IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uruhagarara ku matati ya CNTB na Nyakabeto Justin mu Ngagara

Uruhagarara ku matati ya CNTB na Nyakabeto Justin mu Ngagara

mardi 28 Rusama 2013

Amatati yasubiye kuvyuka hagati y’ishirahamwe CNTB ritatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo mu Burundi, mu gihe Justin Nyakabeto yategerezwa gushikiriza kuri uno musi inzu yaramaze imyaka itari mike, urubanza CNTB yaciye narwo rukaba ruvuga ko iyo nzu ayibamwo adakurikije amategeko, bakamusaba kuyisubiza Kana Stany bavuga ko ariwe yegukira.

Nk’uko vyari vyagenze umusi baza kumusohora ubwa mbere, n’uno musi ntivyoroshe na gato kuko urwaruka rwo mu Ngagara rwari rwaje ku bwinshi kwiyamiriza iyo ngingo bavuga ko ari akarenganyo. Igipolisi carengewe n’ubwinshi bw’abantu bari bahari, bahava batumako abafise inkinzo.

Inyuma yo gutera ivyuka birakira, igipolisi cashoboye kwinjira muri iyo nzu ya Justin Nyakabeto, ivyo bikaba bitoroshe na gato kuko urwaruka ruharurwa kuri cumi na batanu arirwo rwahagaritswe n’abajejwe umutekano, abahungu babiri ba Nyakabeto barahagarikwa, abapolisi nabo batatu barahakomerekera.

Kubw’umukuru wa CNTB mu gisagara ca Bujumbura Sinzinkayo Pierre Claver bakoze igikorwa gisanzwe kiri mu kazi ka misi yose, nta kindi yashimye kurenzako.
Kubw’abavuga ko bari baranyazwe ivyabo, ari nabo bashikirijwe iyo nzu, barashimira cane umurwi CNTB wo washoboye kubatunganiriza ukabasubiza utwo bari baranyazwe haraheze imyaka 42.

JPEG - 180 ko
umukuru wa CNTB mu gisagara ca Bujumbura Sinzinkayo Pierre Claver

Ku bijanye n’umutekano wabo bavuga ko Igihugu kitoronka abapolisi bakingira aho hose habaye ibintu nk’ivyo ariko umutekano wabo bawuzeye kuri wa mugambi bise inyabutatu ni ukuvuga abanyagihugu, abapolisi hamwe n’ubutungane.

Kuva mu ntango z’ayo matati, Nyakabeto Justin yagumye avuga ko ariko ararenganywa. Yemeza ko yitwariye CNTB muri sentare ica imanza za Leta, ariko uwuyiburanira atigeze yitaba kabiri kose, kandi n’ubu bakaba bari bafise isango ryo kuburana igenekerezo rya 6 Rusama uyu mwaka.

Akagira ati : « Ayo mategeko ni aya hehe, aho umurwi uja hejuru ya sentare ?
Nyakabeto Justin akaba avuga yarerekanye n’urupapuro rw’aho umuvyeyi (nyina) w’abasigwa ba Kana Stanislas yagurishije iyo nzu umugabo wiwe amaze gupfa mu mwaka w’1972. Yayigurishije n’uwitwa Bizimana Petero, mu nyuma arapfa ica iba iya mukuru we Kayibigi, nawe yari icariho c’umushikirizamanza mukuru. Uwo rero ni we yaciye agurisha iyo nzu na Nyakabeto Justin mu mwaka w’1981.


Egide Nduwimana

Messages

  • iciyumviro notanga nuko Justin Nyakabeto yokwitwarira uwo baguze akareka kwitwarira cntb hama cntb nayo ikamureka akaburana mu mwidegemvyo afise n’uburaro ntimute mw’ibarabara kandi nimba na cntb yaritwariwe nayo ikwiye kwitaba sentare kuko buriya inguvu siwo muti w’inyishu y’ibibazo ariko inama ningingo niyo nyishu murakoze

  • uwo yasohowe wewe ndibaza ko yurijwe imodoka atagiye kwicwa! Ariko twe mukwirukanwa murizo nzu, twazivamwo dukuwemwo bamwe mubazubatse. We rero ko atawariko ashaka kumwica yari kuyivamwo neza kuko yarasanzwe azi ko ari agahahazo kagiriwe abahutu mumyaka yaheze.

  • Ntabwo Nyakabeto akwiye kwitwarira uwo baguze kuko wewe yamuhaye ico baguze. CNTB niyo imukuye mu nzu, niyo rero yitwarira.

  • Ivyobintu ntivyorosh kuko bigiyekuvyura inryane zifatiyekumoko.kanditwari twarabisezerey.ndaziko ingaruka muzoyibona.mumis’iza

  • Reka nanje ntahe,duhangane nabigaruriye inzu zabavyeyi banje nimitungo yabo.mu ri 1972

  • C N T B ikora nabi cane kuko ishimikiye
    ku bwoko. Nukuvuga inyaga amatongo abatutsi
    ikayaha abahutu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.