IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Utuzu tw’ubudandaji twubatswe hadakurikijwe amategeko tugiye (...)

Utuzu tw’ubudandaji twubatswe hadakurikijwe amategeko tugiye kubomorwa

jeudi 9 Nzero 2014

Utuzu twose two kudandarizamwo twubatswe hatisunzwe amategeko hamwe n’inzitiro zose zubatswe mu bibanza bitarivyo mu mabarabara bigiye gusamburwa mu ntumbero yo gusukura igisagara ca Bujumbura. Aho hose hubatswe hadakwirikijwe amategeko hakaba hamaze gushirakwo ikimenyetso c’umusaraba utukura uharanga.

Ubushikiranganji butandukanye, ubwo gukingira ibidukikije n’itunganywary’ibisagara, ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta bufadikanije na Mairie ya Bujumbura busaba abanyagihugu bose bo mu gisagara gukingira no kubungabunga inyubakwa za Reta. Bagasaba kandi kuri bantu bose bubatse bidaciye mu mategeko ku mabarabara RN 1 uhereye mu masanganzira ari impande y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled, kugeza impande yaho bita Iwabo w’abantu, kw’ibarabara ririko ishure Saint Esprit, impande y’ibitaro umuganwa vyitiriwe umuganwa Karori, ko bobomora izo nyubakwa zidakurikije amategeko.

Izindi nyubakwa zikaba ziri hagati mu gisagara ca Bujumbura, aha twovuga nk’urugo rw’ikigo Centre d’information des Nations Unies, kw’ibarabara boulevard de l’UPRONA n’ibindi bice vyinshi vyo muri komine ya Rohero. Mw’itangazo ryasohowe, umuyobozi mukuru ajejwe gutunganya ibisagara, Amissi Ntangibingura yasavye ko utwo tuzu twose two kudandarizamwo ko botubomora ku bushake bwabo mu maguru masha, co kimwe n’abo bose bubatse ku ntsinga za REGIDESO na Onatel, hamwe n’abubatse ku mifurege itwara amazi.

Ubwo buyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara bwasavye umurwi watowe kugira ukurikirane ico kibazo, hamwe n’abasitanteri bo muma komine ya Kamenge, Gihosha na Rohero gushira mu ngiro iyo ngingo.
Iyo ngingo rero ikazofata n’ayandi makomine yo mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ibindi bisagara vyo hagati mu gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.