IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Valentin BAGORIKUNDA yitwariwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Valentin BAGORIKUNDA yitwariwe muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Abashingwamanza baburanira imiryango 60 y’ababuze abayo hamwe n’abahohotewe mu Burundi bitwariye Valentin BAGORIKUNDA umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Abo bashingwamanza bagiriza Valentin BAGORIKUNDA ko abera intambamyi ubutungane, bagatanga akarorero k’itangazo uwo mushikirizamanza kizigenza wa Repuburika aheruka gushikiriza, aho yavuze ko atazi ibirego vy’iyo miryango 60 yitwaye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

JPEG - 36.8 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Abo bashingwamanza baburanira iyo miryango 60 y’Abarundi, ari nabo bitwariye umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ni Armel Niyongere wo mu Burundi, Bernard Maingain wo mu Bubirigi, hamwe na Lef Forster wo mu Bufaransa.

Muri birego abo bashingwamanza bahaye sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bareze Valentin BAGORIKUNDA ko atigeze akora amatohoza ku bwicanyi buri mu Burundi, bakamwagiriza kandi ko ashaka kuzimanganya ibimenyetso bw’ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

  • None bazoshika Kuki?Jewe mbona arukwitwenga kabisa.

  • Yewe ngizendacumvamwo izina ryitwa Maigain Bernard asanzwe arumukizi wa Kagame akabayaranafashe ubwenegihugu bwurwanda bwiyongera kubwigihugu ciwe cu Bubiligi nciyemenya ivyobarimwo.

  • Emw ivyubutungan namatohoza vyikigih muburundi biragoy kandi ntawobeshera bagorikunda kwatamatohoza akora

  • None ahobibaza kobizotanga iki?Niyo sentare yamuhamagaza nzobambona!

  • Emw ivyubutungan namatohoza vyikigih muburundi biragoy kandi ntawobeshera bagorikunda kwatamatohoza akora

  • reka bazomucire kugo acira abandi

  • NTIBAKUNYAREKO TUZOBATSINDA CARATUVUNYE NTUGUGUMWE ABARUNDI TUKURINYUMA

  • Aaaahh asha ibigugu birarwira kweri eeeehh!!iki Bernard maing nigisambo mukurya amagi nokunwa amata sico kizobona ibihano ca fatiw bikuweho kiz muburundi ubwambere Ngo bitwariy reta ibindi Ngo Bagorikunda Barundi bumutima munyunvir ubu bugabo ntimwunva Ko bwatay umutwe???Armel garuka muruhongor arko buramamaza izina amakungu akumeny ntuz ubur kwibuka ikiringo ca2 basindumuja bita ica3 canya kubahwa PIERE dukunda ntiwopfuy umenyekanye ndabavumy mwese muzopfa mwangara nkagahini Pu Pu Pu Pu Pu puuuu !!!!.

  • Mbega iyo Sentare Mpuzamakungu bayigize igikinisho! Nimba barabuze akazi nibayifute iyo Sentare. Eka bataye imitwe koko. Nibabanze bafate Kagame ubwa mbere we yatanguje ihonyabwoko mu gwanga akayibandaniriza muri Kongo aho yagandaguye Abakongomani Imiliyoni zirenga zitandatu (6.000.000). Ico n’ikirego ca mbere kur’uwo mwicanyi kagame, ica kabiri yarishe Havyarima, Ntaryamira, Abashikiranganji, abasirikare bakuru hamwe n’abandi bari mur’irya ndege yakoroye. Nibasubire bafate Buyoya yatwiciye Ndadaye hamwe n’abahutu isinzi yagandaguye. Nibafate Pacifique, Maggy, Sinduhije n’abandi bariko bicisha abenegihugu b’inzirakarengane baturiwe babona, abandi kugeza n’ubu bakigandagurwa bunyamaswa n’amagrenade. Bahutu ni mukanure, ntimuzemere ko umutegetsi n’umwe w’Umuhutu ajanwa mur’iyo Sentare hatabanje gushikanwayo Kagame, Buyoya, Pacifique, Sinduhije, Maggy ubwa mbere. None ga bahutu mwe, ntakuntu twovirahasi rimwe tugatunganya manifestation yokwiyamiriza iyo Sentare ibogamye? Kandi bishobotse ntituzokwemere Ko abo bose basibije igihugu cacu cari mu mahoro ngo bagaruke mugihugu ngo babahe ibibanza muri Reta. None bobarongora gute mugihe muzi ko babamariye abanyu n’amagerenade no kubaturira. Bapfume bagaruka mugihugu cabo kuko ni catwese, hanyuma natwebwe tuzobashengeze muri Sentare zo mu Burundi kubacu batumariye n’amagrenade.

  • None Bagorikunda ya menya izo dosiye rwazimarire iki ? kwa sazwe arigikoreshwa ca Nkurunziza !.kuba mwahisemwo kumwitwarira mwagizicomumara, kuko mubisazwe amabi asazwe ariko arakorwa muburundi aya fise mwo uruhara.kuko abicabantu hano muburundi arabazi nukwirirwana nabo baririrwana ntacabavugako,ibikorwa vyose ababizi, umusi yomenya abobantu aho batumbereye niwo musi borara basezeye isi. mukomere kurugamba mwishinze rwogufasha impahazwa.

  • yemwe,yemwe barundi ducubwe!ndasesemwa namazina yaba escro kwisi,mainge nuyu armel baheruka kumwatira,rero twibuke ko uyumurundi wumwicanyi almel wa ACAT ari mubagumuye abajene ngobaje guturira abantu mumapine,kwiba kwica gukuramwo imitima bakaca baja kuyirya nayandi mabi nashetani atemera ,ariko ikintangaza nuko avugako asenga none iyomana niyihe asenga?yamutumye gukora ivyo!raba uyu nawe mainge ivyo yadukoreye iwacu ikarusi adendekeranya ivyubwicanyi hama ubufaransa buca budusaba imbabazi.Rero ubwo nuburuhe bubarembeje !ahubwo Bagorikunda ntugakangwe namahenehene impene zaturutse!ahubwo twe abarundi tugiye kubabaza aho imitima yabarundi bakuwemwo aho bayijanye!sinzi ko imitima yabarundi bazoyirya ngobayimare?

  • ibyanyu biramaze gutera isesemi afrique nabo mwurigwa murabeshyera
    decision: mwebwenye mwumva mutamushaka mumugwanye kumugaragaro aho kwirigwa murica inzira karengane zabaturage mutera amagernade mutubari sibyo rwose mwurigwa muravuza induru kumaradio yose
    organisation niyo ikenewe kd nimushaka na support muzayisabe ubundi urugamba rukomere ntakindi

  • ivyubu nihatari ntabandi barundi bagandaguwe??? nibarekesha.

  • ahubwo,narengutswe,ubu,nyene

  • None? Wewe utungwa nibinyoma gusa, wagiye ureka ababaye bakivugira, none urashaka kuvuga ko ntabwicyanyi bukorwa na government yuburundi?

  • Ahubwo baribaratevye kuko uwo niwe mwicanyi karuhariwe ahubwo turasavye iyo sentare ngwinyarutse urwo rubanza hama atabwe mumvuto aje kwishura kumabi yirirwa arakorera abarundi kandi ariwe yarashinzwe kubakingira

  • IMBURAKIMAZI ZIRAMA KABISA. AHO MUZI KO UBURUNDI BUTAGONA BURI MASO? IZO MBURAMABOKO NTAKINDI ZISHOBOYE URETSE KUJURAGIZA ABARUNDI NUBURUNDI. I LAHAYE NTAKINTU KIRIYO NI MUTAHE MUSABE IKIGONGWE ABARUNDI TUBABABARIRE CANKE TUREKE KUKO MURI IBIMARAMARE.

  • iryo niterambwoba bariko bagira, babuze aho bakinira ahaho haragumye!! amakuru yokwizerwa avugako iryasentare yabateyivyatsi, tuboneyeho gusaba rete ko itotezura kwaruriya rubanza iheruka kwitwariramwo uryamubirigi Bernard Maingain kuceyi cubwicanyi yavuzeko bwakorewe ikaruzi muburundi, reta niyongereze inguvu kugirango akanyaro afise gahere......

  • None? Waronse ibigugu bikurusha ubushetani, @karorero, kamaro, cakira, nikigugu kizigenza Rusakumba, mwirementanya murabambere amaakuru adafise aho ahingiye uyasomye akamengo nukuri, mwebwe murikibi apuuuuuu muriko muroga abarundi kuvyiyumviro bibi mushikiriza, mwopfumye mugapfa aho kwica benshi muvyiyumviro. Ehe nkico Rusakumba nyagusakumba benese ingene gifise amacakubiri, Pacifique, Sinduhije na Maggy nibobonyene bari muri CNARED? Kombona bakizigenza muri CNARED arabahutu ko ataco ubavugako? Puuuuuuuuu

  • Abantu bashinzwe kwandika kugihe ndabagaye kuki mutandika commentaires zose hari izo mudahitisha kandi zirimo ibîntu vyubaka ahubwo mugahitisha izabo bicanyi ba nkurumbi

  • akogasatikajokunukirako canke uriumuroberi

  • Nimukomeze muregere abazungu nabewanyu bakomeze bicwe n’abasirikare bakomeze bicecekere kugirango babone ka mission ka Somalia nyumaaaaaa ubwenge buzagaruka mwicuze (wima amaraso igihu imbwa zikayanywera ubusa) ibyo mutikoreye ntazabibakorera

  • nibamushengeze,naweyuvme,ingeneyamazicirabandi,turabashimiyegose,abobashimgwamanza,nibadutabare,nayabandi,wap

  • NIMUSENGIMANA.MWANKA ABAVUGUKURI. KUMANA YONTIZODIDINGANYA NTAGITURIRE..NARENGUKE.

  • nibamutumek naw yishur.ko yama arucir abandi.ico udashak ko bakugirir ntukakigirir abandi

  • Ivyo Niterabwoba Ingwe Igutwaye Impene Igutanga Kuraka Ntidusamazwe Ahubwo Abafashe Vola Ni Bongeze Twibandanirize Urugendo

  • @Suredeal: nibyo kabisa "wima amaraso igihugu imbwa zikayanywera ubusa" none uwo uzajya muri mission nazana amafaranga azayarira he? bayasangire nande abo bavindimwe bishwe? barereke bahamagare papa wabo ONU ntibazi akaga yadusizemwo ikifatira indege ikagaruka twabirangije ngo ije gucimanza

  • Menge Yasaze Wonyene Afise Amakosa Nkayimbwayumukoma Akorela,abarundi Nonengoyakwitwaye Mrisentare Mpuzamakungu, Narekuzikizuru Nkumunero Waryokowiwe,umumenja Wumumenja,arakasweranyinawiwe.

  • NKWEZI

    BARAMURENGANYA NIBITWARIRE ABAHAMAGAJE IMIGUMUKO

  • nobamushengereze iyo mbwebge hamwe yamaze abantu

  • NIBABANZE BITWARIRE BUYOYA NABAHAMAGAJE ABANTU KTJA MUMABARABARA

  • Intungane Murazitwarira Ark Pacifique Na Sinduhij Na Buyoya Mubaha Indaro Sha Abazungu!Banza Mwitwarire Abo?

  • Iyimbwa ikozikosa yinyegez amaso gusango ntibayibonye nabo bazoteb bahanwe!

  • Nibamujan Mumunyororo Ahereyo Kuk Aburundi Baguma Bicwa Ntana Matohoza Akora Kandi Niradio Yigihugu Iricecekera Abacamanza Bo Muburundi Bos Bakwiy Guherera Mumunyororo Nabamenyesha Makuru Bisamirizi Y Uburundi Kuk Nibo Bagwiza Ubwicanyi Kk Batabushira Ahabona Mengo Nibihwiji.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.