IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwutwara ikambi yo mu Ngagara abarizwa mw’ibohero rya Mpimba

Uwutwara ikambi yo mu Ngagara abarizwa mw’ibohero rya Mpimba

mercredi 4 Rusama 2016, par egide

Major Richard Ndayizeye, umukuru w’ikambi ya Ngagara yatawe muri yompi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, akaba yaciye ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ari kumwe n’icegera c’umukuru w’igiporisi muri zone Gihosha, ahagandaguriwe Général Kararuza n’umuryango wiwe. Bompi bagirizwa urupfu rw’iyo ntwazangabo.

JPEG - 17.9 ko
Major Richard Ndayizeye, umukuru w’ikambi ya Ngagara

Abo babiri bahambije iyindi ntwazangabo, Major Gahungu, apfungiwe na nyene mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yagirizwa urupfu rwa Général Kararuza Athanase n’umuryango wiwe.

Abandi bapfunzwe muri urwo rubanza, ni abasirikare bane bo kw’ipete rya Caporal bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Abo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kuva kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Nibabandanye bafata abandi kuko abateguye kugandagura nyakwigendera sibake nibeshi

  • uwicisha inkota nawe niyo azicishwa nkuko IMANA yabivuze nawe numwe wemerewe kumena amaraso yamwene se .

  • Jewe nubu icombona ntakamaro kokuririra abobasirikare kuko ntivyumvikana ingene umuntu afise ikirwanisho nawe ukagira ikindi yo guma akurenganya benako kagene Ngo bikunanire kumwiganzura none barakeneye babamare nkabana binyoni kandi bafise ibirwanisho vyukuba bokwirwanako turaziko imyaka irenga10 yariheze igisirikare cuburundi gifatanya munda izodyane zose nubwo bwicanyi mugihugu no muzego zumutekano ntawundi zikomokako Atari pastor nkurunziza none babuzwa Niki gukoresha inguvu zose bafise Ngo bamuhagarike hama igihugu gitekane ntivyumvikana ingene igihugu co bandanya kibura abantu bangana nabo kiriko kirabura ubu kubwumuntumwe hama ngwabantu bagume bareze amaboko kandi ejo abobasirikare bahisemwo kwirabirahirya abanyagihugu bariko baratikira bakanka kubatabara bamenyeko nabonye ahobukera abarundi tuzobibabaza ubu ntihagire uwuzosubira kuvugako abasirikare bariko barakora ubwicanyi Atari Bose kuko niba Atari Bose abobo batabishigikiye bariko barakoriki kugira tumenye kwatari bose

  • Nibafatwe kuko ntaco bamariye abarundi! Nibumvirize nabo uko mpimba imeze. Narabivuze nti: akaje ntikazira umwe, intwaro ya petero irabapfunga nyene ko mwananiwe kuyikuraho!

  • Nibafatwe kuko ntaco bamariye abarundi! Nibumvirize nabo uko mpimba imeze. Narabivuze nti: akaje ntikazira umwe, intwaro ya petero irabapfunga nyene ko mwananiwe kuyikuraho!

  • Bapfunge kabisa ushaka nokubica ubice kuko iyo nimikoma kuko yaranse gukwirikira nyenicubahiro GODEFROID NIYOMBARE,"impembo ya nkurumbi niyo"

  • He Ubwo Bugabo Buhendwa Na Babuyoya Ngo Butera Akajagari! Kararuza Muramuzira Kuko Yarintwari Yakunda Kandi Agakorera Igihugu Atavangura Ubwoko Ninavyo Yazize. Aho Rero Ivyo Mugize Iminsi Mutwicira Indongozi Mugire Mufatwe. Barya Bacaporal Barushe Mpaka Babavuze Mwese Abishe Irya Ntwari. Papa Peter Komera Kandi Turagushigikiye Abarundi

  • Ntibimenyereye Nkurunziza Abah’ikongwe? Ubu Sha Vyarahindutse Aravuga Munisteur Nawe Akavuguruza, Ntibitege Ngobizokwihuta Gutaha Ubutungane Budakoze.

  • Nibamenyereye Nkurunziza Abah’ikigongwe? Ubusha Vyarahindutse Aravuga Munisteur Nawe Akavuguruza. Ntibibaze Ngo Bizokworoha Ubutungane Budakoze.

  • Ahubwo nabamarireyo bose baguma bakukumba inyuma y’uwo mwicanyi nkurumbi bibwira yuko hari ikindi azobaha nibarindire akataraza karinyuma,banse guhagararira amasezerano ya arusha n’ibwirizwa nshingiro impembo bakoreye niyo

  • Muce Mubica Ntagufyinata

  • IYOMIJERI NITWISINDUMUJA NTANTAMBWE BUZODUTERANA

  • Ivyo birazwi ko abariko bica mu Burundi bari mu bajejwe umutekano, baba abapolisi canke intwaramiheto, ntavyo guhendana. Bahavuye baba abajejwe guhungabanya umutekano.

  • Ko Mwase Kumwikurako Reka Abamare,mwebwe Abasirikare Mwarahemukiye Igihugu.Gnl Godefroid Iyo Mumushigikira...Ngo :ukimbembereza Mukundu Mavyi Hayatoki.Pole Sana,

  • Uko nikwica inzehe,abafashe ibarabara izuba riva barabatorotse?Ahoho hoho nibasubize abasoda Bose mumakambi babanze bige Bose umwe wese umurimo wiwe nuburyo yowurangura,kandi ntibasubire kwirirwa bavuga abishe abantu ngo n abanaka kuko ntibakimenya abasoda icobakora nuko bakora kandi bazi ko babahaye inkoho zica.

  • nimba arimwo nacirirwe urubanza

  • ayaramapet atabereye umwaka
    mugahezey%>>mwugar utwamugina>><<

  • Nibavaneho umwanda.kuko uwo mugabo Major wa Ngagara niwe uha ibirwanisho aba terroristes ba Sindumuja.

  • JEW NDATANGARA. ABA CAPORAUX NIBO BAMA BAFATWA KUVA KURI NDADAYE? IYO HAFASHWE INTWAZANGABO IBA ARIYO MUGISODA CA KERA. IYO HAPFUYE UMUHUTU WITEGE EJO UMUTUTSI ABONEKA ACAGANDAGURWA. JEW NTAMUHUTU MUGISODA CANK MUGIPOLISI NDABONA AHAGARIKWA. MURABE NEZA NI MUCEZO WA NDANI.

  • UBU MURAVUGA MBEA KURI BUYOYA KO MUTAVUGA MURIKO MURATWICA TWE ABAHUTU? ARIKO NTA N,UMUTUTSI ARIKO ARAPFA CANKE APFUNGWE JE MBONA UWUKOZE IKOSA YABA UMUHUTU YAB UMUTUTSI MBONA BABAHANA BOSE KWIKOSA YAKOZE ;RERO NTIHAGIRE UWOKWITAZA IBI CANKE BIRIYA AHUBWO RABA IVYO URIKO URAKORA KO ARI VYIZA CANKE BIBI HAMA URABE ICO UBA RERO KUBA WUMVISE MWENEWANYU BAMUFASHE ATEYE GRENADE MUBUNWERO HAMA BAKAMUCIRA URUBANZA KUVYO YAKOZE NGO MURATOTEJWE,MBE KURI BUYOYA HARI UMUHUTU YAJA HANZE KO MWEBWE ABATUTSI ARIMWE MWARI KWISONGA, JE NARIMFISE DATA WACU YARAVUYE KWIGA MU RWANDA UWARI MUSITANTERI NYABENDA YAMUJANYE AMUCURITSE NTIYAGARUTSE ICOGIHE KUMUTUMBA IWACU ZINA MUHUTU YARI YARIZE CANKE YARATUNZE YARISHWE NUWO MUSITANTERI MBE KO BITIGEZWE BIVUGWA? URUMVA NTACO TWARI DUFISE TWOVUGA? PAPA WANJE ICO GIHE YARI MU MPIMBA AVAYO ASANGA MWENEWABO BAMWISHE NAWENE YAHIRWA BUHONGO NGO AMWICE ARIKO IMANA IRAKINGA ICO GIHE YAHUNGIYE I BUJA MU RUKARAMU NAHONE AMUSANGAYO BIRANKA KO AMWICA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.