Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Econet Wireless yaguze ishirahamwe U-Com (Leo Burundi) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Wireless yaguze ishirahamwe U-Com (Leo Burundi)

Econet Wireless yaguze ishirahamwe U-Com (Leo Burundi)

lundi 20 Gitugutu 2014

Ishirahamwe Telecel Globe ryamuka kuri VimpelCom, mu rwandiko ryashize ahabona, ryamenyesheje ko ryadandaje imitahe yayo yose mw’ishirahamwe Econet Wireless Global, kiretse iyo ifise muri Zimbabwe, ku mafaranga angana n’imiriyoni 65 z’amadolare y’Amerika.

Muri urwo rwandiko, Econet Wireless ubu niyo igaba ikaganza U-Com benshi bita Leo canke Telecel mu Burundi na Centrafrika. Urwo rwandiko rwashizwe ahabona na VimpelCom rukavuga ko yari yemeye kudandaza Telecel Globe mu rindi shirahamwe ryitwa Niel Telecom mu mwaka uheze w’2013, ariko bikaba vyaragoranye kuko iryo shirahamwe ritashoboye gushitsa amasezerano. Niel Telecom rikaba ryari ryashoboye kuriha ingwati y’amafaranga yari yumvikanyweko n’impande zose, ariko hageze kuriha amafaranga yari asigaye Niel Telecom biyibera umugani.

Mukamenya ko aha mu Burundi ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Leo risanzwe rifise abanywanyi bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu na mirongo irindwi. Econet Wireless naryo ryayiguze ubu rikaba rimaze gushika mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika nka Zimbabwe, Botswana, Afrika y’Epfo, Nigeria, Lesotho n’Uburundi.. Iryo shirahamwe Econet Wireless rikaba riguma rizana ubuhinga bushasha mu gisata c’ugutumatumanako amakuru muri ivyo bihugu ririmwo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.