IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urunani mpuzamakungu rw’abashingwamanza ruriko rurakurikirana ikibazo ca (...)

Urunani mpuzamakungu rw’abashingwamanza ruriko rurakurikirana ikibazo ca Rufyikiri Isidore

lundi 23 Kigarama 2013

Mu rugendo rw’iminsi ine urunani mpuzamakungu rw’abashingwamanza (Union Internationale des Avocats UIA) bari bamazemwo i Bujumbura mu ntumbero yo gushigikira igikorwa kirangurwa n’abashingwamanza b’i Burundi, eka n’ugushigikira mugenzi wabo Isidore Rufyikiri arongoye abashingwamanza b’i Bujumbura, acunzwe icamaso mu gihe adashobora kurenga imbibe z’igihugu.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu w’Imana inyuma y’urwo rugendo abo bashingwamanza bari mu runani mpuzamakungu rw’abashingwamanza bagize i Bujumbura, bamenyesha ko bashoboye kubonana n’icegera ca mbere c’umukuru wa sentare isubiramwo i manza i Bujumbura, aho berekanye amakenga bafise mu ngorane umushingwamanza Rufyikiri yagiye arahura nazo muri iki kiringo arongoye urwo rwego, babandanya bamenyesha ko bazokurikiranira hagufi ivy’uyo mushingwamanza mpaka no mu butungane.

Twobamenyesha ko umushingwamanza Isidore Rufyikiri yabujijwe kwurira indege yamushikana mu gihugu ca Cote d’Ivoire aho yaragiye mu nama mpuzamakungu y’abandi bashingwamanza, itegeko rimubuza kwurira indege akaba yarihawe n’umwe mu bakozi b’igendereza atumwe n’ubutungane bw’Uburundi. Urunani mpuzamakungu rw’abashingwamanza rero, rukavuga ko rugiye kugira amatohoza, rumenye imvo nyamukuru zoba zatumye uyo arongoye urwego rukuru rw’abashingwamanza b’i Bujumbura abuzwa kuja mu bikorwa yari yatumiwemwo mu makungu.

Ariko rero, bikavurwa ko yoba ariko azira ko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 29 Gitugutu uyu mwaka, amajambo yavuze yafashwe nk’ayahungabanya umutekano w’igihugu mu gihe yariko avuga ku bijanye n’ikibazo c’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.