Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Wireless yaguze ishirahamwe U-Com (Leo Burundi)
Econet Wireless yaguze ishirahamwe U-Com (Leo Burundi)
lundi 20 Gitugutu 2014
Ishirahamwe Telecel Globe ryamuka kuri VimpelCom, mu rwandiko ryashize ahabona, ryamenyesheje ko ryadandaje imitahe yayo yose mw’ishirahamwe Econet Wireless Global, kiretse iyo ifise muri Zimbabwe, ku mafaranga angana n’imiriyoni 65 z’amadolare y’Amerika.
Muri urwo rwandiko, Econet Wireless ubu niyo igaba ikaganza U-Com benshi bita Leo canke Telecel mu Burundi na Centrafrika. Urwo rwandiko rwashizwe ahabona na VimpelCom rukavuga ko yari yemeye kudandaza Telecel Globe mu rindi shirahamwe ryitwa Niel Telecom mu mwaka uheze w’2013, ariko bikaba vyaragoranye kuko iryo shirahamwe ritashoboye gushitsa amasezerano. Niel Telecom rikaba ryari ryashoboye kuriha ingwati y’amafaranga yari yumvikanyweko n’impande zose, ariko hageze kuriha amafaranga yari asigaye Niel Telecom biyibera umugani.

Mukamenya ko aha mu Burundi ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Leo risanzwe rifise abanywanyi bagera ku muriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu na mirongo irindwi. Econet Wireless naryo ryayiguze ubu rikaba rimaze gushika mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika nka Zimbabwe, Botswana, Afrika y’Epfo, Nigeria, Lesotho n’Uburundi.. Iryo shirahamwe Econet Wireless rikaba riguma rizana ubuhinga bushasha mu gisata c’ugutumatumanako amakuru muri ivyo bihugu ririmwo.
Aristide Nizigire
Messages
20 Gitugutu 2014, 21:52, par Kabizi
Bose ni abasuma bironderera ivyo birira!
Nta kunguko Umunyagihugu X wo muri komine Y azobona!
21 Gitugutu 2014, 00:52, par Nico
Vyemere nivyo!!
21 Gitugutu 2014, 09:25, par Murundi
None abasanzwe bakoresha ama cartes sim ya leo bazoca bayashirahe? Ndashaka ko journal igihe idutomorera. Merci.
21 Gitugutu 2014, 16:16, par Joseph
Twiyumvire ko econet izoduha akarusho mugutumatumanako mukugabanya ibiciro kuko Telecel Bdi yatuzimba birenze
21 Gitugutu 2014, 22:28, par NIBARISTE
None izoguma ari imihora 2 canke?
21 Gitugutu 2014, 23:29, par rema odin philippe
econet je ndayize kuko nakare ntiyazimba.
22 Gitugutu 2014, 04:04, par Ndikumana deo
Jewe sindavyumva none bizogendagutekobaguma bahindagura?leo igiyehe?mubiki?
22 Gitugutu 2014, 06:39, par Thirry
nn econet akarusho igie guha abanwanyi ba leo nakahe?nizereko tugie kubona bishasha
22 Gitugutu 2014, 23:09, par Ephraim
izoguma ari leo canke bazo hindura? abanywanyi bahora araba leo bo bizogenda gute?
23 Gitugutu 2014, 06:01, par Xavier
Wapi kweli,niyo mpamvu leo yahora iguma itwiba yagira igende? ubutungane. ariko kaze vietel tukurabe nawe. ico twosaba bose ni bitehp umwenegihugu,abone akarusho. mudukomereze connexion ya internet inyaruke ku giciro gito
23 Gitugutu 2014, 11:14, par Benjamin
Twagomba tubaze ko leo izokora nka leo canke nka econet kuko imihora yose ntikora kumwe,hariho imwimwe itwiba.Murakoze natwe turarindiriye akarusho
23 Gitugutu 2014, 14:45, par EMMANUEL
ECONET TURAGUSHIGKIY KK LEO YATWIBA CANE ARIKO UZOGUMIZEHO LIBERTE KU GICIRO KITAVUNA
23 Gitugutu 2014, 23:14, par NIYONKURU ISMAEL
vyemere nivyo n’ubu
24 Munyonyo 2014, 17:24, par Olivier
Erega Yihenda Ngo Ejo Sikera Ahubwo Ivuge Nti" Leo Ejo Ni Kera Ejo Subu"
13 Nzero 2015, 17:55, par Dieudonne
none ko muvuga ngo ni leo-econet nukuvuga ko carte sim ya leo twoyita?uwuzitunze zose naho bizogenda gute?muradutomorere merci.