Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubutungane
Uwahoze ari umuvugizi wa MSD yaciriwe urubanza
Yanditswe taliki ya 15-03-2016 - isaha 15:41' na IGIHE

Nathan NDAYONGEJE‬ yahoze ari umuvugizi w’umugambwe MSD asanzwe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mu mwaka w’2014 yaciriwe urubanza rw’umunyororo w’imyaka itandatu hamwe n’amezi atandatu.

Uwo yahoze ari umuvugizi w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) apfungiwe hamwe n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe bafashwe kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014 mu ngoro y’uwo mugambwe mu Kinindo.

JPEG - 48.8 ko
Nathan NDAYONGEJE yafatiwe mu Kinindo mu ngoro y’umugambwe MSD

Abo bafashwe bagirizwa imigumuko, hamwe n’uguhungabanya inzego z’igihugu. Bamwe muribo baramaze guciribwa imanza, abandi bakaba bakirindiriye, inyuma y’imyaka ibiri bari mu munyororo.

Muri abo bamaze guciribwa imana hakaba harimwo abaciriwe ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Ivyiyumviro vyanyu

Niyemerentakundinabeyoroha.Ikhgong.,cumuny...Gitangkubun

18.03.2016 à 22:11
Elias

ahubwo bamuciriye imwaka mike uwo mumenja adurumbanya igihugu twikuriye twaronse turushe babuze kumuca amavya uwo muhimbiri

17.03.2016 à 11:31
ALIAS GITEMAGUZI

NIBEMERE NTAKUNDI UWUKURUSHIMBWA AGUTWARA IBIJUMBU

16.03.2016 à 15:39
NDIHOKUBWAYO J.BOSICO

Nibazice ningoga musi mike cane nabo bagiye kuzicirigwa kubera amabi bataye ku Burundi. Umuntu wese yishe canke yicishije abandi yitegurire gupfungwa nogucirirwa urubanza vuba kiretse uwemeye akihana agahindura ingendo.

15.03.2016 à 21:55
Ndaje

Nibemere Ntakundi Ukina Nuwo Mutangana Akakuvuna Bari Baziko Mugihugu Atabutungane Buhari ?

15.03.2016 à 19:47
Nkurunziza Désiré

izi si zamujeri zisanzwe zidurumbanya igisagara kuki bashaka ko zitesha umwanya abarundi ubundi ivyabo vyaba vyararangiye.

15.03.2016 à 19:02
musa

Wihangane umunyororo urababaza mais intah nimba yakoreshej ukuri niwemer ury umunyororo !

15.03.2016 à 18:28
Muyahudi

Uwo bagombye kumukatira imyaka 50.Kuko MSD ni abateroriste(sindumuja-boko haramu)

15.03.2016 à 18:23
mututsimwiza

Akokarenganyo igihe kizoteba kigere aho intahe izofata ijambo ayomarorerwa abayakoze Bose bayabazwe aho mushira abandi namwe muhaje

15.03.2016 à 16:14
tari

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.