IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Vaticano yahakanye ko umukuru wa M23 ari umusenyeri katolika

Vaticano yahakanye ko umukuru wa M23 ari umusenyeri katolika

mercredi 9 Nzero 2013

Ajansi vaticane Fides irabeshuza amakuru avuga ko Jean-Marie Runiga Rugerero arongoye igisata ca poritike c’umurwi M23urwanya Reta ya Kongo ko atari umusenyeri wo muri ekereziya katorika.

Amaradiyo amwe amwe yo mu mahanga yari yavuze ko uwo yahoze ari umupasitori wa Eglise congolaise de réveil yavyaye mu myaka ya 1990 Eglise Jésus seul Sauveur yigeze kuba umusenyeri gatorika w’i Goma.

Jean-Marie Runiga Rugerero avuga ko ari umusenyeri Gatolika, ari mu bakuru babiri b’umuhari M23 urwanya Reta ya Kongo. Abo bafatwa n’ibihano vy’inama y’umutekano ya Onu. Iyo nama itegekanya gufata amatungo yabo inkongera ikababuza kugira ingendo mu mahanga.


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.