IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwego CNC rwibutsa abamenyeshamakuru gutanga ijambo kuri bose

Urwego CNC rwibutsa abamenyeshamakuru gutanga ijambo kuri bose

samedi 11 Nzero 2014

Urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi CNC (Conseil National de la Communication) rurashima ukungene ibimenyeshamakuru, insamirizi n’imboneshakure vyigenjeje muri rusangi n’aho hibonekeje utunenge tumwe tumwe nk’ukudaha ijambo bose, hamwe n’ugukora amakuru menshi ya Poritike kurusha ayandi y’ubuzima bw’igihugu.

Petero Bambasi, umukuru w’urwego CNC yarashikirije ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, icegeranyo c’ivyaranguwe n’urwego arongoye mu bijanye no kugenzura itangazamakuru mu Burundi. Nk’uko vyashikirijwe n’urwo rwego, abamenyeshamakuru baragerageje kwubahiriza amategeko n’akarangamutima bigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, ariko urwo rwego rukanegura ko ibimenyeshamakuru vyinshi vyahaye umwanya munini poritike, bakibagira n’ibindi bibazo bijanye n’ubuzima bw’igihugu nk’ubutunzi, agateka k’abana, imico kama n’ibidukikije.

JPEG - 3.1 Mo
Petero Bambasi, umukuru w’urwego CNC

Urwego CNC rumenyesha ko mu bimenyeshamakuru, insamirizi n’imboneshakure vyabonetse ko ijambo ridatangwa co kimwe kuri bose. Mu biharuro vyakozwe n’urwo rwego CNC, basanze imigambwe iri mu nama nshingamateka yahawe umwanya munini mu biganiro n’amakuru vyo ku bimenyeshamakuru vya Reta, mu gihe imigambwe itari mu nama nshingamateka n’iyitavuga rumwe na Reta yahawe ijambo umwanya munini ku bimenyeshamakuru vy’abigenga.

Petero Bambasi arongoye urwego CNC yasavye abamenyeshamakuru kwibuka gukurikiza amategeko mu mwuga wabo, gutanga ijambo kuri bose, hamwe n’ukwirinda guha umwanya abafise imvugo zimeze nk’izo gutukana canke guteranya abanyagihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ego itangazamakuru ryiwacu Burundi ryibanda kubijanye na politique, kuko kugirawumveko batangaje mumakuru ko hinjiwe ishure canke ivuriro amasoko nibindi birabagora, uzakuvyumva aruko murivyobintu bikorwa habonetse akagorane runaka ugasigarawibaza ngo ahohantu bavuze hasanzwe hariho icokintubavuze kwatacobatubwiye igihecabaho? Gusa ikinyamakuru Igihe kiragerageza kuvuga ibibi nivyiza murakomerezaho. Ikinyamakuru Igihe nicocerekanye ko Umutambukanyi wumukuru wigihugu avuyegutora agashimwe i Dubayi ariko hariho ama radio yabonyeko atacobimaze kuvugako Umufasha wumukuruwigihugu yahawe agashimwe.

  • Nivyukuri ama radio yigenga araha ijambo bose!ariko kuri radio na TV vyigihugu siko biri!ikibabaje nuko radio na TV vyigihugu nivyo vyari bikwiye gutanga akarorero muguha ijambo bose!
    Ama radio yabigenga,nibaza ko avuga cane amakuru ya politique kubera nico gisata gitwara ibindi bisata vyubuzima bwigihugu!ingaruka mbi nuko abantu baca bahanga amaso politique aho kwiyumvira ingene bashobora gukora badaciye muri politique!politique ucumenga niyo nzira yonyene ishoboka kugira umuntu biteze imbere!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.