Uwafatiwe mu Burundi ntazwi mu gisirikare c’Urwanda

Yanditswe na IGIHE
Kuya 13 Ntwarante 2016 saa 03:28
Yasomwe : 98487
0 0

Ubuyobozi bw’igisirikare c’Urwanda (RDF) buriyamiriza amakuru avugwa n’igiporisi c’Uburundi ko hafashwe ku butaka bw’Uburundi umusirikare w’Urwanda, Caporal Rucyahintare Cyprien, ari mu bikorwa vy’ugusuma urusaku (Espionnage)
Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda Brig Gen Joseph Nzabamwita yamirira kure ivyashikirijwe n’igiporisi c’Uburundi. Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda yamenyesheje ko amakuru avuga ko uwafashwe ari (...)

Ubuyobozi bw’igisirikare c’Urwanda (RDF) buriyamiriza amakuru avugwa n’igiporisi c’Uburundi ko hafashwe ku butaka bw’Uburundi umusirikare w’Urwanda, Caporal Rucyahintare Cyprien, ari mu bikorwa vy’ugusuma urusaku (Espionnage)

Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda Brig Gen Joseph Nzabamwita yamirira kure ivyashikirijwe n’igiporisi c’Uburundi.
Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda yamenyesheje ko amakuru avuga ko uwafashwe ari umusirikare w’Urwanda ari ikinyoma cambaye ubusa.

Yagize ati : « Biriya ni ibinyoma nta musirikare w’u Rwanda uri i Burundi nta n’uwigeze ajyayo. Yaba ajyayo gukora iki? »

JPEG - 168.6 ko
Brig Gen Joseph Nzabamwita, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Brig Gen Nzabamwita yamenyesheje ko igisirikare c’Urwanda kidafise umusirikare yitwa gutyo [Caporal Rucyahintare Cyprien], ndetse ko n’inomero ziranga umusirikare zatangajwe n’igiporisi c’Uburundi zitabaho muri ico gisirikare.

Kuri uwu wa gatandatu niho igiporisi c’Uburundi camenyesheje ko cafashe umusirikare w’igihugu c’Urwanda azwi kw’izina rya Caporal Cyprien Rucyahintare. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko uwo yafashwe yiyemerera ko yari mu kazi k’ugusuma urusaku, arondera amakuru y’uguhungabanya umutekano w’Uburundi.
Uwo yafashwe mu giporisi c’Uburundi bavuga ko yafatiwe ku musozi Rushenya uri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga.

N’aho igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko kitazi uwo bivugwa ko yafatiwe mu Burundi, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko uwafashwe ari Caporal Cyprien Rucyahintare w’imyaka 24. Yinjiye mu gisirikare c’Urwanda mu mwaka w’2011.

OP1 Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko uwo yafashwe akorera mw’ikambi ya gisirikare y’ahitwa Gabiro, akavuga ko nawe nyene avyiyemerera, mbere akiyemerera kandi ko yize ibikorwa vy’ugusuma urusaku, ari navyo igiporisi kivuga ko yariko arakora mu Burundi.

Cyprien Rucyahintare ubwiwe amenyesha ko atigeze afatwa, akavuga ko ariwe yishikanye ku nzego z’umutekano.


Kumenyekanisha

1
Ntangereyimana Samuel 18-08-2017 à 13:52

ivyo Ntivyumvikana Wo Kwishikana Munzego Zumutekano Mu Kindi Gihugu Woba Ugiye Muri Restaurant? Urwanda Niruturiye Cank Batubwire Aho Twohurira Tumenane!

2
Sisi A 16-03-2016 à 20:25

None Dufatiki?!!Mbega Yemwe Karashizingani Abakuru Ntibabe Bagitinya Kubesha??None Hagati Y’urwanda N’uburundi Ni Bande Bavuga Ukuri??Mukama Harageze Ko Uduhishurira Icahishijwe!!

3
Arakaz morce 16-03-2016 à 16:28

Haaaa!abategetsi uko bakamye ese nkurunziza nabiwe bogiye bavugishukuri!nonese kagamewe nimbakoko uwo musirikare aruwiwe namwemere.vyukuri amahanga arahabere magabo atature ayamareta uko arabiri.kuki reta y’uburundi yase ko abarundi bariyoko botahuka?nuwuje imbonerakure zica zimumerera nabi.

4
Aime 16-03-2016 à 11:08

Abayobozi b uburundi mukimeje kwigaragaza koko .umuntu mwafashe ibye byose bisibanurwa numuryango we.

5
Aime 16-03-2016 à 11:06

Amashirakinyoma ku musore u Burundi bwise intasi y’u Rwanda

6
BADI 16-03-2016 à 09:17

Niba umunyarwanda vyomugora kuvuga ikirundi, si ko biri ku murundi ashaka kuvuga ikinyarwanda. Kiretse ico kinyarwanda avuga, urya muntu nta kantu k’igisoda afise mu mutwe. Ee mama ngo yarishikanye, ahandi na ho ngo ntazi abamukurira! Ivyo nta ho vyabaye: umusoda yishikana mu gihe abonye ko atagifise isaganyirizo, kandi ariko ararwana. Uwo we nta ndwano yarimwo. Iyo aba umusoda, yari kwisubirira iwabo ata nkomanzi kuko mu Burundi hasanzwe haba abandi banyarwanda. banyarwanda

7
M 16-03-2016 à 06:05

Izo ni zanterahamwe bariko barakoresha, iyo bubanumwe bwarikindi. ni babure gufata isuka barime ngo birirwa barasarira kubihugu vyi tekaniye.

8
Emmanuel Adebayor Gitifu 15-03-2016 à 21:54

umve mwese nibagume badusotore tuzobufuta ubwo bunyarwanda

9
Munya 15-03-2016 à 21:07

Abarundi ni ibigoryi!

10
Mbonimpa Joel 15-03-2016 à 20:11

Mbegako Urwanda Umengo Rurahakana Ivyo Rukorera Uburundi Kumugaragaro ?Uburundi Nyabuna Uburundi Nibuhabere Maso

11
amandin 15-03-2016 à 20:02

Ese ntimwamenye ko mwakoresheje umujura w’ibishyimbo mumwita umusirikare w’u Rwanda. Mbega ubuyobozi!!!! Burundi ishakire ahandi ku Rwanda mwarananiwe

12
Mwene 15-03-2016 à 18:57

Imanayakuduhaye Nikudutugire Kandiumwanayankwaniwekura

13
eric 15-03-2016 à 18:55

umva barundi turasenga cane nabandi barinyuma gufatwa

14
Minani 15-03-2016 à 13:59

Hahahahahhahaahhaahhaahhaha mbega igipolice cacu mbe ubunyeshamba ntiburahera??? Igisoda cu rwanda gifise card ID hama mukajaho mukarondera uwo muha amahera kugira mube muri samaza murahumba murindire

15
hatungimana isidore 15-03-2016 à 06:19

intenderi yasheshe umuti,babuze kureka kudurumbanya umutekano wigihugu cacu hakiri kare!emwe ntibambaze!nivyabona rero ntibavyemera?none yaribesheye?canke yarababesheye?emwe nubabandanye bazokabona

16
Nzey 15-03-2016 à 05:38

INKOZI.YIKIBNIMUYICIRE.URUBEREY.KUKO.YARIGIYE.KUTURANGIZ

17
Abdulkalim Ndayishimiye 14-03-2016 à 22:05

Ibanga Ryabamenekanye Nibateshwe Bate Ntibakorako

18
Claude 14-03-2016 à 20:14

Nibahagarik ivyuyu kuk Imana irafise abayo mumabok yayo

19
BILLEY THE BEST 14-03-2016 à 18:26

NTABWO BOKWEMERA KO ARI UWABO KUKO IBANGA RYOBA RIBAPFANYE!

20
bosco 14-03-2016 à 16:44

yinjiye 2011 abanyarwanda nibaharure kiva 2011 gushika 2016 kubazi igisirikare uko gipanze mumyaka 5 woduga kumapete 3 ikindi umusoda atazi abamutwara reka yemwe IMANA yimirije kuzohishura vyinshi amakenga yanje nayo.

1 | 2 | 3

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha