Abagizi ba nabi bateye "Grenade" uwufasha Mkombozi

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 31 Nzero 2015 saa 02:01
20340
0 0

Urupangu rwahora rubamwo umuririmvyi Mkombozi rwaraye rutewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu "grenade" n’abantu bataramenyekana. Abo bagizi ba nabi barondera uwusanzwe amufasha "Manager" kuko bari bagumye bamukurikira iyo aja hose. Intango y’ingorane zose, n’ururirimbo "NZEYIMANA".
Mu gihe Anaclet (uwufata mu mugongo Mkombozi "manager") yari agiye gutora ivyo kurya ashire mwenewabo wa Mkombozi Elly’s Boy iyo ari mu kinyegero, yagumye abona amapikipiki abiri amukurikira. Nk’uko yabibwiye (...)

Urupangu rwahora rubamwo umuririmvyi Mkombozi rwaraye rutewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu "grenade" n’abantu bataramenyekana. Abo bagizi ba nabi barondera uwusanzwe amufasha "Manager" kuko bari bagumye bamukurikira iyo aja hose. Intango y’ingorane zose, n’ururirimbo "NZEYIMANA".

JPEG - 867.6 ko
Anaclet afata mu mugongo Mkombozi

Mu gihe Anaclet (uwufata mu mugongo Mkombozi "manager") yari agiye gutora ivyo kurya ashire mwenewabo wa Mkombozi Elly’s Boy iyo ari mu kinyegero, yagumye abona amapikipiki abiri amukurikira. Nk’uko yabibwiye ikinyamakuru IGIHE, Anaclet amaze kubona ko izo pikipiki zirondera we, yaragerageje kunyaruka maze ahamagara umukozi w’aho Mkombozi yahora aba kugira asange umwango wo kw’Irembo wuyuguruye ashike yinjira adahagaze. Anaclet amaze kwinjira mu rupangu, za pikipiki ntiyasubiriye kuzumva. Avuga ko yaciye asaba vya vyokurya maze asubira mw’ibarabara. Amaze kurenga irembo yasubiriye kubona za pikipiki inyuma yiwe. Anaclet avuga ko yaciye yibwira ko abo bantu bashaka kubona aho Elly’s Boy yinyegeje, maze afata umugambi wo gusubira inyuma kwa Mkombozi (aho yahora aba) ari naho yari avuye. Haheze umwanya ashitse mu rupangu ariko ayaga n’abandi ababwira ivyamubayeko, niho yumva igikaciye ku muryango, maze ariruka yinjira indani mu nzu ari naho yumva "grenade" ituritse. Imana yarakinze ntawe yakomerekeje, kiretse imodoka yamenetse ibiyo.

JPEG - 1.1 Mo
Ikiyo c’inyuma c’imodoka camenetse

Abo bagizi ba nabi barenganye haratowe urupapuro rutagira umukono rwanditseko ibi bikurikira : Wari wigize Yesu wigure irya mihimbiri y’abaririmvyi mu kuyinyegeza, ko Yesu yapfuye akazuka...(hakurikiye ikintu kidasomeka neza tutashoboye kubona neza).

JPEG - 31.9 ko
Soma urwandiko basize

Anaclet asaba Reta ko yokingira umutekano w’abanyagihugu kuko ariyo iwujejwe.

Mwomenya ko hari haheze ukwezi kumwe, umuririmvyi Elly’s Boy anyurujwe yikekwa ko yoba ari Mkombozi agatorwa imbere y’urwo rupangu nyene aboshe kandi yakubiswe cane, kuko yahavuye ajanwa mu bitaro vy’Abasirikare mu Kamenge (Hopital Militaire) mu cumba c’indembe. Ikindi n’uko Mkombozi yahavuye ahunga akava mu gihugu. Intango ya vyose n’ururirimbo"NZEYIMANA".

Umviriza ururirimbo rwa Mkombozo ruriko rutera ingorane

Kumenyekanisha

1
gapira 1er-02-2015 à 15:31

NI IREMENTANYA,BASHAKA KWEREKANA KO BARONDEGWA CANE KUGIRA BARONGE AIDE,KANDI BABE MEDIATISÉ CANE,NIBAZA KO SAUF INDIRIMBO UYO MUSORE NTABWOBA ATEYE UBUTEGETSI GUSUMVYA BA RWASA.LETA IRABE INGENE YAMUHUMURIZA KANDI IMUCUNGIRE UMUTEKANO KUKO NA OPPOSITION YOBIKORA KUGIRA VYITIRIGWE LETA,IVYO BIBAHO HOSE.

2
######## 1er-02-2015 à 08:48

Ariko ikinejereje n’uko ibi binywa maraso bikora bibizi ko ari bibi niba vyibuka ko Yesu yapfuye, kandi agapfa kubera ubwo bubisha bwabo hanyuma akazuka. Vyumvikana ko kuva ubu bariko barapinga imana kko birazi ko Imana ibaho. Kandi nivyo mu bisomwa vy’uyu musi birimwo <<Mc 1,24>>: "L’esprit impur s’ecria: <<Que nous veux-tu, Jesus de Nazareth? tu es venu pour nous perdre? je sais que tu es: le SAINT DE DIEU.>> Voila, ces esprits impurs connaissent Jesus et sa puissance. J’allais demander au parti CNDD-FDD mais ca serait une injustice envers ce parti. Je veux plutot demander a Adolphe, et partant a Pierre Nkurunziza. Qu’est ces enfants de Dieu ont fait pour meriter cet etat dans lequel ils se trouvent? cad ’’ etre mort-vivant"? kuko abobantu batagisnzira barajwe itiro no kuja kwica abana b’Imana barapfuye bagenda, noneho urabona ko bamwe bamwe batanguye no kuza baratemberana ama serceuils. Igihe mwabakira baza mu mugambwe wanyu, bari barapfuye uko nyene? Aba bantu Imana izobabaza en plus y’abo bica. Ariko rero Imana ntibayipinga. Kuvuga ngo "zuku tarabe" iyo baba abandi uyu munsi itarike 01/02/2015 ntiyabarengana batihanye bakikurako urworupfu rubanukako. Niyo basoma ibikwirikira uwo murongo nanditse cad Mc 1,25-26 hanyuma bakemera barakira kuko baraza kubona ivyo Yezu akora. Iryo zina ntirikinishwa kandi ntawuryitwaza mukwica. Mwarakoze kumuvuga imbere ko mwiyumvira iryo shano. Murabona ko Yezu yazutse yarazuye n’uwo mwishe kko kubwanyu mwaramwishe ariko izina rya YEZU riramuzura, ubu ni muzima, DUSHIMIRE IMANA. Nyakwubaha president, vuga ijambo rimwe gusa wiyamirize akakabi kabishe hariho bamwe muri abo bapfuye bagenda bakira. Cane cane, j’insiste, mwebwe mutwara umugambwe CNDD-FDD, mugire icigwa murabe aba bapfu ko baje mu mugambwe wanyu barapfyuye uko nyene canke ko boba bapfiriye mu mugambwe wanyu hanyuma murabe ico mukora mukize imitima yabamwe.
Merci, Imana ibafashe, ibaje imbere mu bikorwa vyanyu vyose!

3

4
Nuwera 1er-02-2015 à 01:00

Nindeyakubwiye kwaraba dd?

5
irambona 1er-02-2015 à 00:21

Jewe ivyo bintu ndabibonamwo amahinyu menshi ,abo bahungu bashaka kwigira i Bulayi .Mukombozi arabesha sana mbe ni kuki mumisi iheze yavuze ngo aragwaye ararenvye bamuhaye uburozi hama Haciye imisi ibiri tukunva ngo yakize haciye umusi tukunva ngo yasohoye indirimbo «Nzeyimana » haciye imisi itatu tukamubona kuri Scene !!! ubwo nububeshi kuko uwoshaka Mkombozi ntiyomwitiranya nuwundi muntu naje ndi hanze mkombozi naho ntaramubona duhuye noca ndamumenya kuko ari partout .Abo bahungu bashaka uburyo bwo kuja hanze

6
concilie SINDIMWO 31-01-2015 à 17:22

Mana none abo ba dd bazovavanura ryari nako gatima kubwicanyi. Devant tout probleme inyishu ni ukwica , kuniga. Apres les fnl, c-est le tour des chanteurs.

Ahubwo baribaratevye kumuhohotera, kuko biri muri gahunda zabo zo gutoteza abarundi batiyumvira nkabo. Ark ntibibagire ko intahe igiye kubakubita mu gahanga kandi naho NDAYICARIYE yobafasha kwiba amajwi ntibizokunda pe.Nibabandanye amarementanya yabo ark nayo nyene asaba ko umuntu aba afise ubwenge bukwiye atari bimwe biherutse kuba aho urwego rwumutekano ruvugira un civil pour la premiere fois dans l- histoire de l - humanite

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha