuraba hirya nohino mwirinde kugumura abandi ariko ikirikumutima muri 2015 imana ikuje imbere nyakwubahwa utere imbere nkumuzinga mbega sndd kuva aho yakoreye ivya pfurambi ntiyoza ireka ok agatimariko

  • None ko mwangiye mwese kugwanya sentare zabatutsi zarimbi?none ubu naho niza abatutsi??bahutu reka ndabAbwire jahamwe nabatutsi nabatwa ?mukure ubwobutegetsi ivyamako ,ubihebe??reka nibarize abahutu ko president wumuhutu nkurunziza yazanye umigambi1/avoca2/kuvyara/kwiga/konaheruka kera mufise akayabagu?avoca zisigaye zibahaza??kugira abomwavyaye kurigusa bahage bogere baje kwishure bahaze ????bahutu kanura amaso uwariwe wese azanye icobeshaho mukiteza imbere mumutore mutaravye ubwoko??????mbega ubu ko mwavuga ko babafata nkabaja? Umukarani,umuboyi,umuzamu,nkwiba amabarabara,:umuhutu vyara muvuyeko!!!!!???????haaaa mwibuke ko numutwa ivyobikogwa ntavyo akora ??ampfuma agendanA inkono kumutwe yiwe kuko arAnka akagaye,??ehe ndAbabwire naba Bagaza yagire abagire Abantu mwaramwase Nyagoma??etc raba rwasa mugire mumwirahire ??!!bahutu 2015 ndabasavye hinduka ugurura amaso

  • Rindira burakeye inkoko niyongoma inkolokolo zibereke umutima nubumemyi bafise mugutunganiriza abarundi tugire FNL iragi rya Gahutu.

  • Gusa ndashimwe igi polisi uyumusi cavyifashemwo neza

  • Gusa ndashimwe igi polisi uyumusi cavyifashemwo neza

  • Hahahaha basha aba cndd barafise umucece barabesha rwasa aratwara kuko ivyo aba cn dd bakoze biramaze nubu bakirikobarica abanyagihugu nibagende nimba kuva aho bibiye igihugu ataco bararonka ntaco bakironka nibagende barayamaze ngo wanka umugore ahekenya igufa ukazanauwurimira aba cndd nibo babaye abambere mugutwara nabi igihugu c,uburundi nibareke rwasa atware ntacotuma bagumakugihugu ivyobazibarazi sorry turarushe nintwaro zabo ba cndd ekayeeeeeee ntavyabo!!!!!!

  • Ahubwo barahejej kutwereka ko Rwasa ari we le SEUL leader POLITIQUE dans ce pays. Ni nde munyepolitik yototezwa na leta nkawe, bakamwaka umugambwe agasigara kugatwe kiwe gusa, bakamwangaza, bakamwagiriza ibibi vyose, umuntu atanumwe muba acteurs bamushigikiye, baba ababailleurs, amashirahamwe ya societe civile, ariko malgrè tout agasigara afise igihugu nk’ico kimukurikira? ntawundi turabibona ko. Rwasa, yaba umurongozi mwiza canke mubi, yaba afise kahise kabi canke keza,umwicanyi canke umukiza, yaba ari intagondwa canke yoroshe, FDD ireretse abantu bose ko CHARISME yiwe atanumwe bayinganya mu Banyepolitik b’u Burundi b’iki gihe. Ico umuntu yosaba Imana n’uko ubwoba bamufise ko butobakoresha amakosa yohava ashira igihugu habi.

  • il ne faut pas poster des injures car être qualifiés de génocidaires sera le travail de la CVR et non de votre site. Ubahiriza aya mategeko agenga iyandikwa ry’iciyumviro cawe si non bokwitwarrira ugatanga indishi. Canke uje kuri école de journalisme baguhugure.

  • Muri vyose ico nize nuko muri politike ata mwansi canke umukunzi w’ibihe vyose abaho. Ndabivuze kuberako mu kwezi kwa ndwi muri 2003, igihe FNL yatera mu gisagera ca Bujumbura mu makomine ya Musaga, Kanyosha, Rohero, Domitien NDAYIZEYE niwe yari Prezida w’Uburundi kandi niwe yagomoreye za kajugujugu (Mig) zatera amabombe zikazura n’ifuku. Izo nizo zasubije Rwasa n’abarwanyi biwe inyuma. Uno musi Ndayizeye niwe abaye umuvugizi wa Rwasa muri urwo rubanza! Kumbure niyumvira ko ariwe bazoshira imbere mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Ariko numva ateye isoni mu gihe aguza ukuri inda ndende mu gihe avuga ko ivyago vyahekuye Uburundi ari Buta, Bugendana, Ruhuna, CPLR, akibagira Ndandaye n’abagandaguranywe nawe itariki 21 Gitugutu 1993, Ntega Marangara (1988), 1991, 1972, Umwami Charles Ndizeye, Itaba, Kivyuka, I na U, n’ibindi bihe Uburundi bwabonye amashano. Aho rero simvuze na ba baporona bahora batwigisha "Inyankaburundi" za Palipehutu none uno musi babaye somambike n’izo nyankaburundi! Abahendwa ni bahendwe, icari kuraza ishinga abarundi ni uko baronka umutekano n’iterambere, bakava mu bukene n’ubujuju aho kwirirwa biruka inyuma y’abanyepolitike bironderera inyungu zabo gusa.

  • Mbe FNL yakoze Genocide hehe? Abanyamulenge sibo bakoze Genocide kuba Hutu BA Barundi, Abanya Rwanda naba Zaïrois? Uwo aburanira avantamulenge ( Moise Nyarugabo) siwe yari Porte- Parole waba bicanyi. Uno musi bashobora gukoresha system faible ya DD kubera Yuko L’actuel CNDD - FDD itwagwa na mwene wabo Jean- Marie Rurimirije. Ariko igihe bamwe muba DD bazoba batsinze ubukunzi bwinda, bakamenya ukuntu Rurimirije ariwe atwara Nkurunziza Pierre. Ivyabo bizoba biheze. Abagumyabanga niho abakeba batwita ko turi ibijuju vyaba Hutu, nti babesha kabisa. Kubona turengutsa umu Hutu kandi ubwicanyi bwatangujwe naba Tutsi nakamaramara

  • se wewe uvuga agafuni.cdd fdd abo yaciye ibihimba vyirondoka babibitse mumafrigo niyo izoba impamba yabo ni batembe barakagenda iphumvyi nazo na baphakazi bihangane. abacu bagandaguwe na cdd fdd,Imana izobahemba

  • Uburundi butaravye neza ntibuzokwigera buterimbere kubera ivyiyunviro bikiri inyuma. Iyo umuntu ahamwa bituma akundwa. Nunvise Ngo harabaye kurekuriranira sinarinzi ko hakiri imanza zubwocanyi mu Burundi.ntamurundi yarakwiye gutotezwa kubera ivyiyunviro vyiwe

  • ngira mbaze ikibazo Pierre Nkurunziza na leta arongoye.Abarundi bose ko REMY GAHUTU ari incyungu y u burundi kandi bakaba banazi ko MELCHIOL NDADAYE ari incungu ya demokarasi y u burundi kandi bose baragandaguwe kuki badakurikirana ababagandaguye? Ntaryamira we se ko adakurikiranwa ese nugutinya ababagandaguye cg simbona impamvu Rwasa bamubuza amahoro kubera abatutsi babanyamurenge mugihe abahutu bagandaguriwe muri Congo batavugwa uburundi bwarikukiye .........................cg ntiburikukira kuburyo bwategekwa nabanyamurenge.abakera barayamaze ngo abahutu nudusimbirahamwe .......Imana niyo nkuru

  • ngira mbaze ikibazo Pierre Nkurunziza na leta arongoye.Abarundi bose ko REMY GAHUTU ari incyungu y u burundi kandi bakaba banazi ko MELCHIOL NDADAYE ari incungu ya demokarasi y u burundi kandi bose baragandaguwe kuki badakurikirana ababagandaguye? Ntaryamira we se ko adakurikiranwa ese nugutinya ababagandaguye cg simbona impamvu Rwasa bamubuza amahoro kubera abatutsi babanyamurenge mugihe abahutu bagandaguriwe muri Congo batavugwa uburundi bwarikukiye .........................cg ntiburikukira kuburyo bwategekwa nabanyamurenge.abakera barayamaze ngo abahutu nudusimbirahamwe .......Imana niyo nkuru

  • Ndashimiye uko igipolisi cavyifashemwo hama gwasa agathon komera kwivora uze uyobore igihugu dushime ndibaza Imana rugiravyose azabikora leta nireke kukuburagiza muhiganwe sentare niteka amatora ahere hama ivyobashaka kwitaza nibahere muri cndd yabo

  • Uno mugabo harageze nimba hatarenze ko atwara kinogihuguakagisubiza ku murongo abandi nibatahe.

  • Rwasa niwe arongoye FNL!JACQUES NI UMUSUMA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.