Uwari yanyuruje indege "EgyptAir" yatawe muri yompi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 29 Ntwarante 2016 saa 04:46
Yasomwe : 27837
0 0

Umugabo yari yanyuruje indege yunguruza ingenzi mu gihugu ca Misiri, akayitegeka kugwa mu gihugu ca Chypre yatawe muri yompi. Abari bagizwe ingwati nabo barekuwe, nk’uko abategetsi ba Chypre babimenyesheje.
Abategetsi ba Chypre na Misiri batangaje amazina y’uwari wanyuruje iyo ndege ya Misiri "EgyptAir". Uwo mugabo yatawe muri yompi ni Seif el-Din Mustafa. Yavuye muri iyo ndege amanitse amaboko, abaporisi bajejwe kurwanya iterabwoba baca baramufata.
Mu gihe avuga ko yashatse ko iyo ndege (...)

Mu gihe avuga ko yashatse ko iyo ndege imutwara muri Chypre ahaba umugore wiwe batandukanye, haracari amakenga ku vyipfuzo uwo mugabo yari afise igihe yanyuruza iyo ndege akagira imbohe abari muriyo.

Tubibutse ko iyo ndege yanyurujwe yari itwaye abantu ivuye i Alexandrie yerekeza i Kayiro, ikaba yanyurujwe n’umuntu yitwaje ibirwanisho yategetse iyo ndege kuja kugwa muri Chypre, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege rya Air Misri.

Kumenyekanisha

1
Bella 29-03-2016 à 17:05

Ariko Mana!ivy’isi vyabaye amananiza.yari yitwaje ibirwanisho mu ndege?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha