Accueil > Amakuru > Poritike > Kanyosha : Imbonerakure ziragisibije mu guhohotera abanyagihugu
Kanyosha : Imbonerakure ziragisibije mu guhohotera abanyagihugu
lundi 10 Ntwarante 2014
Inyuma y’aho umupfasoni Muhorakeye Cynthia ahungiye atinya iterabwoba yariko aragirwako, umuryango wiwe urageramiwe nk’uko babibwiye ikinyamakuru IGIHE.
Muhorakeye Cynthia iyo ari mu kinyegero, avuga ko yahunze iterabwoba yariko agirwako na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD zifatanije na bamwe mu bakora mu rwego rw’igendereza. Uwo mupfasoni rero bikavugwa ko yoba yahungiye mu gihugu c’Urwanda mu gutinya ko agandagurwa, aho abo mu rwego rw’igendereza boba bamwagiriza amwe mu mabanga yoba afise.
Kugeza ubu, bikavugwa ko na bamwe mu muryango wiwe boba bariko baragirwako iterabwoba, aho boba bariko barabazwa iyo uwo mukenyezi yahungiye. Akumwami Valentin aba muri komine ya Kanyosha, akavuga ko abangamiwe na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, bamubaza iyo mushikiwe yahungiye, ndetse na terefone ngendanwa yiwe ikaba yaribwe, aho avuga ko yayitwawe na bamwe mu mbonerakure, baca bayiha abakorera urwego rw’igendereza, bafashanya n’izo mbonerakure mu kumutoteza. Kugeza ubu akavuga ko aho ahonyoye hose, aba akikijwe n’abantu atazi, akavuga umutekano wiwe ubangamiwe.

Muri iyo komine ya Kanyosha, bikavugwa ko Imbonerakure zisigaye zigije abajejwe umutekano, aho zasubiye gukubita uwundi musirikare. Yakubiswe arashaya n’urwo rwaruka ruhurikiye mu mugambwe CNDD FDD rufashijwe na bamwe mu baporisi. Uwo musirikare yakubiswe akaba yagize gatatu. Komine ya Kanyosha rero aha kubitiwe uwo musirikare, bikavugwa ko uwiketswe n’Imbonerakure wese yaba umusoda, cake umunyagihugu asanzwe akubitwa agashaya canke akanyuruzwa. Mu giporisi twagerageje kubarondera, ariko terefone y’umuvugizi w’igiporisi ikaba yari mu kibanza ca kure.
Mwomenya ko amashirahamwe atandukanye akunda kunegura ibikorwa vy’urwo rwaruka ruri mu mugambwe uri ku Butegetsi, aho rwagirizwa kwama rwigira abajejwe umutekano mu gihugu, no guhohotera bamwe mu banyagihugu, cane cane abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.
Aristide Nizigire
Messages
10 Ntwarante 2014, 16:37, par Ndekatubane
Jewe ngira nti:izombonerakure nizo zizokwega ihinduka yi ntwaro ya CNDD-FDD kuko ukwihangana gufise ahokugera!Ntibakigera umutwe urwego rwigisirikare kuko bakikijwe na ba généraux:Impene niyoyivyariye akaziri!Icogihume(imbonerakure) bashizeho nico kizobatemvya!
10 Ntwarante 2014, 19:00, par Birababaje
Abasoda mwagiye he? Abasoda mwabaye iki? Murabaza aba commando ba kera i Gitega ! Ndibuka umusoda yakubiswa mu Giswahili: abasoda basohokeye rimwe barabihaniza.
Murabaza aba para aho hambere ! Umupara akubiswe mu Buyenzi, ibarabara akubiriweko bararyihaniza.
None ga basoda mwabaye iki? Mwariye uburozi ? Murakenyeye mukubitwe nk’abana? Aba polisi babafate nkuko ataco mumaze? Imbunuza z’imbonerakure zibasobeko??? Assez c’est assez !
10 Ntwarante 2014, 21:20, par bugaboburihabwa
Nukuri biramaramanje ntasoni gamwabasirikaremwe huuuum harahovyakabaye abasicile bakubita abasirikare canke nta formation bafise zikwiye zigisirikare (esprit d’equipe ntayikihaba ) muriyambitse ibara .
10 Ntwarante 2014, 22:00, par Nwari
Aho niswa kubera abasoda bazi ko,,,banyina,base,bashibabo,banyinakuru,barumunababo,etc baririra ubusa reka nabo bahonje! Hanyuma bazomenya icarico kucunga imbibe zigihugu ko arugutangurira imbere imbere,yuko,ucunga ibiva haze yigihugu
10 Ntwarante 2014, 22:36, par Berwa
Rekarekarekareka!mbere yo kurinda umutekano w’abandi banza murinde uwanyu kuko mutariho umutekano ntiwobaho.
Ni gute umusoda akubitwa n’umusivile bigaherera aho? Mbes abasoda ubwabo bo ntibagikundana? Nimba umwe ukubiswe agatsindwa yagatabawe na bagezibe b’ abasoda hatitawe ko ari muri conge kuko ni umukozi w’igihugu.naho abapolisi bo ntabwo bari bakwiye kugirana ikibazo n’ abasoda kuko bose ari bamwe muvy’umutekano.mbega igihugu ko basubiranamo kadi bose ari bamwe? Ubwo wasanga bapfa ibyo biba kuko imbonerakure zikorana n’ abapolisi bagaheza abasoda ubwo ni ivyo bapfa
10 Ntwarante 2014, 23:35, par Kabizi
Mbega gukubita umuntu birarekuwe?Hehe?
11 Ntwarante 2014, 12:09, par juvenal
nabajejwe umutekana basigaye bakubita!yemwe gwaruka mwagirizwa ivyobikogwa vyumugayo! Menya ibi:ibiriko bibera murikigihugu cacu bisa n’umutwenzi wuzuye umwujima mwinshi atawuzi irezo ryawo, ariko buzotinda bce!! Ntamvura idahita, kandi niyahita izohitana benh.
11 Ntwarante 2014, 12:47, par juvenal
nabajejwe umutekana basigaye bakubita!yemwe gwaruka mwagirizwa ivyobikogwa vyumugayo! Menya ibi:ibiriko bibera murikigihugu cacu bisa n’umutwenzi wuzuye umwujima mwinshi atawuzi irezo ryawo, ariko buzotinda bce!! Ntamvura idahita, kandi niyahita izohitana benh.
11 Ntwarante 2014, 14:35, par Uwubizi
Sinzi uwambwiye ko kera mu Rwanda naho nyene Interahamwe zahora zikubita abasoda bo kwa Habyarimana. Ni zo ngorane zo kugirira icizere milice gusumba armée y’ igihugu.
12 Ntwarante 2014, 07:09, par Hussen
Abasoda bibagiye ko ubugabo bwihabwa mutinye abagumutsi bimbonera kure muzoshobora gukingira igihugu nicaterwaharegeze komwikebuka Alshabab hoho muzobasigira nikambi mwigire